Ayo umuririmvyi w’umurundi Fizzo yahuye na yo kugira abe uwo ari uyu munsi

Woba umaze kwumva inkuru y’amakuba umuririmvyi Fizzo yabonye kugira abe uwo ari uyu munsi? Woba umaze kwumva uko yamaze umwaka wose mu rugendo rwo kuva mu Burundi aja muri Kenya, aho yahuye n’amakuba menshi agiye gusohora indirimbo ziwe zitatu za mbere zatumye anamenyekana? Tora agatebe tukuyagire.

Mu kiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru wo mu gihugu c’urwanda akorera ku mbuga ngurukanabumenyi aho bahuriye mu Buganda agiye gukora ibiteramo; Big Fizzo yavuze ko yatanguye atamba hanyuma aza gusanga atazoguma atamba ubuzima bwiwe bwose, gutyo ahitamwo kuririmba kugira abandi bazotambe nabo indirimbo ziwe.

Uko yatanguye umwuga wiwe wo kuririmba

Fizzo yatanguye umuziki ku myaka 16 avuye mw’ishure ariko adahejeje amashure kuko ivy’ukuririrmba vyaciye bimutwara, ariko urugendo rwiwe mu muziki gushika agere aho ageze ni rwo rutangaje.

Mugani Desiré batazira Big Fizzo avuga ko yari umwana akunda gukora utuntu nko kwiga ariko ntiyahejeje amashure, ikindi avuga n’uko yakuze atanezerewe kuko yivukana ari umwe bakaba bagiye kumukurikiza afise imyaka 19 ivyamuryoheye kuronka umuvukanyi; ndetse barahava biyongera n’uwundi. Ntitwoheza iri jambo tutababwiye ko Big Fizzo yavukiye mu Bwiza i Bujumbura.

Mu myaka ya 1998 umuririmvyi Kidumu yari ahejeje gusohora urukurikirane rw’indirimbo(album) rwiwe rwa mbere, aje mu Burundi yabasanze baririmbira ku midiho y’abandi(instrumental) ari batatu mu murwi bari bise « Nigger soul » aho bo nyene baheza bakifata amajwi bakaririmbiramwo kuko mu Burundi ata nzu yo guhinyanyura umuziki(studio) n’imwe yari bwabeho. N’uko Kidumu abona bafise impano zidasanzwe abemerera kubajana muri studio muri Kenya.

Fizzo avuga ko Kidumu ari we yamwinjije muri Studio irya mbere akanabimushimira cane gose. Aha niho Big Fizzo yaronse challenge yo gushika muri Kenya bivuye kuri Kidumu yababwiye bazoze muri Kenya abajane muri studio, aho Kidumu yababwiye ati « Muza n’indege, muza n’ikamyo muza na bus muza n’ikinga muza n’iki sinkeneye kumenya uko muzoza mwebwe gusa muzoze tubakorere muri studio  » Fizzo nawe aca avyandika i mutwe agira ati « Mpaka nanje nshitseyo »

Urugendo rw’ikaruvariyo(rugoye) rwa mbere kuri Mugani

N’ubwo batanguranye inguvu muri Nigger Soul ibica intege vyo ntibibura; umwe muri aba batatu batanguranye yahavuye apfa ahitanywe n’ingwara ya Tetanos uwundi aca acika intege arabiheba, ariko Fizzo we yaguma yumva hari ikintu abuze, urukundo rw’umuziki ruguma rumusunikira kubandanya. Aha niho yagize urugendo rwamaze umwaka wose ava mu Burundi aja muri Kenya.

Ng’uyo Mugani Desiré batazira Fizzo akubise amagendera ashoboka yose arashobora gushika i Kigali ariko ageze i Kigali amahera aramuherana abura uko abandanya mu rugendo ruja muri Kenya, mugabo mu mutwe iwe hagumye hari icipfuzo co gushika muri Kenya.

Abonye kimwagiye, yaciye atangura gukora akazi ko kumwa(kimyozi) i Kigali hasi, kugira aze araronka uduhera duke duke aheze abone kubandanya urugendo rwiwe.

Mu buzima bw’akazi ko kumwa i Kigali, Fizzo ntiyorohewe na gato kuko vyashika kenshi akiririrwa ibitumbura n’amazi y’isukari gusa kugira aronke utwo aza arabika tuzomufasha kubandanya muri Kenya.

Umumenyeshamakuru yaramubajije ati « Ubwo buzima wabumazemwo igihe kingana gute ? » Fizzo nawe ati « Umwaka wose. » umumenyeshamakuru yarashatse kumenya niba Fizzo yarasubiye i Bujumbura nawe ati:  » Oya sinasubiye inyuma. Bro je mumutwe nabona Nairobi nti I don’t have to go back… rwari urugamba..Navuga nti ntabwo nshobora gusubira i Bujumbura »

Ayandi mahigwe yahavuye amutwengeye i Kigali haza kuba exposition basaba abantu bashobora kuvuga igifaransa n’igiswahili bashobora kuba aba MC bagacangamusha abantu; Fizzo ariyandikisha akora ikibazo aca aba uwa kabiri araheza akora indwi zitatu bamuhemvye aca arabivamwo kugira abandanye rwa rugendo; afata uduhera yaronse n’utwo yari yagiye arabika muvyo kumwa araduteranya aca afata bisi(bus) aja i Kampala mu Buganda.

Mu nzira y’amahanga hirya y’Urwanda n’Uburundi

Fizzo ashitse i Kampala mu Buganda yahuye n’abasuma baramwiba vyose eka nta n’impapuro zimuranga yasigaranye.

Ariko arayerera mu mabarabara y’i Kampala yabonye ahantu bakubita umudiho wa Rap baza barakuranwa arabaza uko bigenda kugira uririmbe; bamubwira ko bisaba kwiyandika gusa, ariyandika amaze kuririmba abantu bose barumiwe na rap yiwe yo mugiswahili; bakabazanya bati « Uyu mu petit ni uwahe? »

Aha yahahuriye n’abandi baririmvyi babiri, uwitwa Crazy Native n’uwitwa Chaga yahavuye aba manager akomeye wa Wizo na Radio(abaririmvyi bo mu Buganda), baraheza baca batangura umurwi, uyu nawo uraheza utangura gutera imbere ukabaha uduhera. Yamara Fizzo we yabikora kugira yironkere uduhera two kubandanya i Nayirobi.

Umunsi umwe bari mu bikorwa vy’umuziki n’iyi groupe yiwe bahuye n’umuririmvyi w’umuganda Jose Chameleone aca aramubona amubaza ati « Fizzo uri ino?  » Chameleone yaciye abwira Furious ko atamusiga; arongera amumenyesha ko agira aje muri Kenya Big Fizzo nawe ati « Nanje nshaka kuja muri Kenya ariko baranyivye ibintu vyose » Chameleone amubwira ko atakibazo barondera uko bagenda.

Chameleone yaciye amukinira aka dili(deal) bamuha impapuro z’inzira za mukuru wa Jose Chameleone yitwa David Mayanja aba ari zo Fizzo agendako muri Kenya bari kumwe na Chameleone.

Dusubiye inyuma gato, Chameleone yibutse Fizzo kuko we yari amaze kuza mu Burundi aho ba Furious bamwakiriye neza. Ariko nawe ntiyari bwakomere gushika ku rwego ariko uyu munsi.

Chameleone na Furious barafashe urugendo baja muri Kenya Furious agenda yitwa David Mayanja ku mpapuro z’inzira, bashitse i Nairobi basanze umuntu bari gushikirako atariho ari, yafashe urugendo aja i Mombasa baca barara hanze be na Chameleone, kuko na Fizzo yagiye muri Kenya atagira n’inomero za telefone za Kidumu yari agiye kurondera; akavuga ko inomero za telefone bazibanye n’ibintu bamwivye agishika i Kampala mu Buganda.

Uko Imana yamutwengeye imupfunyiriza umuruho yari arimwo

Mu gatondo Chameleone yabwiye Fizzo ati « Eh mugabo hano hantu turaza kuhapfira ingo dusubire i Kampala. »

Baciye baja gutabuza impapuro z’inzira kugira basubire i Kampala, bahejeje gutabuza baca babanza kurondera aho bafungura. Wa wundi ati « Imana y’umworo baragendana » Furious yagiye abona aho hantu bagiye gufungura ari ho Kidumu avugiriza(live band), aca abwira Chameleone ati « Je uwo naje kurondera ndamubonye » atabura i tike(ticket) yari yatabuje yo gusubira i Kampala yigumira kwa Kidumu Chameleone nawe asubira mubuganda wenyene.

Big Fizzo yaciye agumana na Kidumu amujana muri studio asohora indirimbo ziwe zitatu za mbere; izi zatumye amenyekana igihugu cose abantu baramwinginga ngo aze mubiteramo asubira i Bujumbura Kidumu amurihiye urugendo rwiwe rwa mbere n’indege, gutyo agaruka mu Burundi akora ibiteramo igihugu cose akoresheje izi ndirimbo ziwe zitatu; gushika n’aho ama sigise amuborera kubera ukuntu yabona yakunzwe igihugu cose, Kidumu aranamusaba ngo agaruke muri Kenya kugira bakore urukurikirane rwose(Album) nawe aranka kuko yabona mu Burundi afashwe nk’umwami. Yagiye gusubira gusohora indirimbo haciye igihe hatanguye kuza inzu yo guhinyanyura indirimbo(studio) ya mbere mu Burundi inzu yitwa Menya Media Studio yakoramwo umuhinyanyuzi yamenyekanye cane muri iyo myaka yitwa Jérémie.

Haraciye imyaka myinshi ivyo bibaye ariko n’ubu Mugani Desirée yarabandanije umuziki n’inguvu nyinshi gushika n’ubu mbere akaba agikunzwe cane; ndetse n’iki kiganiro akaba yagikoreye mu Buganda aho yari agiye gukora igiteramo.

Related posts

Mu marira menshi n’ibigumbagumba umuririmvyikazi Celine Dion yaraye agize igiteramo inyuma y’imyaka 6 akitswe n’amagara

Kidumu yahagurutse avugira abarundi bari muri Kenya igihugu yakuyemwo umukenyezi yongera atanga n’impanuro zikomeye

Abategetsi b’Urwanda bahagurukiye abitwaza inyambaro z’abakenyezi mu kubahohotera