Iyo umuntu aciye ubwenge mu buzima atari mw’ishure gusa, hariho ibimenyetso bimwe bimuranga kandi akenshi nya muntu ntaba azi ko ari incabwenge kubwavyo. Abahinga mu vy’inyifato #psychologues baratwigisha ibimenyetso bigera kuri cumi vyofasha kumenya incabwenge tugendana nk’uko ikinyamakuru Ouest-France kibishikiriza.
1 Babaza ibibazo bikomeye kandi bisaba kwiyumvira cane
Abantu b’incabwenge akenshi ntibamenyekana ku nyishu batanga ahubwo ku bibazo babaza. Ntibiba ari ibibazo vyo kwikurayo canke bibayabaye ahubwo babaza ngo binjire neza mw’ido n’ido ry’ikintu. Ukubaza kwabo kugamije gutahura ibirengeye ivyo abantu bashoka babona inyuma. Niyo mpamvu ibibazo vyabo biri mu bwoko bwa “kubera iki?” hamwe na “gute?”. Barondera kumenya “le pourquoi du comment”: kubera iki ikintu kimeze uku kitameze ukundi? bigenda gute kugira ikintu kimere uko kimeze? Ibibazo ben’ivyo biraranga umuntu w’incabwenge.
2 Bumviriza cane gusumba uko bavuga
Abantu b’incabwenge ntibavuga amajambo menshi iyo bariko baganira. Ahubwo nyabuna bagerageza kwihata kwumviriza ivyiyumviro bitandukanye vy’abandi bayaga.
3 Bamenyera ningoga impinduka zishika mu buzima
Incabwenge zirazi ko ubuzima bw’abantu kw’isi buhinduka ku mwanya ku mwanya. Birazorohera rero kumenyera impinduka zama zashitse. Ben’abo bantu barigumya mu bihe vyose kuburyo batangaza abatari bake. Gushobora kujana n’ibihe udataye ubwoko n’akaranga ni ikimenyetso cerekana incabwenge.
4 Barashima kuba bonyene ahatekanye
Incabwenge ntizama zirondera kuba ahantu hari abantu benshi. Zirakunda gufata umwanya ukwiye wo kuba zonyene maze zishobore gushira ivyiyumviro vyazo ku gihe. Hari abantu bemera gufata akanya ko kuzirikana ata wubakoroga gurtyo bikabafasha guha intumbero ubuzima bwabo mu kwakira ivyiyumviro bishasha muri bo.
5 Bashobora kwihweza ibintu ku rugero abandi badashikako
Abantu b’incabwenge urasanga bafise ubumenyi bubatuma bihweza ikintu mu mice myinshi yaco (angles multiples) gurtyo bakamenya uko bagitunganya. Ubwo bushobozi abahinga bavuga ko bukenewe cane kugira umuntu abe yokwiyumvira inyishu canke umuti w’ibibazo vy’ubuzima acamwo.
6 Baremera ivyo badafiseko ubumenyi
Abantu b’incabwenge ntibibagora kuvuga “sindabizi”. Barazi neza ko batari ba Rumenyi kandi batari Imana yo izi vyose. Hako biyemera cane ngo bishire hejuru biha ihangiro ry’ukwiga cane baciye bugufi mu kubaza ivyo batazi.
7 Barashobora kubona impande zibiri z’iciyumviro
Incabwenge zirihweza zigashishoza impande zibiri (2 côtés) z’iciyumviro c’uwundi. Iyo hadutse impari, umuntu w’incabwenge ntarondera ko uruhande rwiwe rutsinda. Igikuru kimuranga ni kunywanisha ivyo vyiyumviro bitandukanye kugira ngo bitange intumbero irashe. Mu kirundi twobigereranya na wa mugani ugira uti: “inama isumba ingimba”.
8 Barazi gutwenza kandi bagatwenga
Kuba incabwenge ntibisigura gusa gukora ibiharuro bihanitse canke gukemura ibibazo bigoye. Bisigura kandi kumenya ko ubuzima bugizwe n’igice c’ugutwenga (humour). Umuntu ashobora gutwenza abandi mu buryo bw’ubwenge atari ivyo gufyina aba ari incabwenge kubw’abahinga mu vy’inyifato.
9 Bariyumvira cane kuri bo nyene
Umuntu aciye ubwenge si ngenda n’abaja. Ariha umwanya wo gushishoza ivyo akora n’ivyo avuga mbere n’ivyiyumviro vyiwe arabisesangura kugira ahitemwo ikimufitiye akamaro. Arazi kwemera igihe yakoze ikosa bikamufasha gutera intambwe mu buzima ntagume hahandi.
10 Bama biteguriye guhinduka no gukura
Abantu b’incabwenge ntibanezerwa kwumira ku ciyumviro kimwe ubuzima bwose. Barondera impinyanyuro nshasha ku mwanya ku mwanya. Ugukura kwabo kubatuma barondera kuronka ubumenyi busumbirije n’inkuru zigezweho kugira bateze imbere ubwenge bwabo.
Gusozera
Amanota yo mw’ishure siyo apima ubwenge nyabwo. Amashure twiga ni ayadufasha mu guteza imbere ubwenge. Tuhamenyera ibituranga nk’incabwenge ari vyo: kubaza, guca bugufi, kwimenyereza impinduka no kwiyumvira/gushishoza.
Ica nyuma nuko incabwenge nyayo itishira hejuru ngo yerekane ko izi vyinshi ahubwo irondera na ntaryo kwongereza ubumenyi bwayo ku mvo y’uko itigera yiyita “incabwenge”. Umukurambere w’umugereki azwi cane yitwa Socrate niwe yagize ati: “Ico nzi ni kimwe, ni uko ataco nzi”, aho abandi bamwita incabwenge.