Alexis Nimubona, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri OLUCOME yavuze ko abadandaza 5000 harimwo 3500 bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura batakaje ubuzi n’ibidandazwa vyabo, ibi akaba yabishikirije kuri uyu wa 27 Nzero 2026, inyuma y’imyaka 13 isoko nkuru ya Bujumbura ihiye, aho mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko benshi muri abo badandaza ubu barwaye indwara zo mu mutwe, abandi basubira iyo bavuka ataco bajanye.
Muti ivyo gusha kw’iyi soko vyagenze gute?
Hari isaha imwe y’igitondo (7:00) kuwa 27 Nzero 2013, aho umuriro waturira isoko nkuru ya Bujumbura (umurwa mukuru w’ubutunzi). Umuriro wateye iyo soko nk’igitero ku gihugu c’Uburundi, yari isoko ifatwa nk’ihemero ry’ubutunzi bw’Uburundi.
Nk’uko vyemezwa n’urunani COSYBU, uru runani ruvuga ko abadandaza 5000 bahatakarije ubuzi ndetse n’ibidandazwa vyabo vyahiriyeyo. Bamwe muri bo bararwaye mu mutwe abandi basubira ku mitumba bavukako ataco bafise mu mifuko yabo.
Isoko yubatswe kuri COTEBU muri zone Ngagara ngo ifashe ababuriye ivyabo mw’isoko ya Bujumbura ntiyatanze umusaruro mu myaka 12 kuko itari yubatse neza. Muri OLUCOME bavuga ko muri 2024 ico kibanza cahoze ari isoko cahavuye gikuburwa inyuma y’imyaka 11.
Aha OLUCOME ivuga ko ari akamaramaza ukuntu imyaka 11 ihera ikibanza kitagira isuku kuko bigira ingaruka mbi ku magara y’abantu bakorera irya n’ino yayo hamwe n’ibidukikije.
Mbega hoba harabayeho umugambi wo gusubira kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura?
Amwe mu mashirahamwe yarasavye kwubaka iyo soko ariko biranka.
Nk’uko bivugwa na OLUCOME ngo ishirahamwe Cino_Afrique ryarabisavye muri 2014 ariko OLUCOME ngo rirafise ivyemezo ko iryo shirahamwe ryari iryo umutegetsi akomeye yaserukira Uburundi muri Chine yabicishije ku mugore wiwe ariko ngo ntaburyo bukwiye ryari rifise.
Muri 2017-2018, ishirahamwe ry’amabanki n’ibisata vy’ubutunzi, ABF naryo ryarabisavye ariko biranka.
Reta yahavuye yemerera ishirahamwe UBAKA_NATION_GROUP muri 2024 gutunganya no kubaka ico kibanza ariko naryo Reta yahavuye ivuga ko ata buryo rifise.
Ni mugihe hari abari bamaze gutangamwo imitahe yo kubaka iyo soko.
Igenekerezo rya 24 Kigarama 2025, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ubutunzi, Alain Ndikumana yamenyesheje ko ibikorwa vyo kwubaka isoko ya Bujumbura bigiye gutangura harimwo imitahe ya Reta ingana imiriyaridi 20. OLUCOME ivuga ko ishima uko gushaka kwa Reta, ariko ikagumana amakenga kuba indagano (promesses) zama zavuzwe, imyaka 13 ikaba irangiye atagikozwe.
OLUCOME ivuga ko umutahe leta yashize mu vyo kwubaka isoko ari muto cane.
Nimiburiburi imiriyaridi 500 nizo zizokoreshwa mu kwubaka ahahoze isoko ya bujumbura, ariko Reta ikazoshiramwo imiriyaridi 20. OLUCOME ikaba itewe impungenge n’uwo mutahe ibona ko ari muto. Aha OLUCOME isaba Reta gushiramwo umutahe ukwiye.
Uruhombo rw’ibice 20% vy’amafaranga Uburundi bwakoresha, imyaka ibaye 13 ataboneka kubera yava muri iyo soko. OLUCOME ngo iratangazwa no kuba umenga umuriro waturiye isoko ntacigwa vyasigiye Reta y’uburundi. Aha iryo shirahamwe risigura ko ata ngingo zigeze zifatwa zo gukingira ayandi masoko, mu gihe umuriro uturira amasoko uboneka nk’ikiza. Ngo amasoko yabandanije yubakwa akaba adasiga aho ibiduga bizimya umuriro vyoca mu gihe vyoshika bigakenerwa.
Muri OLUCOME bavuga ko bafise inyota yo kumenya igituma hatigeze hakorwa amatohoza azana umuco w’igituma amasoko asha hamwe n’abatuma uwo muriro wibonekeza maze ngo baheze bajanwe imbere y’ubutungane.