kumbure woba warigeze kwibaza nawe ko inkuba ari isake canke igikona nkuko bamwe bavyibaza. Inkuba none n’iki ? twoyikingira gute?
Inkuba ni umwe mumiyagankuba ishobora kuba mu gicu imbere, ivyo bakaba bavyita ”décharge intra-nuageuse” canke ukabaho mu kindi bita ”décharge inter-nuageuse” ibi navyo ni mu gihe ibicu bibiri canke birenga bihuye bigasekana bidasangiye ubwoko bw’imiyagankuba.
Uyu muyagankuba rero ushobora no kuba hagati y’igicu n’isi. Ikinyamakuru c’abafaransa Le Figaro kivuga ko muri iki gihe habayeho ibomborabombora ry’ivyimiyagankuba hagati y’igicu n’isi, umuyagankuba uca ufata inzira twovuga ko iworohereza ari nko mu giti, mu nstinga, mu muntu canke n’ibikoko.
Uyu rero uba hagati y’igicu n’isi niwo ushobora kwonona ibintu canke ukabangamira ubuzima bw’abantu n’ibikoko.
Ikinyamakuru le Figaro kibandanya kivuga ko iyo uwu muyagankuba uciye nko hejuru y’urukoba rw’umuntu, ushobora kumuturira bikomeye canke bidakabije, ariko ngo iyo uciye hagati mumubiri w’umuntu ho ngo kenshi uhitana ubuzima bwiwe.
Inkuba yama iherekezwa n’ibintu bibiri bita ”tonnere” hamwe na ”eclair” ibi navyo akaba ari umuturagaro hamwe n’umuravyo.
None ni gute twokwikingira inkuba?
Iki kinyamakuru kiratanga uburyo butandukanye umuntu yokoresha kugira yirindi gukubitwa n’inkuba. Ubwambere baravuga ko inkuba kenshi ikubita ibintu vyo hanze, ngo umuntu rero yobanza akaraba uko ikirere kimeze imbere yuko akora ibikogwa vyo hanze nk’urugendo n’ibindi.
Iyo naho igitutwa c’imvura gishitse ngo umuntu asanzwe ari hanze nko ku rugendo, ngo yokwirinda cane kuja hafi y’ibintu birimwo ubwoko b’ivyuma nk’ingo bita mu rurimi rw’igifaransa ”clotures” ivyo bacishako instinga z’amatara bita ”pylônes”, kugira ntahave akogwako n’uwo muyagankuba uciye muri ivyo bintu.
Imvura imaze kugwa ngo umuntu yokwugama mu modoka canke mu nzu ariko ngo akirinda cane kwugama munsi y’ibiti, isenga ry’ibuye, akazu gato kari mu gahinga ukwakonyene, aha barongerako na turya tuzu tuba turimwo ama telefone yo kw’ibarabara ”cabine téléphonique” (utu tuzu dukunze kuboneka mu bihugu biteye imbere )
Umuntu ngo ashobora kandi gusasa hasi ivyo bita ”matériaux isolants” ni ukuvuga ibintu bidahuta bireka ko umuyagankuba urengana. Aha batanga akarorero k’ihema, amapine, uruboho gw’umugozi canke impuzu z’imvura bita ”impermeable”
Ikindi ngo niba uri ahantu udashobora kwugama ngo pfuma upfukama hasi canke uryame wizinze ahantu hashashe kugira wikingire ivu.
Abahinga bavuga kandi ko bibujijwe cane guhagarara amaguru atandukanye canke kwiruka iyo hari igicu c’imvura. Iyo muri mumurwi naho mwotandukanana, n’imiburiburi mukaja kumetero zitatu hagati ya bamwe n’abandi.
Ikindi abahinga bavuga n’ukuraba neza ko mudafise ikintu kirimwo icuma giseruka hejuru y’umutwe, canke mbere mukaba mucambaye vyiza ngo mwogikura.
Iyo mwariko muroga naho, canke amaguru yanyu ari mumazi yakuremwo vuba. Mwirinde no kuja ku mutwe w’umusozi iyo mumaze kubona ko hagira hagwe imvura, pfuma mumanuka hasi nko kumetero 30.
Baravuga kandi ko hari n’igihe inkuba ishobora kwonona inyubakwa, muri iki gihe hari uburyo bwategekanijwe bw’ivyuma bashira ku nzu bita ”paratonnerre” umuntu yokoresha. Ariko mu nzu zitagira ubwo buhinga, umuntu yokwirinda gukora ku bintu vy’ivyuma biri mu nzu imvura iriko irarwa, aha baravuga nk’amabomba yo munzu, canke ibindi bikoresho vyo munzu vy’ivyuma.