Mu misi iheze twarumvise intureka n’ibihuhusi vyariko bikubita ishengero ry’abapentekoti mu Burundi (vyiza twovuga amashengero y’abapentekoti). Uno musi rero twashimye kugaruka ku karanga k’ayo mashengero kw’isi yose n’aho yavuye.
Amashengero ya pentekoti yavutse gute?
Mu ntango z’ikinjana ca 20 harabonetse abantu bagomba kugaruka ku vyaranga abakristu ba mbere canecane mu kuronka Mutima Mweranda(Mpwemu Yera) nko ku musi wa Pentekoti mu gihe c’abatumwa (aho baciye basohoka bagatangura kwigisha bavuga mu ndimi). Bashaka “pentekoti nshasha”. Muri bo hari umupasitori wo mw’ishengero ry’aba methodistes azwi kw’izina rya Charles Fox Parham yatanguje ishure rya Bibliya i Houston muri Reta ya Texas, imwe mu zigize Reta zunze ubumwe za Amerika.
Mu mwaka umwe kuva ritanguye ryari rimaze gushikana abanyeshure ibihumbi cumi na bitatu. Benshi muri bo bari baronse ibatisimu muri Mutima mweranda(Mpwemu Yera) bakavuga no mu ndimi.
Uwitwa William James Seymour yagiye kwiga kw’iryo shure mu ntango z’umwaka w’1906, ariko kubera yari umwirabure ntibamwemerera kwicara indani mw’ishure yakwirikirana ivyigwa yicaye hanze kw’idirisha. Yaranyuzwe n’inyigisho za Charles Parham zerekeye ibatisimu ya Mutima Mweranda(Mpwemu Yera) ariko kubera amacakubiri afatiye ku rukoba yarangwa mw’ishengero ntiyahatevye. Amaze kurisohoka yahavuye aca atumwako ngo agende kwigisha abari bizeye i Los Angeles muri Reta ya California nk’umupasitori.
Uwo mupasitori yari amaze imisi yigisha kw’ibatisimu yo muri Mutima Mweranda(Ya Mpwemu Yera). Yagumye ayigishako cane ku buryo mu muryango yabamwo nyenurugo waho umushingantahe Edward Lee yakozweko n’ububasha bwa Mpwemu yera maze aca arakira indwara yari afise pasitori ahejeje kumusengera.
Ico gitangaro bivugwa ko cakoretse itariki 9 Ndamukiza, ico gihe William Seymour ntiyari bwuzure Mutima Mweranda (ubu tuvuga kunagurwa muri Mutima Mweranda). Yamara ababonye ico gitangaro basenze basaba ingabirano ya Mutima Mweranda maze nawe arashungurukira ku bantu indwi muri bo abaha ingabirano yo kuvuga mu ndimi glossolalie uwo musi nyene.
Pasitori Seymour yahavuye nawe aronka ibatisimu ya Mutima Mweranda mw’ijoro ryo kuwa 12 Ndamukiza 1906. Umubano wabo uca urakura uraguka wimukira i Azuza ahahora hasengera abamethodistes b’abanyafrika bo muri ico gisagara. Nico gituma uko kwigaragaza kw’Imana kwiswe “ikanguka rya Azuza” (réveil d’Azuza).
Mwomenya ko abo bapentekoti batanguye ari abirabure mirongo ibiri na babiri gusa. Mu misi mikeyi baronse abanywanyi bava mu gisagara cose ca Los Angeles no mu mihingo itandukanye y’isi.
Mu nkuru izokwirikira tuzobabwira ingene abapentekoti bakwiye kw’isi yose bagashika n’iwacu mu Burundi. Mubandanye mudukwirikirana.