Ushobora kuba wari umaze kwumva ko urukundo hagati y’abubatse canke hagati y’umukobwa n’umuhungu rutarenza imyaka itatu. Ukaba utari bwavyumve naho reka twumve ico abahinga babinonosoye babivugako.
Abahinga biga ku miterere y’imitsi y’ubwonko bw’umuntu “neurobiologistes” bavuga ko ubwonko bw’umuntu ari mu rukundo burangwa n’ibikorwa binyuragirana mu bihimba vy’umutwe vyakira imisemburo(hormone) izwi nka Ocytocine.
Iyi misemburo ya Ocytocine aba bahinga bavuga ko umubiri uyikora ku bwinshi mu gihe umuntu ariko arasomana n’uwundi (ugusomana kw’abakundana) canke iyo umuntu arangije mu mibonano mpuzabitsina(orgasme) canke ndetse no mu gihe c’ukwibaruka.
Aba bahinga bavuga ko iyi Ocytocine yaremwe kugira itume umuntu yiyumvamwo uwundi ataco arinze kuraba, eka n’aho bokubwira ko uwo ukunze ari umunyamanyanga wewe ntuheza ngo ubibone kubera iyi misemburo iryosha ubuzima bwawe ku buryo mbere naho wofatira umukunzi wawe mw’ikosa unavyirengagiza kuko uba ufise icunyunyu ca Ocytocine kiguhwikira.
Umuhinga(neurobiologiste) azwi ku mazina ya Lucy Vincent, avuga ko iyi ocytocine yaremwe kugira ikiremwa muntu ntigihone kw’isi kuko ituma abantu bakundana ataco baravye gushika banavyare n’umwana wa mbere. Uyu avuga ko kenshi umwana wa mbere amaze kuvuka haba hariko hegereza ikiringo c’uko iyi misemburo irangira.
Iyi Ocytocine aba bahinga bavuga ko igenda iragabanuka hakagera igihe igahera haciye umwanya abantu babiri bakundana, mbere bamwe bakaba batarya umunwa mu kuvuga ko mu gihe c’amezi 36 iba irangiye. Ni ukuvuga imyaka 3
Muri iki gihe urukundo ruba rutakiyobowe n’iyi misemburo ya Ocytocine niho umuntu aheza akabonesha n’amaso yiwe y’ukuri uwo bakundana uwo ari we. Muri iki gihe ubona neza amabi yose y’uwo wakunze atakigufutse amaso, ukabona neza uko ateye ku mubiri canke ku mutima.
Umuhinga “neurobiologiste” Lucy Vincent yanditse igitabo citwa “Petits arrangements avec l’amour” avuga ko umuntu atoca ageguza ngo ashinge ikiringo ntarengwa c’aho uru rukundo ruherera ariko avuga ko bizwi ko iyi misemburo ya Ocytocine hagera igihe igaherengetera.
Lucy Vincent avuga ko igihe Ocytocine iba iheze mu mubiri w’umuntu haba hageze ko umuntu asubira kuba we w’ukuri akibonera n’amaso yiwe, iki gihe uyu muhinga yacise “réveil douloureux”. Vincent avuga ko haba hageze kandi ko ari we ugira amahitamwo, nyomba uhitamwo gukunda rwa rukundo bita urw’ukuri ukunda umuntu ataco urinze kuraba canke ko ubivamwo.
Yves Dalpé umwanditsi w’igitabo “La puissance des amoureux de longue durée” umuhinga muvy’imibereho y’abantu “psychologue” we avuga ko haba hageze ko umuntu akoresha ico we afata nk’insiguro y’urukundo.
Yves Dalpé avuga ko tutaravye mu gihe urukundo ruba rugitangura hamwe umuntu akundana igisharara gikomeye, Urukundo ari kandi kurya gushaka kuba kumwe n’uwundi, kuyaga, gutahurana.
Avuga ko muri iki kiringo ari ivy’ukuri hazobaho imishamirano hagati y’abakundana eka mbere n’ugutuntuzanya vyisubiriza, ariko avuga ko iyo umuntu asanzwe yari afise ubumenyi kucerekeye urukundo, arabirengera hama umunezero wo kuba kumwe n’uwundi ugaheza ukabandanya.
Uyu muhinga avuga ko kubwiwe kimwe mu bituma urukundo ruramba harimwo ukwikunda kuko umuntu wese aba arindiriye ahanini ko bamunezera muri urwo rukundo gusumvya uko we anezera uwundi.
Nayo Michèle Pagès umwe mubahinga mu gutunganya ibiganiro mu gisata c’imibano kuri kaminuza Aix-Marseille uwanditse ndetse n’igitabo yise “L’amour et ses histoires” avuga ko hari bamwe baguma mu rukundo kubera ari bwo buryo bwonyene butuma babaho(question de survie)
#Nagaciro
Inkomoko: La dépeche