Ikete uwarashe Rwagasore yandikiye abavyeyi biwe abasezera umunsi bwaca bamumanika.

Kageorgis umugiriki ari mu bari mu mugambi wo kwica Rwagasore, akaba mbere ari nawe yarashe umuganwa Rudoviko Rwagasore, yarandikiye abavyeyi biwe buca amanikwa agira ati:

 » Bavyeyi banje, mpejeje kuronka urwete rwemeza ko ikigongwe twari twasavye bakiduhakaniye. Ndavyibaza ko namwe mwabimenye, hanyuma ukunyongwa nzonyongwa ejo mu gitondo ca kare.

Ndemeza neza ko atari jewe jenyene nagirwa n’icaha. Iki caha categuwe n’abatware Harroy na Régnier. Ni kubera iyi sanamu (isanamu ntiyatanzwe) ya Iatrou yantegetse kubikora kubera yari akingiwe na Harroy.

Ndabasavye mumbabarire munasengere ukuruhuka kw’umushaha wanje. Ndizeye gushika ku munota wa nyuma, ariko abantu ni babi.

Imanikwa ryanje rizoba umutwaro ku ngoma y’ububiligi iriko ishaka kwiyeza yikura muri uyu mugambi. Ndabagumbiriye mwese ubwanyuma tuzoba dusubira.

Yari umuhungu wanyu Yohani (Jean) »

#Nagaciro

Related posts

Inyishu Rwagasore yishuye umuryango n’abandi bariko bamubuza kurongora umuhutukazi Marie Rose Ntamikevyo.

Amakuba umukenyezi n’abana ba Rwagasore bahuye na yo

Ibimenyetso nsimusiga vyerekana ko Rwagasore ata minsi yari asigaje atishwe