Kidumu yahagurutse avugira abarundi bari muri Kenya igihugu yakoyemwo yongera atanga n’impanuro zikomeye.
Umuririmvyi w’umurundi Nimbona Jean Pierre batazira « Kidumu » yashikirije ubutumwa bukomeye inyuma y’ingingo ry’umukuru w’igihugu ca Kenya risa n’iryatumye abarundi bakorera muri Kenya bahungabana.
Inyuma y’ingingo y’umukuru w’igihugu ca Kenya ivuga ko hagiye kwirukanwa abakora utuzi duto duto muri Kenya, ivyatumye abarundi bakorera uturimo duto duto muri Kenya bari basanzwe basa n’abatabonwa neza muri ico gihugu bahungabana, ndetse bagasidukana n’iyonka kurondera impapuro zo gutaha ku nzu y’ubuserukizi bw’Uburundi muri Kenya, umuririmvyi Kidumu yaragize ico avuga ku rubuga rwiwe rwa facebook mu butumwa burimwo ibigumbagumba vyinshi bwakunzwe n’abatari bake.
Ni ubutumwa bumaze gukundwa(j’aime canke like) n’abantu bagera hafi ku bihumbi bitanu bukaronka n’inyishu muri bimwe bita commentaire canke comment zigera kuri 2000 gushika kuri uyu wa 8 Nyakanga 2026
Ubutumwa Kidumu ahanini yashikirije mu rurimi rw’icongereza n’igiswahili ubu bukagira buti:
» Ndi umurundi! ubu ndi mu rugendo rw’ibiteramo muri Canada. Kuva mu mwaka wa 1995, Kenya ni ho mba habaye iwanje, kandi nahisemwo kuba umunya Kenya n’umutima wanje wose. Umugore wanje ni Umunya kenya, twubakanye mu buryo bwemewe n’amategeko, kandi dufise abana bariko bariga muri Kenya.
Amafoto n’amakuru ndiko ndaronka ava i Nairobi arababaje cane. Abarundi n’abanyarwanda bakoze iki kugira bafatwe uku muri ubu buryo? Mbega amandazi, icayi canke ikawa vyabaye icaha ga bagenzi?( mandazi na chai ama kahawa jameni ni crime !?)
Ubuserukizi bw’igihugu cacu muri Kenya, mwoshobora guhagararira abantu bacu basi bagapfuma baronka uburyo butekanye bwo gusubira muhira mucubahiro!?(Our embassy ! Could you at least stand for our people at least they get a peaceful way to go home with dignity !?)
Umuririmvyi kidumu yahavuye yemera n’uko yotanga imodoka yiwe kugira ifashe mugutahana abantu, asabira Uburundi ku Mana yongera atanga impanuro ku barundi no ku bategetsi
Kidumu arabandanya agira ati:
« Ndafise imodoka yicaramwo abantu 11, kandi nditeguriye kuyitanga kugira ifashe gutwara abantu bose bakeneye gutahuka. » (I have an 11 seaters van i am ready to put it in anyone’s disposal to take people home.)
Umuririmvyi Jean Pierre Nimbona yabandanije asabira abarundi ku Mana kugira agateka Uburundi bwatakaje bugasubirane, ivyo yashize mu majambo akurikira:
« Mana, nimba vy’ukuri ndi umusavyi wawe, kandi nkaba naramaze imyaka mfasha abantu n’umushahara mutoya nkihanganira abantwenga batari bake, uno musi ndagusavye ikintu kimwe! subiza Uburundi iteka ryabwo bwatakaje kandi sintinya kubivuga. Ndazi ko aya majambo yoshobora no kuntwara ubuzima, ariko nivyaba ariko biri, nibibe.
Barundi muba mu Burundi, ntimugirire nabi aba Kenya baba mu Burundi. Ntimusubize inabi ngo n’uko abandi bariko babagirira nabi. Ibintu bibi bibiri ntivyigera biba ingingo! Guma mubungabunze abanya Kenya bari i Burundi. Ibi n’ivya politike bitegerezwa gutorerwa inyishu biciye muri politike.
Ntimukore ibibi kubera gusa ko hari ababibakorera. Ibibi bibiri ntivyigera bivyara iciza. Murinde umutekano w’abanya Kenya bari mu Burundi. Mbere na Tanzaniya ntikwiye kubijamwo ngo ifate nabi abanya Kenya. Ibi bizotorerwa inyishu biciye muri dipolomasi gusa(mubiganiro hagati y’ibihugu) . »
Ubutumwa bwa Kidumu murashobora kubwisomera aha munsi.