Canjo Amissi yavukiye ku mutumba wa Shikiro mu ntara ya Ngozi mu mwaka wa 1957, se yitwa Mfyisi Husseni nyina Asina, se akaba yari mw’idini ry’aba Islam akaba yakunda ivy’imico n’akaranga, imigani n’ibitito, ivyo n’umuhungu wiwe yahavuye agenderamwo.
Canjo yatanguye guhahamira ivy’umuziki akiri umwana muto cane, aho yahora abona umugabo akora imbabura azwi kw’izina rya Amuri, acuraranga agatari maze nawe bikamuja imutima.
Canco yagiye kuronka igitari ca mbere c’igikorano ari kw’ishure ku Ruganza mu Kayanza, mbere yiga gucuraranga uturirimbo twaca cane kw’iradiyo y’igihugu, uturirirmbo tw’abafaransa canke tw’abanyamerika, atangura guteramisha bagenziwe b’abanyeshure.
Afise imyaka 20, niho yaja guhiganwa i Bujumbura mw’ihiganwa ryari ryateguwe n’ubushikiranganji bw’urwaruka n’imicokama, maze indirimbo yiwe ntacica nk’irungu irabica biracika binatuma atsindira iryo higanwa.
Haciye amezi abiri, yinjiye mu murwi « Orchestre National du Burundi » wari uheruka gutanguzwa n’umushikiranganji w’urwaruka n’imicokama, araheza aca ahasohorera ya ndirimbo « Ntacica nk’irungu » iraheza ikwira hose.
Aho i Bujumbura Canjo Amissi yahakorera umwuga wo gucuraranga no kuririmba akongera akigisha no kw’ishure ENE (École normale de l’État) akaba yari yahaje ahejeje amashure kuri Don Bosco i Ngozi.
Yarashatse kubandanya na kaminuza y’Uburundi kugira anonosore ivyigwa vy’indimi, ariko ayivamwo akiyitangura kubera umurwi mushasha « Amabano » waheruka gushingwa, wari uhurikiyemwo abaririmvyi b’abarundi bari barahunze baheruka gutaha bava i Nayirobi muri Kenya, baza bari mu murwi bita « Explorers » aha twovuga abaririmvyi nka Nikiza David, Afrika Nova n’abandi.
Umurwi amabano ufashijwe n’uwari arongoye iradiyo y’igihugu Athanase Karayenga, wararonse ivyuma bishasha, utangura ibiteramo, aho wagize igiteramo ca mbere mu mwaka wa 1978 mu nzu y’ibiteramo yo kuri Saint Esprit, aho mbere uwari arongoye iradiyo y’igihugu yavuze ko baharonkeye amahera menshi.
N’uko Canco yavuye muri Kaminuza mu mwaka wa 1979, yiyegurira ivyo kuririmba mu murwi Amabano, ahamagawe n’iradiyo y’igihugu yari ifadikanije n’uwo murwi.
Mu Mabano yarahakoreye indirimbo zitari nke harimwo ururirimbo « Ewe Burundi ngira ndakuririmbe » rwahavuye ruba ari rwo rukoreshwa mu kwugurura ibiganiro vy’imboneshakure y’igihugu yari yuguruwe mu mwaka wa 1984.
Mu mwaka wa 1981 Canjo Amissi yaratsindiye ihiganwa prix découvertes RFI ryaheruka gutanguzwa n’iradiyo y’abafaransa RFI muri uwo mwaka nyene, mu ntumbero yo gushira ahabona impano z’abany’Afrika.
Canjo Amissi yaratsindiye kandi ihiganwa prix Calao i Dakar muri Sénégal, indirimbo ziwe zikaba zikoreshwa henshi, mbere bikaba bivugwa ko agace k’indirimbo yiwe « Umugabo w’ukuri » kakoreshejwe mw’ireresi y’abanyamerika » Master of None » ica kuri Netflix mu gace kayo ka 6 (épisode 6) mu mwaka wa 2017.
Canjo Amissi yitavye Imana mu mwaka wa 1996 italiki 6 z’ukwa kane n’ubwo umuryango wiwe utavyemera, ukavuga ko uwabo atubahirijwe nk’uwakorereye igihugu ciwe, akarorero n’iyo taliki umuryango wiwe uvuga ko bama basaba ko yohindurwa kuko ubushikiranganji bwanditse ko yashengeye italiki 6 kandi we yashengeye kw’italiki 3 z’ukwakane 1996
« Ntibigeze biyumvira no guhindura ikosa bagize ku munsi yashengereyeko. Kubisanzwe bibuka umuhisi Canjo kw’italiki 6 z’ukwa kane kandi yashengeye kw’italiki 3 z’ukwa kane muri 1996 aca ashingurwa uyo munsi nyene. Ubushikiranganji bw’imico kama busanzwe buzi iryo kosa. Ku muryango italiki 6 tuhibuka ibindi bintu. » bivuga umupfasoni wa Canjo ari we Cathérine Majanja batazira « Cathy » aho yariko aganira n’ikinyamakuru « Jimbere »
#Nagaciro
Aya makuru yegeranijwe hifashishijwe amakuru yaciye kuri Wikipedia, Jimbere Magazine / /Isanamu y’imva: ©Bishasha News blog