Gusohora intanga hakiri kare ivyo bakunze kwita kurangiza vuba (#éjaculation précoce), vyoba biva kuki? Bifata bande? Mbega biravurwa? Tugira tubice irya n’ino muri ino nkuru yaciye ku rubuga rwa passeportsante muri Munyonyo 2024 dukesha muganga Catherine Solano.
Inkomoko zo kurangiza vuba
Nk’uko tubisoma muri iyo nkuru, kurangiza vuba ni imwe mu ngorane zikunze guhungabanya ubuzima ndoragitsina bw’abagabo batari bake. Inkomoko zayo ni nyinshi kandi zitandukanye.
Iyi ngorane ishobora kuva ku migenzo y’umuntu (#comportement), canke ku magara yiwe (#psychologie et #neurobiologie), ndetse ahandi bikava ku ndinganizo ndemanwa (#génétique).
Kimwe gusa muganga Catherine Solano yibutsa ni uko bigoye gutomora neza ico twotegera iyo turiko dukoresha iryo jambo “kurangiza vuba”. Mu kurisigura yifashisha ibimenyetso bitatu bihurizwako na benshi:
ugusohora intanga bishika mu mwanya muto cane inyuma y’aho umugabo n’umugore batanguye imibonano mpuzabitsina kandi bikaba batavyipfuza;
canke igihe umugabo adashobora kwihangana ngo abwirize umubiri wiwe gusohora imbuto umwanya abishakiye; hamwe kandi n’ingaruka mbi bigira mu nyifato ziwe zo mu mubano.
Hari ubwoko bubiri bw’ico twita kurangiza vuba:
Ubwoko bwa mbere ni igihe vyibonekeza buri mwanya wose umugabo akoze imibonano mpuzabitsina ubuzima bwiwe bwose; Ubwoko bwa kabiri ni igihe umugabo atanguye gusohora intanga hataragera kandi atabihoranye, muri iki gihe muganga avuga ko bishobora guturuka ku ndwara yanduye canke kw’ihungabana ry’uburyo umubiri wiwe ukora canke iyindi ngorane mu vy’inyifato.
Ni bande bashikirwa n’iyo ngorane yo kurangiza vuba?
Muganga amenyesha ko naho bigoye kuronka ibitigiri nyezina vy’abafise ico kibazo, hari ivyigwa vyakozwe vyerekana ko hagati y’ibice mirongo ibiri na mirongo itatu kw’ijana (20-30%) vy’abagabo bashikigwa n’iyo ngorane.
Yamara muganga Solano arahumuriza abagitangura kugira imibonano mpuzabitsina ko batotsitazwa n’uko babonye barangije vuba kuko ngo mu ntango canke iyo basubiriye inyuma y’igihe kinini cabure iyo bahuye n’umuntu mushasha niko bikunze kugenda kandi birasanzwe. Abandanya avuga ko vyotera impungenge mu gihe bibandanije kandi bigatesha umwumvikano w’abubakanye.
Ariko uko umuntu akura yongera yimenyereza gukora imibonano mpuzabitsina kenshi n’uwo bashimanye bitera bigabanuka. Aho ni mu gihe abakiri bato canke abaheruka gushimana usanga bagaragaza ivyo bimenyetso kenshi.
Tubamenyeshe ko ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivyerekeye ubuvuzi ndoragitsina (Société Internationale de Médecine Sexuelle_ISSM mu mpfunyapfunyo) risigura ko kurangiza vuba bivugwa iyo umugabo asohora intanga atárābīra canke ntarenze umunota umwe inyuma y’aho yinjije igihimba c’irondoka ciwe mu gihimba c’irondoka c’umukenyezi wiwe.
Ibi bisigura ko abantu badakwiye kuvuga ko umuntu arangiza vuba mu gihe ibanga ry’ukwabirana #pénétration ritarangutse. Kubw’iryo shirahamwe, abagabo bashika ibice bitanu kw’ijana vy’abafise ikibazo co kurangiza vuba basohora imbuto imbere y’ukwābīra.
Ico umuntu yokora mu kuvura iyi ngorane yo kurangiza vuba
Mu gihe umugabo yibonyeko ibimenyetso twavuze biranga iyo ngorane, ico yokwihutira gukora ni ukugira imyimenyerezo imwimwe mu gihe co kurangura amabanga mpuzabitsina. Iyo nayo ni nka: gusaba umufasha wiwe gukabakaba igihimba c’irondoka ciwe gushika agere ku vyishimo hanyuma imbere yuko asohora intanga agahagarika akanya gato maze, ubushake bugabanutse, agaheza agasubira (ubu buryo bakunze kubwita “technique du stop and go”), canke agakoresha uburyo bwitwa “squeeze” nabwo bukaba bushingiye ku gufyonda umutwe w’igihimba c’irondoka c’umugabo igihe umugabo yumvise ko agira asohore intanga. Uko agenda arimenyereza gutyo kumenya umwanya agiye kurangiza, niko umubiri wiwe awurera ngo ntube ugisohora imbuto ziwe atabishatse.
Ndetse ivyo, arashobora kuronka ubufasha bw’umuganga w’umu #urologue mu gihe bigaragaye ko ingorane yiwe yadutse kubera indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka. Hariho umuti umaze kwemerwa mu buvuzi bw’ibihugu vyo ku mugabane wa buraya witwa #dapoxétine uzwi cane kw’izina ry’ubudandaji ryawo #Priligy. Bawufata hagati y’isaha imwe n’amasaha atatu imbere ko binjira mu gikorwa co guhuza ibitsina. Ibipimo vyarerekanye ko ukora ningoga mu mubiri kandi ukavura neza mu ndwi 12 umuntu awufashe neza.
Ubundi bufasha bukunda ni ubwo kwitura umuganga w’umu #sexothérapeute avura ivy’inyifato ndoragitsina