Abategetsi b’Urwanda bahagurukiye abitwaza inyambaro z’abakenyezi mu kubahohotera

Olivier Nduhungirehe umushikiranganji ajejwe imgenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu arakebura abagabo n’abasore bitwaza ko inyambaro y’abagore ibatirimutsa bigatuma bashobora gukorera amabi afatiye ku gitsina abakenyezi.

Mu Butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa X kuri uyu wa 6 Nyakanga 2026 umushikiranganji Olivier Nduhungirehe yagize ati :

 » Imyumvire myiza y’ubugabo irakenewe mu bagabo bose b’abanyarwanda. Ndibutsa ko kwama muremera abagore kuvyerekeye igitsina, haba ku mbuga ngurukanabumenyi canke imbonankubone, ari icaha gikomeye mu Rwanda. »

Ubu butumwa uyu mutegetsi yabwongeyeko amajambo avuga ko ata mugabo afise uburenganzira ku mubiri w’umugore kandi ko ata nyambaro ikwiye gufatwa nk’icitwazo co gutesha agaciro umukenyezi, kumukorera ihohoterwa canke kumukorakora, yongera avuga ko inzego z’umutekano no kwubahiriza amategeko zitazihanganira ibi bintu.

Aragira ati: “Nubwo nk’umuryango munini dushobora kuganira ku bijanye n’inyambaro n’inyifato ibereye, abagore bakwiye kwama bumva batekanye mu bikorwa vyabo vya minsi yose. Abavyeyi na bo bakwiye kwigisha abahungu babo kubaha abagore n’imibiri yabo.”

Bisa n’uko abategetsi burwanda bahagarukiye iki kibazo aho ibi bije inyuma ya Dr Murangira B. Thierry arongoye urwego rutohoza ku vyaha mu Rwanda RIB(Rwanda Investigation Bureau) yaheruka kuburira abagabo n’abasore bumva ko bafise uburenganzira bwo guhohotera abakobwa n’abigeme bitwaje inyambaro yabo.

Uyu arongoye urwego RIB yavuze ko inyamabaro umuntu yasisemwo idashobora kuba impamvu yo gucunaguzwa canke gukorerwa irindi hohoterwa iryo ari ryo ryose.

Thierry aragira ati: “Nta nyambaro y’umuntu ishobora gutuma canke kuba impamvu yo kuba yohohoterwa. Uko woba wambaye kwose ntabwo bikwiye gutuma uhohoterwa.”

Dogiteri Thierry avuga ko urwego mpanavyaha rwa RIB rumaze iminsi rubona ubutumwa bw’abasore bo ku mbuga ngurukanabumenyi bavuga ko abakobwa bambara impuzu ngufi babatera ukubipfuza, bakumva ko ivyo bibaha uburenganzira bwo kubahohotera, akaba yagiriyeko aburira abafise ivyo vyiyumviro ko inzego zibishinzwe zigiye kubakurikirana, kubera ata nyamabaro ishobora guha uburenganzira umuntu bwo guhohotera uyundi.

Yamara n’ubwo biri uko uyu mutegetsi yaribukije ko ukurwanya iri hohoterwa bidaha abantu uburenganzira bwo gukora ibikorwa vy’isoni nke mu bantu, kuko na vyo bihanwa n’amategeko.

Related posts

Ayo umuririmvyi w’umurundi Fizzo yahuye na yo kugira abe uwo ari uyu munsi

Mu marira menshi n’ibigumbagumba umuririmvyikazi Celine Dion yaraye agize igiteramo inyuma y’imyaka 6 akitswe n’amagara

« Mu Mana Za Mugera » ikibanza ceranda camyeho kuva imbere y’umuzo w’abazungu camye gihuriramwo abarundi isinzi baje kwambaza Imana.