Mu ndwi iheze mu gihugu c’Ubufaransa barinjije ibisigarira vy’uwahoze ari umushikiranganji w’ubutungane Robert Badinter mu nzu y’amateka “Panthéon” ibisigura ko yinjijwe mu gitigiri c’abantu bandikishije amateka muri kahise k’Ubufaransa. Uwo nawe yamenyekanye kubera yatoje itegeko rikuraho igihano co kwica (peine de mort). Ico gihano cafuswe mu gitabu mpanavyaha ca Republika y’Ubufaransa itariki 9 Gitugutu 1981, haraheze imyaka mirongo ine n’ine. None gushika ubu ni ibihe bihugu bimaze gukuraho igihano c’ugupfa ku nkozi z’ikibi? Ibikibishigikiye navyo ni ibihe? Mu nyigisho z’amadini ho vyifashe gute ku bijanye n’ico kibazo? Ni ivyo tugira tubayagire.
Mwomenya ko ibihugu bitari bike bigicira urwo gupfa inkozi z’ikibi mu manza za sentare. Nukuvuga ko ico gihano cemewe n’amategeko yavyo. Umugabane ukozweko cane ni uwa Aziya, ugakwirikirwa na Afrika. Ivyo bihugu ahanini bikwirikiza amategeko y’ukwemera kw’abisilamu aho igitabu c’ikorowani (Coran) kirekura guhanisha urupfu ivyaha bimwebimwe.
Mbega none ibihugu birimwo abakirisu bafata gute iki gihano co gupfa?
Mu bihugu vyinshi vyiganziwemwo abakristu kwica umuntu n’aho yoba yakoze icaha c’agahomerabunwa ntibirekuwe. Ni nk’ivyo tubona ku migabane ya Buraya na Amerika y’amaja epfo (Amérique latine).
Yamara ntihabuze ibihugu bigwiriyemwo abemera b’abakristu/abakristo vyisangije ico gihano. Ica mbere twovuga ni Reta zunze ubumwe za Amerika aho gushika n’ubu amareta amwe amwe atipfuza na gato gukuraho igihano co kwica, bigatuma ku rwego rw’igihugu cose (niveau fédéral) bitarekurwa. Umugambwe w’aba demokrates ushigikiye ko cohava nayo aba repubulikan(républicain) bashigikiye ko cogumizwaho.
Ikindi gihugu kigikoresha ico gihano naho ari ic’abakristu ni Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Mwibuke ko mu misi iheze uwahoze akirongoye Joseph Kabila na we nyene yaciriwe urwo gupfa ayo yagirizwa na leta ihari ubu ko “yahemukiye cane igihugu” (haute trahison). Ico gihugu kibanyi ca Kongo nico ca mbere kirimwo abakatolika benshi muri Afrika.
Mu Burundi ho igihano co gupfa gifatwa gute?
Mu Burundi igihano co gupfa nticemewe mu gitabu mpanavyaha cateweko umukono na prezida Petero Nkurunziza itariki ya 22 Ndamukiza 2009 ariko barekura ico gupfunga umuntu ubuzima bwiwe bwose (perpétuité) naco kikaba ari ubundi buryo bwo kwica (kwima umuntu akaryo ko kwigarura ngo asubire mu buzima busanzwe).
Turangize tubamenyesha ko idini rya Gatolika ryahinduye inyigisho yaryo ku gihano co gupfa ku burongozi bwa Papa Fransisko mu mwaka w’2017. Kuva ico gihe Ekleziya yigisha ko “igihano co gupfa kidashobora kwemerwa” (la peine de mort est inadmissible). Biri mu ngingo ya 2267 y’Ikatekisimu y’Ekleziya Gatorika. Abisilamu baracagikoresha no mu nyigisho yabo, nayo abaporotisanti ntibabihurizako aho bamwe batavyemera abandi bakabishigikira ku mvo y’uko no muri Bibiliya iyo ngendo ibonekamwo ari nayo yakozeko Yezu/Yesu.