Mu mwaka w’2011 ingoma z’Uburundi zarashizwe mu mutigiri w’itunga Kama ry’isi nk’uko bikorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO. Izi ngoma zamye ari akaranga k’inkoramutima karanze abarundi kuva ku mwami wa mbere Ntare Rushatsi Cambarantama ari nawe dukesha ingoma ya mbere yabayeho ariyo Karyenda.
Kuri uyu musi duhisemwo kubasabikaniriza amazina y’ingoma kurya tuzibona, tumenye n’ico bisigura iyo abatimbo aribo bahebera bihebeye ingoma bariko baraziha umurisho. Ico twomenya n’uko inyifato, ingendo yose bakora iba ifise insiguro nk’uko twavyiganiwe n’umutama Duniya Abedi, umutimbo n’umunyakaranga. Uwu mukurambere akaba umunyakaranga, yatanguye kuvuza Ingoma afise imyaka 11 mu mwaka w’1982 gushika n’ubu akaba akiriko.
Ingoma uko tuzibona ziratandukanye kandi zigira uko zitwa .
Nk’uko Duniya Abedi yabisiguye, hari mu giteramo c’akaranga kizwi kw’izina rya “Rinjora” cabaye mu kwezi kwa Kigarama 2024, zirya ngoma ziba zitonze ku murongo umwe hakaba n’iyi ndi iziri imbere zose zifise uko zitwa. Yagiriyeko anatubwira ico bisigura kurya tubona abatimbo bifata imbere yazo.
Duniya yavuze ati :
1. Irya ngoma igendera imbere isize amabara y’igihugu bayitirira Karyenda, ni yo iba irongoye. N’ikimenyetso ca Nyen’inganji.
2. Haca haza ibishikizo ni za ngoma nini zivuga umudiho munini, izi nazo ngo zogereranywa na barya begereye intwaro nk’abashikiranganji, abashingamateka,….
3. Hakurikira amashāko, nazo ni za ngoma ntonto zidahindura umudiho nazo zogereranywa n’abanyagihugu.
4. Urya muntu agiye gutamba, imbere y’uko aja gutamba aca kuri irya ngoma y’imbere, harya aba yimitswe kandi aranarahira. Harya bafata imirisho bakayicisha mw’izosi n’ikimenyetso co kurahira. Hari naho bayicisha ku maboko bisigura ngo niyahemuka bazomuce umutwe canke amaboko. Iyo agiye imbere gutamba, zirya ngoma nizo zikurikira ivyo atamba, aba ariko aratanga amategeko.
5. Ahejeje gutamba aca avayo, agaca ashikira kuri irya ngoma ntoyi y’ishako. Bisigura ko atwaruye abaye umunyagihugu mu bandi agaheza akabandanya asasira kuko umunyagihugu arumviriza akongera agasasira amategeko.
6. Twomenya kandi ko irya ngoma y’ishako uyivugije nabi bica vyumvikana. Bisigura ko umunyagihugu yanse gukurikiza amategeko bica biboneka gutyo akaba ariko aratobera ubutegetsi.
7. Ingoma zitugarukana ku nyambaro ya ba sokuru aho umurundi wa kera yabwirizwa kwerekana igikiriza ikimenyetso c’inguvu zo gukingira urugo n’igihugu.
Muri make izi ngoma z’abahebera bihebeye ingoma zerekana uko igihugu cari gitunganije mu vy’intwaro. Iyo tubonye abatamvyi biyereka kandi bakurakuranwa baba bariko barashimangira uko bibwirizwa kugenda mu buzima bw’igihugu, ubw’abategetsi n’ubw’abanyagihugu.
