Kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma uko umwaka utashe ni umusi mukuru wo kwibuka umweranda Valentino yabayeho mu kinjana ca gatatu inyuma ya Yezu Kristu araheza ashirwa mu gitabu c’aberanda mu kinjana ca gatandatu. Mu kinjana ca cumi na gatanu yaratowe kuba umuvunyi w’abakundana ari yo mpamvu uwo musi uhimbazwa nk’umusi mukuru w’abakundana. None uwo mweranda ni nde? Tumuziko ibiki?
Ubuzima bw’umweranda Valentino
Mu ntango, nk’uko tubikesha ikinyamakuru c’Ekleziya Gatorika co kw’isi citwa Vatican News, ku musi wa 14 Ruhuhuma handitsweko umweranda Valentino ariko iryo zina rihuriweko n’abantu babiri bitiranwa kandi bose babaye abasaserdoti
bapfiriye Imana. Turavuga rero ubuzima bw’abo babiri tutazi neza uwuba ariko avugwa iyo twibuka Valentino mweranda.
Uwa mbere ni umupatiri yaba mu gisagara ca Roma mu mwaka wa 270 ku ngoma y’umwami w’abami ( empereur ) Claude wa kabiri bita le Gothique. Uwo mwami ntiyerekwa na gato ivya Yezu Kristu/Yesu Kristo yari yategetse abantu biwe gusenga izindi mana. Yarapfungishije uwo mupatiri Valentino kuko yanse gukwirikiza itegeko ryiwe akabandanya yambaza Umukama Yezu/Yesu. Kubera ko no mu gasho atadohotse yahavuye amushinga umwe mu batware biwe yitwa Asterio ngo amwumvishe ku nguvu ko gusenga Imana ya Yezu Kristu ataco bimaze. Yamara Asterio yarafise umukobwa yahumye kuva ku myaka ibiri. Patiri Valentino yaramusengeye aca arabona. Inyuma y’ico gitangaro, Asterio yaciye yihana yemera Kristu be n’umuryango wiwe wose. Umwami Claude abimenye bimutera ishavu aca ategeka ko Valentino yicwa.
Uwa kabiri ni umwepiskopi wo muri Terni mu Butaliyano nyene. Ivyiwe vyabaye mu mwaka wa 346-347. Hari umunyabwenge ( philosophe ) yitwa Craton yamutumiye iwe ahasanga umwana arwaye indwara imubuza gukura umutwe hagati y’amavi. Valentino yaranse kwakira impembo yo kumukiza Craton yariko amwemerera ariko abwira uwamutumyeko ko umwana wiwe akizwa n’ukwemera Yezu Kristu/Yesu Kristo. Araheza rero aramusengera umwana aca arakira maze we n’abiwe bemera ububasha n’inganji vy’Imana y’ukuri. Niho wa musenyeri yababatiza kumwe n’abandi bagereki batatu Procule, Efèbe na Apollon. Hari n’uwundi yemeye
kubatizwa: umwana w’umutware w’i Roma azwi kw’izina rya Furioso Placido. Uwo mutware yumvise ko umuhungu wiwe yabatijwe yaciye afatisha Valentino ngo yicwe mw’ijoro ku gutinya abanyagihugu bari kugumuka bamenye ko umwepiskopi yishwe aciwe umutwe. Ba bagereki batatu yari yabatije baciye baja gushingura ikiziga ciwe i Terni, ariko ntivyaboroheye kuko baciye bafatwa nabo barapfungwa kugira bicwe nkawe. Bahambwe hafi y’intatemwa ya Valentino.
Gushika ubu biragoye gutandukanya abo bantu babiri. Kuba bishwe kumwe (mu kuba abamaratiri baciwe umutwe), kuba bapfiriye ahantu hamwe (ku nzira imwe y’i Roma) mu kiringo kidatandukanye cane (imyaka 70 gusa) bituma hari bamwe bemeza ko abo bagize umuntu umwe rudende.
Ukwo Valentino mweranda yagizwe umuvunyi w’abakundana
Valentino mweranda (umupatiri) avugwa ko mu gihe ciwe abasore barwana mu gisoda c’abaromani ntibari barekuriwe kurongora. Valentino rero yarabaraganisha mu kinyegero n’abo bakundana mu kurenga ibwirizwa ry’umwami. Yaciwe umutwe kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma i Roma.
Hari iyindi nkuru ivuga ko abungere b’Ekleziya Gatorika bashatse guhindura umusi abapagani b’abaromani bahimbazako ikimana c’irondoka (dieu de la fertilité) Lupercus (niho hava izina Lupercales bita uwo musi wa 14 Ruhuhuma). Mu migirwa y’uwo musi mukuru, abaherezankuka b’ico kimana bariboreza (banywa imivinyu ikaze) maze bakagenda bari gusa mu mabarabara y’igisagara bitwaje inshato z’impene baza barakoza ku barengana. Vyavugwa ko iyo umukenyezi agize amahirwe yo gukorwako n’abo baherezankuka yaca ashobora gusama inda kandi akayivyara neza atababaye cane.
Ariko guhimbaza Valentino mweranda nk’umuvunyi w’abakundana ntivyatanguriye i Roma. Vyahereye mu Bwongereza mu nzu z’abihebeyimana bugaranye (abamonaki) ba Benedigito mweranda (les Bénédictins). Hari mu kinjana ca cumi na kane. Umusi wa Valentino mweranda wari usanzwe ari umusi inyoni zo mw’ico gihugu zikorako imibonano mpuzabitsina inyuma y’igihe gikanye cane ca ( hiver ). Urwo “rukundo” rw’izo nyoni kuri uwo musi nirwo rwatumye bawuhimbazako urukundo mu bantu.
Abakundanye rero baraheza nabo bagahana utuganuke mu kugaragazanya urukundo bafitaniye, harimwo n’amashurwe aba asubiye kuboneka mw’uko kwezi. Mu mwaka w’1496 niho umupapa yitwa Alexandre wa gatandatu yagena Valentino mweranda nk’umuvunyi w’abakundana.
Inkomoko : Vatican News, Le pèlerin, cath.ch
#Nagaciro
Photo: ©L’Avenir