Umunsi w’ejo hahise wari umunsi wahariwe ukurwana mu nda. Mbega wari uzi ko abahinga bavuga ko kurwana mu nda ari umuti w’umunezero?
Italiki ya 21 Nzero wama ari umunsi mpuzamakungu wahariwe ukurwana mu nda(Journée mondiale des câlins ) ariko mu Burundi ho ni bake bamenya ko uwo musi wo kurwana mu nda ubaho.
Muri leta zunze ubumwe za Amerika uyu munsi usanzwe ukomeye bakaba bawita “National Hug Day” canke “National Hugging Day”. Ni umunsi mukuru uzwi cane no mu bihugu nka Australia, Royaume-Unie, Ubudagi, Pologne n’Ubufaransa.
Abahinga bavuga ko ukurwana mu nda gutuma umubiri usohora uturemangingo”Hormones” nk’utwo bita “Ocytocine”, “Dopamine” na “Endorphine” dutuma umuruho ukabije “stress” uyu muruho ukaba udasanzwe ushobora gutuma wumva wosara. Utu turemangingo turatuma umubiri ukora neza kandi ugira umutekano, eka mbere ukaryoherwa.
Uku kuba umubiri utekana ukaryoherwa navyo bituma umubiri ushobora kugira ubushobozi bwo guhangana n’Ingwara nka “Infections” canke ingwara ziterwa n’ubukonje bukabije “maladies hivernales”
Ukurwana mu nda rero ngo bigira akamaro kanini kuwo bigiriwe yaba umugenzi, umukunzi canke igikoko gitungano. Abahinga bakavuga ko ku vyirwa vyagizwe basanze ukurwa mu nda umuntu amasegonda 20 vyonyene bikwiye kugira umubiri wa nyene kugubwa mu nda uronke ibi vyiza vyose.
None umunsi mpuzamakungu wo kurwana mu nda wazananye he?
Umunsi mpuzamakungu w’uwa 20 nzero wahariwe ukurwana mu nda watangujwe n’umupasitori w’umunyamerika afise ipete rya révérend yari yabonye ko mu ntango y’umwaka abantu bose usanga bafise ugutakaza umutwe ivyo bita kudeprima(tout le monde était un peu déprimé) ivyo pasitori yabona ko vyohezwa no kurwana mu nda.
Ikinyamakuru Radio France candika ko mu mwaka wa 1986 uyu mu pasitori yatanguje ico yise Hug Day casaba ko abantu baja mw’ibarabara ahaca abantu benshi canke ahakoranira abantu benshi “lieu public” bagasaba uwo babonye wese bahisemwo, kandi akabibakundira ko barwana mu nda.
Uyu munsi wo kurwana mu nda none udufasha iki?
Iki kinyamakuru c’abafaransa (Radio France) kivuga ko uyu munsi mpuzamakungu wo kurwana mu nda ari ukutwibutsa ko ukurwana mu nda ari nkenerwa kugira tumererwe neza, mbere ukaba nkenerwa no mu buzima bwa minsi yose.
Iki kinyamakuru candika kandi ko kugira umuntu yiyumve amerewe neza ari nkenerwa ko yorwana mu nda iminuta 7 ku munsi, canke ukurwana mu nda incuro zine ku munsi(quatre câlins par jour)
Baravuga kandi ko abana bakura neza iyo bakuze babona abavyeyi babo barwana mu nda, aho kandi bavuga ko ukurwana mu nda ari nkenerwa kugira inzoya zibandanye zibaho.
Ukurwana mu nda ni vyiza no ku magara y’abakuze kubera umubiri uheza ukarekura twa turemangingo tw’umunezero (hormones du bonheur et du bien-être) bita ocytocine, dopamine,endorphine.
N’ubwo biri uko kuva mu mwaka wa 2024 kimwe mu bibuga vy’indege vyo mu gihugu Nouvelle-Zélande kirabuza ukurwana mu nda kurenza iminuta itatu kugira uruja n’uruza rugende neza.