Urashaka kumenya aho ibintu vy’imisi vyazananye? Kubera iki ari indwi? Mbega burya amazina tumenyereye kwita imisi igize iyinga mu ndimi zitandukanye yaje gute? Niyo mazina akoreshwa mu bihugu vyose kw’isi? Mbe hoho ikirangamisi calendrier gifise imero (forme) imwe hose? Tugomba tubice irya n’ino twifashishije ubushakashatsi bwakozwe dukesha urubuga icalendrier.fr.
Inkomoko y’iyinga ry’imisi indwi
Kuva kera na rindi, umwanya canke igihe ni ikintu camye cibonekeza mu buzima bwa kiremwa muntu. Mu gupima ihinduka #évolution ry’ibintu canke ry’abantu, umuntu yamye yifashisha umwanya (temps). Niho yahavuye ashinga icitwa ikirangamwanya akigaburamwo imyaka, amezi, amayinga, imisi, amasaha, iminota n’amasegonda.
Kuvuga ko iyinga rigizwe n’imisi indwi y’amasaha 24 umwumwe ntawuzi ryari vyatanguye neza ariko hari bamwe bavuga ko vyoba vyazananye mu bihugu vya Misiri (mu myaka igera ku 3000 imbere ya Yezu Kristu) na Babiloni (mu myaka igera ku 2000 imbere ya Yezu Kristu) ahari hateye imbere ubuhinga bwo kwihweza ibimuri vyo mu kirere “astrologie”
Amazina y’imisi indwi yabonetse gute?
Abanyababiloni bafashe ibimuri 7 bari bazi mu kirere bavyitirira imisi 7 yo mw’iyinga, ivyo navyo akaba ari: izuba, ukwezi n’izindi nyenyeri 5 z’imibumbe #planètes zegereye isi: Mercure, Vénus, Mars, Jupiter, Saturne. Ubwo buryo bwo kwita amazina imisi bafatiye kuri ivyo bimuri nibwo bwagiye burahererekanwa gushika mu Bugereki n’i Roma aho bitirira umusi ikimana c’igipagani bawusengerako. Izo mana zari zitwa amazina y’ivyo bimuri.
Hari umwami wa mbere azwi ko yatanze ikirangamisi #calendrier ca mbere cakoreshwa iburaya: ni Jules César mu mwaka wa 46 imbere ya Yezu Kristu. Ico kirangamisi cerekana ko hari umusi wo gusengerako ikimana c’ukwezi (lunae dies=lundi), umusi w’ikimana Jupiter (jovis dies=jeudi), umusi w’ikimana c’izuba (solis dies=dimanche), umusi w’ikimana Saturne (saturni dies=samedi), umusi w’ikimana Mars (martis dies=mardi), umusi w’ikimana Mercure (mercurii dies=mercredi), umusi w’ikimana Vénus (veneris dies=vendredi). Ayo mazina y’imisi siyo yakoreshwa hose kuko ntibasenga imana zimwe.
Urutonde rw’iyo misi rwo bite?
Ico twobamenyesha ni uko ata rutonde imisi yari ifise nkuko twovuga umusi wa mbere ni saturni dies canke umusi wa gatatu ni mercurii dies. Abaromani bakoresheje igiharuro 24 (nk’amasaha agize umusi) kugira bamenye ihinduka ry’umusi (uku niko vyamye bikorwa i Babiloni). Ikindi cabafashije ni gutondeka inyenyeri (astres) baravye uburinganire #distance hagati yaryo n’isi (ibi bakaba babikesha abagereki). Muri ico gihe vyari bizwi ko isi ari yo iri hagati ya vyose, ibintu vyose ari yo bizungurukako (géocentrisme). Uko zitonze rero ni uku duhereye ku yiri hafi yegereye isi: ukwezi, Mercure, Vénus, izuba, Mars, Jupiter, Saturne. Twihaye akarorero : baharuye bahereye ku musi wa Mars (martis dies) uhawe nimero ya mbere dushika ku nimero 24 tugeze kuri Saturne hanyuma kw’inimero ya mbere y’umusi ukwirikira hakaba hari ukwezi (lunae dies). Gurtyo gurtyo urukurikirane rw’imisi ruratondekwa. Gusa, mu nyuma, abantu bahavuye bafata urutonde mu buryo bundi ni ukuvuga bahereye ku nyenyeri iri kure y’isi. Niho rero tubona martis dies ikurikira lunae dies ku kirangamisi c’ubu.
Ihinduka ry’amazina y’imisi mu ndimi za none
Duhejeje kurabira hamwe ingene ikirangamisi c’abaromani cari kimeze, ubu naho dutandukire igice cerekeye uburyo amazina y’imisi yaje guhinduka mu ndimi za none.
Mu gifaransa, ayo mazina y’ikilatini arirwo rurimi rw’abaromani yatanze indadi (syllabe) “di” dusanga mu mazina y’imisi y’igifaransa. Iyo ndadi ivuye mw’ijambo “dies” risigura umusi. Insiguro y’amazina y’imisi twayibonye hejuru. Ariko hari imisi ibiri tubwirizwa kugarukako: umusi wa Saturne (samedi) n’umusi w’izuba (dimanche).
Ijambo “saturne” siryo ryavuyemwo “samedi” y’abafaransa. Mu vy’ukuri samedi ifise inkomoko yaryo mw’ijambo “sambati dies” (jour du sabbat=umusi w’akaruhuko, isabato). Ivyo vyavuye ku kuntu igihugu ca Roma (empire romain) kimaze kwigishwa imico y’abayuda n’abakristu kikayemera mu kinjana ca 4 inyuma ya Yezu Kristu cahavuye cita umusi wa Saturne nk’uko abo bazanye inkuru nziza bawita, ni ukuvuga sambati (shabbat mu gihebreyi). Murumva rero ko “saturni dies” yari ihejeje guhinduka “sambati dies” bivuye ku kwemera kw’abakristu.
Ijambo “dimanche” naryone ntirisigura “solis dies” (umusi w’izuba) nk’uko abaromani bavuga. Dimanche rivuye mw’ijambo ry’ikilatini “dies domini” (jour du Seigneur=umusi w’Umukama canke idominika). Aha nahone vyavuye ku kwemera kw’abakristu bashatse guhindura umuco gipagani wo gusenga imana y’izuba (dieu du soleil) ku musi bo bahimbarizako izuka ry’Umukama. Niko kwita uwo musi uw’Umukama (dominicus) ariryo ryatanze “dimanche” mu gifaransa.
Mu congereza naho, amazina y’imisi afise inkomoko mu ndimi z’uburaruko bw’Uburayi (langues germaniques). Nahone ibimana basenga ku musi umwumwe nivyo vyatanze amazina y’iyo misi: Monday (Moon’s day=umusi w’Ukwezi), Tuesday (Tyr’s day=umusi wa Tyr), Wednesday (Odin’s day=umusi wa Odin), Thursday (Thor’s day=umusi wa Thor), Friday (Freya’s day=umusi wa Freya), Saturday (Saturne’s day=umusi wa Saturne), Sunday (Sun’s day=umusi w’Izuba).
Turabona ko abongereza bagiye baraguza imana zimwezimwe zidasa n’iz’abaromani, bica bituma imisi ititirirwa co kimwe. Mu kirundi, amazina y’imisi ava ku gutondesha umurongo. Dufise: umusi wa mbere, umusi wa kabiri, umusi wa gatatu, umusi wa kane, umusi wa gatanu, umusi wa gatandatu, umusi w’indwi. Nta zina ry’uruharo ry’umusi umwumwe rihari. Ariko ku mvo y’uko umusi w’indwi uhura n’uwo abatuzaniye inkuru nziza ubwa mbere bagatako baduhatira kuyemera aribo bakristu b’abakoloni bita “dominicus” abarundi twaciye twita uwo musi w’indwi “umusi w’Imana”.
Aha tugireko tubamenyesha ko uwo muco wo kwita imisi dufatiye ku rutonde rwayo abarundi tuwusangiye n’abayuda kuko nabone nta mazina y’uruharo imisi igize indwi ifise kiretse umusi w’indwi bita isabato canke akaruhuko (umusi wo kuruhuka).
Ibirangamisi vyose bitondeka imisi uku tubigira ino iwacu?
Mu kwibaza iki kibazo dushaka kumenya nimba ibirangamisi #calendriers vyose bipanze uko tubizi aha iwacu mu Burundi. Kukaba nkako hama impari ku kumenya umusi twobwirizwa gufata nk’uwambere w’indwi. Mu bisanzwe, inyishu y’ico kibazo ni “oya”, bivuga ko ibirangamisi vyose bidapanze co kimwe. Kumenya umusi wa mbere n’uwa nyuma ariwo w’indwi bivana n’aho umuntu aherereye.
Nk’akarorero, mu bihugu vyinshi vyo ku mugabane wa Buraya, ikirangamisi cerekana ko iyinga itangurana n’umusi witwa Lundi. Ni navyo ino mu Burundi twafashe, aho twita uwo musi “ku wa mbere”. Ivyo biri uko kuva mu gihe twita Moyen-âge, ni ukuvuga hagati y’ikinjana ca 5 n’ica 15. Naho mu ntango umusi wa mbere wari uwo twita ubu “umusi w’Imana #dimanche”.
Kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 321 niho umwami w’i Roma Constantino yashinga itegeko rivuga ko umusi w’izuba (dimanche) uba uw’akaruhuko (jour férié, jour chômé, jour de repos) kugira abantu bose bahimbaze ikimana c’izuba kidatsindwa (sol invictus=Soleil invincible). Murumva hari hasanzwe hariho umusi w’akaruhuko wagwa samedi kubw’abakristu (kuko imbere yabo abanyaroma nta musi w’akaruhuko mw’iyinga bagira), hiyongeyeko dimanche, imisi y’akaruhuko iba ibiri mu ndwi. Niho rero bukebuke imisi ya samedi na dimanche yaje kuba iyisozera iyinga ica yitwa week-end (kurangiza indwi), gurtyo lundi uca ucika umusi wa mbere w’indwi. Iyo ndinganizo niyo yahavuye yemezwa icese n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’ukuringaniza (Organisation Internationale de Standardisation) mu mwaka w’1988 aho mu ngingo yaryo ISO 8601 ryashinze ko “indwi itangura lundi”.
Ariko iyo ngingo yabayeho kugira haboneke gusa umwumvikano ku rutonde rw’imisi ariko ntitegereza ibihugu vyose vyo kw’isi kurukwirikiza. Abamuka mu bihugu vy’abongereza (#anglo-saxons) bagumanye ikirangamisi gishira umusi w’Imana ku mwanya wa mbere, niko tubibona nko mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.
Umusi wa mbere rero ushobora kuba uwariwe wose umuntu ashatse kugira. N’ikimenyamenya twabonye ko mu ntango umusi wa Saturne (samedi) ariwo wari uwa mbere, hanyuma bivuye ku bakristu bakomoka mu bayuda umusi wa mbere uba dimanche, mu nyuma zaho naho ico kibanza gifatwa n’umusi wa lundi. Muri 1878 kazinduzi y’abafaransa yasigura dimanche nk’umusi wa mbere w’indwi. Ariko mu mwaka wa 1932, iyo kazinduzi nyene yasigura dimanche nk’umusi wa nyuma w’iyinga.