Umuhisi Petero Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi yaragabiye inzu umurwi ukina igikino Ninde kugira ibafashe guteguriramwo ibikino vyabo.
Ushitse muri zone Kabanga hasi mu Giheta iyo mu ntara ya Gitega ntuhuta urabona aho umurwi Ninde ukinira n’ubwo ari hafi cane y’ibarabara Bugarama-Gitega.
Umwanditsi kuri Nagaciro Magazine yishikiyeyo aratuyagira uko vyari bimeze igihe baja kuraba umurwi wa NINDE.
« Twarumvise ko ishirahamwe Gisabo Tours ritembereza ingenzi kuri iyo ncuro ryari rigiye gutembereza ingenzi.
Mu bibanza ryari rifise ku rutonde rw’ibikorwa uyo munsi, harimwo ukubonana n’umurwi ukina NINDE, umurwi wamenyekanye cane mu Burundi. N’uko natwe tuti reka tujane na Gisabo_Tours twirabire ba Kireko n’abandi.
Isaha hafi zibiri twari duhagurutse tuva mu gisagara ca Bujumbura tuva aho twari twahuriye(Palais des Arts) turaduga twerekeza hagati mu gihugu.
Hari kimwe umuntu atokwibagira kumenyesha, n’uko muri Gisabo Tours bafise abaherekeza ingenzi babimenyereye. Bagiye baratuyagira ibintu vy’akaranga tutari bwumve ahantu na hamwe wa muntu we. Baratubaza utubazo tukababaza tukayaga tugatebura.
Umwe muri twebwe muri bamwe bakunze kumererwa nabi ku nzira, ndavuga bagenda barayorwa bashitse muri ya makorosi y’i Bugarama ku bahazi, twashitse mu Giheta tuza twumva avuze ngo « Ni irya mbere ngize urugendo nk’uru simenye n’uko nashitse »
Nivyo ikiyago n’agatwengo vyari vyinshi ariko reka tugire kamwe k’abazungu tuti « soit » reka tubandanye n’uko vyabandanije ngo dushike aho umurwi NINDE ukinira vya bikino vyose duhora tubona.
Aka insolite kadushikiye n’uko twatelefonye Kireko (en personne) tumubwira ko twashitse aho yatubwiye ko duhurira nawe atubwira ko twaharenze kera. Twaritwenze turabazanya ko hari uwibaza ko yoba yahabonye, turatwenga kandi turasubira. Twarururutse dutangura kuyaga n’abenegihugu tuhasanze, tubabaza iyo twotora inzira ijana kwa ba Kireko.
Umudereva wa Gisabo Tours araturaba aramira agatwengo ntiyaduhaga.
« Mwahasize kure cane » umwe mubenegihugu tuhasanze niko yatubwiye abandi barundanye baturaba. (Naguma nibaza ko bariko baraba imyambaro y’abana bo mu gisagara twajanye ubona ko twari kumwe n’abatawuneri.)
Baciye batwereka umu motare ahazi neza, adutembera imbere natwe twurira ibisi yacu turamukurikira no kwa ba Kireko ngo ba.
Mw’ikoti y’ikarokaro twasanze Kireko kw’ibarabara yadutegereye tuca turururuka tugenda turayaga nawe shoferi tumuta inyuma azana buhorobuhoro n’ingendeshwa yiwe.
Baranezererewe ikibanza umuhisi Petero Nkurunziza yabagabiye ndakubariye. Ni naho bateye batujana baradusigurira uko bakironse ico kibanza n’uko umuhisi yabagiriye neza kw’iyo mpano.
Twarasohoye agakamera twari twajanye isanamu imwe ngiyo, iya kabiri ngiyo niho twaza tubona inyandiko zimanitse harimwo urwo uwahoze arongoye Igihugu c’uburundi umuhisi Petero Nkurunziza; yateyeko igikumu aha icubahiro Hakizimana Deo batazira Kireko, amugena nk’umugenzi w’abenegihugu mu co bise « Officier décoré à titre exceptionnel »
Vyaratunezereye natwe ukuntu bisanzura muri ico kibanza, aho batubwiye ko ikibanza bagihawe nk’impano y’aho bazohora bategurira ibikino vyabo.
Rwabaye urugendo ruhimbaye «