Ku wa 13 Rusama 1981 mu kibanza ceranda « Saint Pierre » i Vatikano papa Yohani Pawulo wa kabiri yariko ararengana aramutsa ishengero ry’abantu bavuye mu mihingo myinshi y’isi ari mu kaduga k’abungere ba Katolika ako bita aga « papamobile » mu nyuma vyose birahinduka bukwi na bukwi.
Umugabo yasimvye batabonye n’iyo azananye, uwamenyekanye mu nyuma nka Mehmet Ali Ağca w’imyaka 23 yava mu murwi w’abitwaje ibirwanisho uzwi nka Loups Gris, ng’uyo asohora inkoho ntoya(pistolet Browning 9 mm) pa..pa..pa arasa amasasu yungikanya arabisha kuri papa Yohani Pawulo wa Kabiri(pape Jean-Paul II)
Amasasu abiri aca aragema umwungere wa Katolika, rumwe rumuca munda urundi rumufata ku kuboko.
Bamutwaye mu bitaro vy’imbabare zihuta(urgences) ibitaro Gemelli(hôpital Gemelli) aho yatahe amaraso angana ibice 75 kw’ijana vy’ayo afise(il perd près de 75 % de son sang ) amasaha atanu yose abaganga karuhariwe bakora ivyo bashoboye vyose kugira barabe ko yogumana umwuka w’abazima.
Ata numwe avyiteze yaratoye akajisho asubira kuba muzima.
Uyu mwicanyi yaciye afatwa vyihuta n’isinzi ry’abantu bari ng’aha rimuha inzego zijejwe umutekano, kahise kuyu basanga ni ak’ubugizi bwa nabi gusa: yari azwi ko yishe umumenyeshamakuru mu 1979, mu nyuma atoroka ibohero, aca atangura kuja mu mirwi y’ubugizi bwa nabi.
Iminsi ine gusa ari mu bitaro Papa Yohani Paulo wa kabiri niho yakoze icatangaje benshi cerekeye umutima w’urukundo.
Akigoyagoya ari mu bitaro, hari ku munsi wa kane kuva avuye mu vyara vy’urupfu, Papa Yohani Paulo wa kabiri yavuze amajambo akomeye yatangaje abari ngaho: » Musengere cane murumunanje Ağca, naramaze no kumubabarira n’umutima wanje wose. » ayo yari amajambo ya Papa agoyagoya mu bitaro ku munsi ugira kane.
Ntivyagarukiye aho. Amaze gukira inyuma y’imyaka ibiri, ku wa 27 Kigarama 1983, Papa Yohani Paulo wa kabiri yarahagurutse agenda agana ibohero Rebibbia ry’i Roma asaba kubonana n’uwahatswe kumugandagura.
Baraganiriye igihe c’iminota nka 20, ntawamenye n’ivyo bariko barayaga ariko ico babonye gusa n’uko wa mwicanyi Mehmet Ali Ağca yafashe ukuboko kw’umwungere w’ishengero rya katolita Jean Paul II aragusoma hanyuma babona Papa nawe amugabiye ishapule.
Papa Yohani Pawulo wa kabili asohotse avuye kuraba uwahatswe kumugandagura bamubajije ico bavuganye yavuze gusa ati: « Namuganirije nk’umuvukanyi. » iyi ngendo nziza ica ikwira isi mu kanya gato cane.
Haciye imyaka mike Mehmet Ali Ağca yarasohotse ibohero ababariwe n’umukuru w’igihugu mubutaliyano bisabwe na papa Paulo nyene, araheza ajanwa muri Turkiya iyo yari asanzwe akomoka, aha naho ashikira gufungwa naho nyene kubera icaha yagiye ahakoze.
Mu mwaka wa 2009 Ağca yamenyesheje ko yavavanuye n’idini rya Islamu(il a abjuré la foi musulmane) kandi ko asigaye ayoboka idini ry’abakatolika b’i Roma. Yamara aha papa Paulo we yari amaze imyaka ine yarasezeye isi.
Mu mwaka wa 2010 italiki 18 z’ukwambere niho Ağca yarekurwa burundu, amaze imyaka 29 apfunzwe.
Imbere y’uko apfa umwungere w’ishengero rya Katolika Paulo wa Kabiri yaragiye kubonana na nyina wa Ağca hamwe na murumunawe akaba ari gutyo urukundo rwa Papa Yohani Pawulo wa kabili rwahinduye ubuzima bw’umwicanyi yahatswe kumwica, uwuzwi gushika n’ubu nka Mehmet Ali Ağca
Ku wa 27 Kigarama umwaka wa 2014 Ağca yaritoye agenda mubutaliyano gushira amashurwe y’ama roza kumva ya papa Yohani Paulo wa kabili.
Image: ©AFP