Wa mu pilote yacumitirwa mu kirere na mugenziwe ashaka kunyuruza indege yarimwo abanyisrael 166 yaganiriye n’umukuru w’igihugu ciwe aho arwariye mu bitaro.
Smit Machchhar ni umudereva w’indege akomoka mu gihugu c’ubuhindi ariko afatwa nk’incungu y’abantu bashika 174 bari mu ndege yariko aratwara mu rugendo « vol Flydubai FZ 1073 » iva ku kibuga ca Dubai muri Emirat Arabe Unis ija Tel Aviv muri Israel nk’uko twabibayagiye mu mu makuru yacu aheruka.
Umudereva yariko amufasha yamusumiriye bageze mu kirere amucumita imbugita kugira atware iyi ndege yari irimwo abantu bagera kuri 174 harimwo abanya Israel bashika 166
Vyavuzwe cane ko uyu mudereva yoba yashaka kunyuruza iyi ndege maze agakora isanganya kugira ahitane abany’Israel mu gihe vyibazwa ko ari ukubera Israel yagirizwa kwica ibihumbi vy’abantu muri Gaza.
Inyuma y’uko uwurongoye leta y’Ubuhindi ashimiye cane uyu mudereva ava mu gihugu c’ubuhindi, ejo ku wa gatanu Narendra Modi arongoye leta y’ubuhindi we ubwiwe yaritelefoneye Smit Machchhar iyo arwariye muri Arabiya Saudite aho indege yururukirijwe itarashika muri Israel kugira amubaze uko amerewe.
Smit Machchhar gushika ubu ariko afatwa ko yarokoye abantu aho yinanase n’ibikomere n’akantu amaraso ajejeta, yugurura icumba abapilote batwariramwo indege kugira abantu babone ibiriko biraba batabare.
Umupilote Smit Machchhar yabwiye Narendra Modi arongoye leta y’Ubuhindi ati: » Nariko mpiga gukiza ubuzima bwanje, mugabo nari nzi ko ntegerezwa kutareka barya bantu bose ngo bapfe. »
Smit Machchhar yari amaze imyaka 17 atwara indege hamwe n’imyaka 11 ari umupilote mukuru « commandant de bord » akaba yabandinije abwira uwurongoye leta y’igihugu ciwe uko yatoye ubwenge abona indege iriko yururutswa kumufururizo.
Smit aragira ati: « Nari mfise ibikomere vyinshi kandi naguye. Niho naza numva indege iriko iramanuka (j’ai senti que l’avion était en train de chuter) Nari ndabizi neza ko ari ibakwe ryanje ryanyuma ko kandi umuryango wari ngaho. Yari akiriko anzibura muri uwo mwanya, mugabo naciye nugurura umuryango baca barinjira. »
Smit Machchhar yavuze kandi ko imyaka amaze atwara indege vyamuhaye kuca amenya neza na neza ibigira bibe n’ubwo yari afise ibikomere.
Narendra Modi arongoye leta y’Ubuhindi yavuze ko ubutwari bwiwe bwatumye abantu benshi bakira urupfu rwari rubarindiriye eka mbere na Benjamin Netanyahu, arongoye leta ya Israel yarashimiye uyu mu pilote kubona yarakoze ngo ibara ntirirwe.
Abari muri iyo ndege babwiye abamenyeshamakuru ko igihe Smit yuguruye umuryango baciye binjira barwana kugira basubire bashire iyi ndege ku murongo mu gihe yari yamaze gucurika amazuru kugira iturwe hasi n’uyu mugizi nabi afise akabira ka Omani.
Twobibutsa ko abagabo babiri basanzwe bakora muvyo gutwara indege bari bafashe ingendo bigiriye mu vyabo ari bo baciye bafasha kwururukiriza iyi ndege muri Arabiya Saudite itarashika iyo yari igiye i Tel Aviv muri Israel, mu gihe yari ije iva i Dubai mu gihugu ca Emirat Arabe Unis.
Nagaciro
Inkomoko: France 24