Mu gatabo kiwe yandikamwo amabanga(Journal intime) niho Papa Fransisiko yahora arongoye ishengero rya katolika kw’isi yagiye arandikamwo ibintu vy’amabanga vyamushikiye, bimwe bimwe muri ibi vyamushikiye bikaba vyashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri.
Papa Francisiko azwi ku mazina yahawe n’abavyeyi nka Jorge Bergoglio uyu niwe yahora arongoye ishengero mu gihe c’imyaka 12 akaba yashengeye mu mwaka wa 2025. Papa Fransisiko yari afise agatabo ngendanwa(journal intime) agenda arandikamwo utuntu tw’amabanga tumushikira mu buzima bwiwe, bimwe muvyanditswe muri aka gatabo bikaba vyashizwe ahabona uyu munsi ku wa 24/11/2026 vyanditswe mu gatabo « Le journal spirituel du pape François » kasohorewe mu nzu itunganya ibitabo Albin Michel kanditswe n’umu karidinali(cardinal) wo muri Argentine yitwa Victor Manuel Fernández.
Papa Fransisiko avuga ko yabonye incuro zitatu Shetani kandi ko yumvise n’ijwi ryiwe riteye ubwoba akiri musenyeri w’i Buenos Aires muri Argentine.
Papa Fransisiko(Le pape François) mu gatabo kiwe k’ibanga yanditse agira ati: » Haraciye hafi imyaka 15. Nayibonye ndabiye mw’idirisha ry’imodoka. Sinibagira amaso yayo ateye ubwoba aho nyene akwegakwegana (séduisants ) (ibi yavyanditse ku wa 24 Nzero 2021)
Ubwa kabiri Papa Fransisiko avuga ko yabonye Shetani ari mu gasengero k’aba karumerita(chapelle carmélite) akavuga ati: « Yarandavye n’amaso yaka umuriro » Nayo ubwa gatatu uyu mukozi w’Imana avuga ko hari mu nama i Roma.
« Nabonye Shetani ndayumva no mw’ijwi ryayo rikaze rihurira rigatwara vyose. sinzibagira ijwi ryaho ryumvikana nk’irisaraye(rauque)
Papa Fransisiko avuga ko Imana yahavuye imuha ubushobozi bwo kudasubira guhura na Shetani
Aka gatabo ka Papa Bergoglio kari kamaze imyaka 30 atawuzi ivyako kuva atanguye kuza akandikamwo kuva mu mwaka wa 1992 gushika 2024 akakandikamwo ibisabisho vyiwe, amakenga yiwe hamwe n’ingorane yagiye agira. Bimwe muvyakanditsemwo nivyo vyasohowe kuri uyu munsi wa kabiri, aho karidinali(cardinal) Victor Manuel Fernández yavyanditse avuga ko papa Fransisiko yapfuye amusavye ko bizoshirwa ahabona.
Ikinyamkuru 20 minutes dukesha iyi nkuru kivuga ko mu mwaka wa 2025 igihe Papa yashengera, Kardinali Victor yabwiye papa mushasha ko afise amakenga kubona aka gatabo ka Fransisiko gashingurwa mu bubiko. Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru c’i Vatikano « Vatican News » Kardinari Vigitori avuga ko bahavuye bamuha uruhusha rwo gusohora bimwe bimwe muvyanditswe muri ako gatabo.
Papa Fransisiko aravuga kandi muri aka gatabu ko ku wa 7 Ruheshi 2018 yabonye imiryango yo mu muriro udahera « vu les portes de l’enfer » mw’iyerekwa riteye ubwoba, ibi akaba yabitsindishije ugufata agashapure kiwe nk’ikirwanisho.
Yaranditse kandi na kimwe muvyamubabaje cane muvyo yakoze, aho yavuze ko yumva ari umuhemu kubona mu rugendo rwiwe muri Chili mu mwaka wa 2018 yarashigikiye umusenyeri yariko arafukafuka amabi afatiye ku gitsina yakozwe n’abapatiri. Ibi akabivuga ababaye cane aho yiyita we nyene umuhemu, umunyabwibone, umubeshi.