Muganga Oscar Nimpaye yasubirijwe mu mabanga yo kurongora ibitaro “Prince Régent Charles”.
Ibitaro Prince Régent Charle bigiye kuramutswa muganga Vianney Ndayishimiye yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuri uyu wa 18 Ntwarante 2026 rimushira mu mabanga yo kurongora ibitaro “Prince Régent Charles”.
Ni mu gihe muganga Denise Ndayishimiye nawe yagenwe kuba icegera c’umuyobozi w’ivyo bitaro.
Tubibutse ko mw’ishirahamwe ALUCHOTO baheruka gushira ahabona amanyanga yakorwa na Oscar Nimpaye yahora ari umuyobozi kuri ivyo bitaro. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Vianney Ndayisaba, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe ALUCHOTO yamenyesheje ko uwo yari arongoye ivyo bitaro aha akazi abo mu muryango wiwe bidaciye mu mategeko.
Nayo mu bafata ingingo zikomeye muri ivyo bitaro ngo bari abo muganga Oscar Nimpaye yishiriyeho kandi ngo nabo ni abiwabo nk’uko vyari vyashikirijwe n’ishirahamwe ALUCHOTO.
Kuri ivyo yaregwa, Muganga Oscar Nimpaye yarabihakanye aho yashikirije ko ku ruhande rw’umuyobozi akora ibihuye n’amategeko.