Ingingo yo guca ihadabu ry’amafaranga 1 751 000 uwaragiye impene 17 yarahagaritswe na musitanteri wa Busoni.
Kuri uyu wa 24 Ntwarante 2026, François Xavier Karenzo yarahagaritse ingingo yo guca amande y’umurengera yari yafatiwe umworozi w’impene Célestin Nsengiyumva. Ni inyuma y’aho impene 17 z’uwo mworozi zari zabonywe ziyerereza kuwa 15 Ntwarante 2026. Musitanteri wa Busoni akaba yafuse iyo ngingo asanze umukuru wa zone Cumba yaciye ihadabu mu gutahura nabi ingingo ya 33 na 34 y”itegeko rihana uwufashwe ibitungwa vyiwe vyiyerereza canke biragiwe ahatari iwe.
Izo ngingo zikaba zerekana ko uwo igitungwa ciwe gifashwe ciyerereza canke kiri mu buragiro bw’uwundi ahanishwa ihadabu riri hagati y’amafaranga 1000 n’ibihumbi 10 ku gitungwa kimwe. Nayo ingingo ya 34 itomora ko uwukora akazi ko gucungera (kuragira) ibitungwa yofatwa ibitungwa vyona imirima y’uwundi ahanishwa igihano co gupfungwa amezi 2 kuduga hamwe n’ihadabu riri hagati y’amafaranga ibihumbi 50 n’ibihumbi 100.
Mu rwete Célestin Nsengiyumva yanditse kuri uyu wa 24 Ntwarante 2026, akaba yaremeje ko inyuma yo kwiga bagasanga yaciwe amande menshi basanze yari kurihishwa ihadabu ry’amafaranga 3000 ku mpene imwe imwe. Ku mpene 17 akariha amafaranga ibihumbi 51. Nayo uwari yaturukije izo mpene agacibwa amande ibihumbi 100. Uwo mworozi akaba yaciye asubizwa amafaranga 1 600 000, maze arihishwa ihadabu ry’amafaranga 151 000.