Haraciye imyaka umuparitiri yameyekanye cane mu Burundi cane cane mu gisagara ca Bujumbura nka “Buyengero” asezeye isi.
Hari kw’igenekerezo rya 4 nzero umwaka wa 2015 aho inkuru yava mu Butaliyano ivuga urupfu rwa patiri Joseph De Cillia Giuseppe azwi cane nka Buyengero.
Patiri Joseph De Cillia Giuseppe azwi nka Buyengero yakoreye mu Burundi imyaka itari mike ibikorwa vy’Imana ndetse n’ivyiterambere ry’igihugu, aho yubatse amashure ndetse n’amashengero.
Isengero yubatse i Buyengero(Paruwase Buyengero) murumonge ryoba ari ryo ryabaye intandaro y’izina yahawe, izina rya Buyengero.
Ikinyamakuru iwacu kivuga ko uyu mupatiri asanzwe ava mu muryango w’aba saveri(Xaveriens) yahunze ava muri paruwasi Buyengero mumwaka wa 1995 igihe abapatiri b’uyu muryango waba Xaveriens bari bageramiwe, aho abasirikare b’ishemwo babiri patiri Ottorino Maule na Aldo Marchiol n’umukorerabushake Katina Gubert babaziza ko bashira ahabona amabi abasirikare bakorera abanyagihugu.
Si aho gusa, iki kinyamakuru kiravuga ko abapatiri b’uyu muryango batorohewe mu biringo bitandukanye igihugu c’uburundi cagiye kiracamwo.
Inyuma ya paruwase Buyengero yubatse, yaciye aja kuba mu Kamenge i Bujumbura ahubaka iyindi paruwase, amashure, ibibuga n’ibindi n’ibindi, izina rya Buyengero rimugumako mbere rikwira hose, ku buryo inyubako zose yubatse mu gisagara ca Bujumbura n’ubu bazita <kwa Buyengero>
Ikinyamakuru IGIHE kivuga ko patiri De Cillia Giuseppe yarungitswe mu Burundi akiri muto, akaba yarungitswe gukorera mu Burundi afise imyaka 28.
Twobamenyesha ko abapatiri b’aba Xaveriens bari mubambere batanguye gukorera mu Burundi nko mu myaka ya 1945 aho bashitse bubaka amaparuwasi nka kigwena, Minago, Buyengero i Bururi, Gasorwe, Ruzo, Bugwana i Muyinga, Mumuri i Gitega hamwe no mu kamenge i Bujumbura.
Ibi vyatumye hari abamenyekana cane kubera ivyo bafashije mu gihugu aha twovuga nka patiri Buyengero azwi kumazina yiwe y’ukuri nka De Cillia Giuseppe hamwe na patiri Claudio Marano wo muri uwo muryango nyene yubatse ikigo ca Centre Jeune Kamenge.
Photo: ©SOS Media