« Mu Mana Za Mugera » ikibanza ceranda camyeho kuva imbere y’umuzo w’abazungu camye gihuriramwo Abarundi isinzi baje kwambaza Imana.

Dutembere gato muri kahise turabire hamwe iki kibanza. Kumbure bamwe mwakuze mwumva aho bita mu “Mana za Mugera” None ni hehe? Hamaze iki? Ubu ho vyifashe gute? Muri iki gisomwa tuza kwishimikiza ivyo twasomye ku rubuga Akanyaburunga aho umwanditsi yagerageje kutubwira ico kibanza ataco yibagiye yishimikije ivyo yasomye muri Ligue Monarchique du Burundi.

Ico kibanza kiri hehe? Kubera iki catowe?

Dusanzwe tuzi ko mu Burŭndi bw’aho hambere hamye hari ibibanza vyinshi vyubashwe, aho basengera Imana y’Uburundi, mu ndaro no mu bitabo, agasumo ka Mwaro n’ahandi. Ariko rero vyari bizwi ko “ Mu Mana za Mugera” arico kibanza gikuru, umwanditsi yakigereranije na na Maka muri Arabiya Sawudite ku Basilamu, nka Vatikano, ku Bakatolika, nka Yeruzalemu ku bayuda.. Mu Mana za Mugera naho hari iwabo w’Imana y’i Burundi, Iwabo w’abami n’ubwami bw’uburundi..Ibi vyarabatangaje cane abazungu kuba basanze Abarundi bazi gusenga, basenga Imana imwe, eka bazi ikizira n’ikirekuwe.

Umwanditsi ku Kanyaburunga yanditse ati : “Muri ico kibanza c’i Mugera ni ho hari umutima w’Abarundi. Abazungu babona ko aho hantu haba n’ibitangaza nk’uko abakurambere bahegereye babivuga. Harasengera ababuze uruvyaro, inka zabuze uruvyaro, abari n’ibibazo niho bitura harimwo n’abanyamabanga batandukanye b’i bwami. »

Ubu bimeze gute ivy’ico kibanza?

Kugira Uburundi babushikemwo neza vyihuse abazungu bategerezwa kubucumita mu mutima. Bamaze kubona Abarundi bahahurumbira, ba bazungu baciye bavuga bati “reka tugende kubategerera harya, tubigishe Bikira Mariya maze ibitangaza bahora babona bizoce vyitirirwa we.”

Aya mango tuvugana…

Abo hambere babona ko Mugera wari umusozi w’Imana. Abarundi ba kera bavuga ko Imana yaba i Mugera kandi bahita mu Mana za Mugera. Ndetse ni naho baja gusengera. Ni muri komine Bugendana, intara ya Gitega. Ni naho Umwami Mwezi Gisabo yavukiye. Aha hari Katedarare (cathédrale) yambere mu Burundi. Uyu murambi n’ubu urahurumbirwa kuko wakira abantu benshi canecane mu misi hahimbazwa umusi mukuru w’abakatolika w’iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariye uhimbazwa kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro. Ni kuri uyu murambi nyene hubatswe iseminari ntoyi ya Mugera.

Ni ayahe yandi mateka y’uwu murambi mweranda gushika abazungu bahifatire ?

Nk’uko tubisoma muri urwo rwandiko « Ku wa 11 Ruhuma 1899, Abamisiyonari bera Van Der Burgt na Desoignies niho bahashika bavuye i Muyaga (mu Cankuzo). Indogoba bariko zarahageze ziranka gutambuka zica ziraryama. Abapatiri babibonye bavuze ko Umukama yahacaguye kugira hazovugirwe ubutumwa bwiza. Mu ntango, abo bazungu ntiborohewe kuko ryari itongo ry’umwami. Ibihuha vy’uko bashobora guterwa umwanya n’umwanya n’Umwami Mwezi Gisabo vyamaho. Mu mpera za Rusama, imishamirano yaradutse hagati y’Abanyagihugu n’abagendanira abo bapatiri. Abarwanyi b’umuganwa Serushanya ari we Ntarugera (umuhungu wa Mwezi Gisabo), n’ababatware b’i Gisagara na Higiro( Hirya gato y’i Gitega) baciye batangura kwiyegeranya kugira bagire igitero sindamusiga ku Bamisiyonari. Ibirwanisho vy’abazungu harimwo inkoho vyaciye bitangura kwegeranywa ».
“Muri Ruheshi, Kapitene Bethe( Beti) yaciye atera ibitero ku birimba vy’Umwami. Ikirimba c’i Ndago caraturiwe kiratokombera. Ingabo nyinshi z’Umwami zirahahonera. Umwami Mwezi Gisabo yaciye arungika intumwa kwa Kapitene Bethe. Izo ntumwa zari zijanye ubutumwa bwo kumumenyesha ko Umwami yiteguye gutanga inka 100 kugira abo bapatiri bave kuri uwo musozi mweranda. Ariko Kapitene Bethe yaravyanse aca ahashira abasoda batatu kugira bacungere umutekano w’abapatiri. Abanyagihugu baciye babona ko inguvu z’Umwami zaheze bamwe baca batangura kuba abayoboke b’abo bapatiri. »

Mu 1908, Van Der Wee na Van Der Burgt bahubatse ishengero isakajwe ivyatsi. Mu 1922, yasakajwe amategura. Iminara ibiri y’ishengero igezweho ica itangura kwubakwa. Ishengero imaze guhera yahavuye iba katederare ya mbere mu Burundi, Musenyeri Julien Gorju yararongoye vicaria y’Uburundi niho yaba. Iyo katederare bahavuye bayimurira i Gitega. Ubu urushengero nta minara rugifise kuko yahavuye ibomoka.

Ubu haraheze imyaka irenga 120 ivyo bibaye. Ico kibanza camye ari ihuriro gushika n’ubu. Abarundi isinzi bama bahahurira, baja gusengera mu kibanza camye cubashwe ku Barundi

Isanamu: ©RTNB

Related posts

Bimwe muvyaranga ukurangura amabanga y’abubatse ku mwami w’Uburundi

Uko amashengero ya Pantekoti yatanguye kw’isi mw’ido n’ido.

Uko ukwita amazina iminsi igize iyinga (indwi) vyatanguye