Wari uzi ko ivyo benshi bibaza ku busugi bw’abigeme atari vyo ndetse abakobwa bashobora kuba barenganywa rimwe na rimwe?
Hoho woba wari uzi ko ubusugi « Virginité » ari ijambo ridafise ifatiro mu magara y’abantu? Uramaze kwumva abavuga ko hari uburyo bwo gupima ubusugi bw’umuntu none ni ivy’ukuri? Umwigeme amaze guhuza ibitsina n’umuhungu womutandukanya gute n’uwo bataregera? Ngiyo inkuru twabatohoreje uyu musi ngo tubayagireko.
1. Ubusugi ntiburaba igisata c’amagara y’abantu
Abantu benshi baribaza ko hari itandukaniro ndangamubiri (anatomie) hagati y’abakobwa b’isugi n’abamaze kuba abagore. Haba namba! Nk’uko ata gitandukanya ku mubiri umusore w’isugi n’uwumaze kuba umugabo, no ku bantu b’igitsina gore niko kw’uko. Uwoshaka kumenya ko akiri isugi ntiyotumbera kwa muganga ahubwo yobimenyeshwa n’ukuntu aba yiyizi.
Umuntu yitwa isugi mu gihe ataragira imibonano mpuzabitsina, akareka kuryitwa mu kindi gihe. Kwiyumvira ko hariho ubumenyi umuntu yokura mu bakora mu magara y’abantu bwerekeye kuba uwundi amaze kurangura amabanga mpuzabitsina ni kwihenda cane. Nta za (scanner) (igipimo c’ukuntu umuntu ateye mu mubiri wiwe) zokorwa ku muntu ngo zemeze ko agifise ubusugi canke yabutakaje.
Ubusugi rero ni inyubako y’ikibano (construction sociale) abantu biyumviriye kuva kera canecane mu kugumya umwihwezo (contrôle) ku gitsina gore bongere bashingireko ubukuru bw’umugabo ku mukenyezi. Baragerageje kwumvisha abigeme ko babwirizwa kuzigama ubusugi nk’iteka ry’umusi w’ubugeni bwabo, ariko iyo nyigisho siyo ihabwa imiyabaga y’abahungu. Umukenyezi yinjiye mu rugo atakiri isugi akenshi ahura n’ikibazo gikomeye co gusuzugurwa n’uwo bubakanye, amwita igitabanga (uwutagendeye ibanga).
2. Nta buryo na bumwe bwo gupima ubusugi bw’umukobwa buriho
Nk’uko tubisigurirwa n’abaganga babinonosoye, mu bihimba bigize umubiri w’umukobwa harimwo kimwe citwa « hymen » mu kirundi twita « ince ». Ico gihimba (mu bisanzwe ni akabiri: membrane de tissu) kiri mu bw’injiriro bw’igitsina c’umugore gifise intoboro ituma amaraso y’igihe c’ubutinyanka aronka aho asohokera. Si umwugariro barrière w’igisabo nk’uko benshi bavyibaza, ntawuzi neza igikorwa cako mu mubiri, kira noneho hari n’abakobwa batakavukana. Iyo hymen ntifise imero imwe ku bagore bose kandi ni imvo nyinshi zituma ishobora kwikwega(étirement)
Uretse kuba yokwagurwa n’igitsina gabo cinjiyeyo, intoke canke udutambara umukobwa ashira mu bwinjiriro bw’igitsina ciwe birashobora kuyikwegura. Hari n’uburyo bwo kwicara canke gutandukanya amaguru bushobora gutuma ako kabiri gakweguka. Kandi si imisi yose uko gukweguka guherekezwa n’amaraso aseseka.
Kubw’ivyo tuvuze rero murumva ko ata buryo na bumwe bw’umwihwezo bwotuma umuntu yemeza ko umukobwa bari kumwe akiri isugi.
Abatari bake bazi ko umusi wo guhuza ibitsina ubwa mbere umukobwa ategerezwa kuva amaraso kandi akababara kubera bamuciye ince. Haba namba! N’ico ni ikinyoma. Abahinga batubwira ko kuva amaraso bishoboka no ku wumaze igihe akora imibonano mpuzabitsina canecane iyo umugabo yinjiye mu gikorwa n’inguvu, ico twokwita gihutihuti (rapport brusque), gurtyo agahura yamukomerekeje.
Bivanye n’ingene ince zimeze ukwinjiza igihimba c’irondoka c’umugabo hari aho kutazica ngo amaraso aseseke. Ububabare nabwo buterwa n’umwiteguro muke baba bahanye canke iyo umugore abuze umwisanzuro ukwiye mw’ico gikorwa. Tutibagiye ko n’ubwoba bushobora kubigiramwo uruhara nk’akarorero mu gihe atinya gutwara inda.
Gupima ubusugi vyariyamirijwe n’amashirahamwe mpuzamakungu ONU na OMS ku mvo z’uko bityoza agateka k’abakenyezi kandi bitesha agaciro uwubigiriwe, hari mu mwaka w’2018. Gusuzuma ko umwigeme agifise ince imbere ko aja kwubaka urwiwe ni akarenganyo kubw’ayo mashirahamwe kandi no gukora hymen mu buryo bwa kiganga (ico bita hyménoplastie) ntabwo bikenewe ahubwo bitera ububabare bw’ubusa.
3. Umwigeme akiri isugi n’uwutari yo bataniye he?
Mu vy’ukuri ku bigaragara nta butandukane buriho. Umukobwa wese kugira umenye ko akiri isugi urabimubaza kandi ukemera inyishu aguhaye. Si ngombwa ngo yisigure mu gihe ka muhungu uje ufise ivyiyumviro vy’ukwihweza ibimenyetso « ndangabusugi ».
Ivyo ntabibaho kubw’abahinga scientifiques. Aha ntituyobewe ko mu kuvuga uko tuba tugiye kubiri n’ivyanditswe vy’abakristu/abakristo n’abisilamu aho bemera ko ivyo bimenyetso umugore abwirizwa kuvyerekana mu muryango mushasha yinjiyemwo. No mu migenzo y’abarundi biri mu bisabwa kugira yemerwe nk’umugeni wabo, canke inkwano igasubizwa. Yamara ico twibutsa nuko ubumenyi bw’umubiri w’umukenyezi igihe ivyo bitabu vyandikwa butari bwagere ku rugero buriko ubu. Niyo mpamvu abantu b’igihe ca none tutabwirizwa gufata Inyandiko za kera mu buryo bw’urudome ku rundi (littéralisme canke fondamentalisme).
4. Gusozera
Ubusugi bufise insiguro zitandukanye bivanye n’aho umuntu aherereye. Impamvu y’ivyo nuko guhuza ibitsina navyone bidatahurwa co kimwe n’abantu bose. Nta gipimo na kimwe cizewe gishobora kwemeza ko umuntu akiri isugi canke atariyo. Mbere abaganga benshi batanga ben’ico cemezo babironkamwo amahera atari make mu bihugu bagisaba kugira biture ubutungane. Ninaho OMS ivyiyamiriza kuko uretse ingaruka bifise ku bagore babigirirwa ata n’akamaro, abaganga nabo babikora barenga ku ndahiro yabo y’ubuvuzi kugira bicire amafaranga.
Inkomoko: BBC