Ukumwa umushasti akoresheje igipawa, umwuko, inyundo n’ibindi vyatumye umunya Kenya avurwa cane mu binyamakuru vy’abafaransa muri iyi ndwi turangije.
Safari Martins ni umugabo wo mugihugu ca Kenya ariko avugavurwa muri kino gihe kubera igikorwa ciwe co kumwa abantu akoresheje igipawa,umwuko wo kwubaka, inyundo ahejeje agacisha ku mutwe w’umumobwa ipasi ishushe.
Kimwe mubinyamakuru bikomeye mu gihugu c’ubufaransa “Ouest France” gitangura kivuga kiti “Ntimwibaze ngo ni aho bakorera ivyuma(atelier de bricolage) ihibambewe ni kwa kimyozi, umwe mubamwa imishatsi yakwiragiye hose ku mbuga ngurukanabumenyi.”

Safari Martins batazira “Chief Safroke” afise aga salon de coiffure(aho amwera imishatsi) uhashitse uhasanga ibipawa (pelles) n’amapasi yo kugorora impuzu akoreshwa amakara, uyu mugabo afata igipawa akagikarisha neza akagicisha ku mutwe umushatsi akawugira akaraho agakurako wose, mbere kubo asigariza udushatsi bivanye n’umuderi bimwesheje araheza agacishako ipasi ishushe hejuru agatsindagira kano gashatsi ku buhinga buhanitse.
Itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika AP News ryashatse kumenya ivyuma akoresha mukumwa, nayo Martins araheza yishura ati: ” Kubisanzwe nkoresha ivyuma bitamenyerewe.”
Ikinyamakuru c’abongereza The Independant kivuga ko Safari Martins yavukiye mu gihugu c’Urwanda akaba yatanguye kumwa mu mwaka wa 2018 yiga mw’ishure ryisumbuye aho yakoresha icuma c’itondezi atiye(tondeuse) akamwa imishatsi y’abanyeshure bigana, abamwera iruhande y’amashure canke mu buraro bw’ishure(dortoir)
Avuye kwishure kimyozi Martins yahavuye ahindura ingendo
Inyuma y’imyaka itanu yahavuye atangura gukoresha icuma gifata amasanamu ariko aramwa, atangura gukoresha ivyuma biyobeye mu kumwa ivyatumye abakoresha imbuga ngurukanabumenyi bamutangarira cane bamukurikirana ku bwinshi.
Mu gihe cose ariko aramwa haba hari umuntu afata amasanamu afata utwo agira twose, ibi bikaba vyatumye amasanamu yiwe akurikiranwa cane aho ku mbuga za Instagram na Tik Tok afise abamukurikirana barenga umuliyoni ibi bikamugira umwe muri ba kimyozi bazwi cane mu gihugu ca kenya nkuko bivurwa n’ikinyamakuru Afrikanews

Abimwesha baratanguranwa mbere bagatanga amahera arusha incuro cumi ayo kumwa bitwara mu gihugu ca Kenya, ivyo bigatumwa n’uko afise abamukurikirana benshi ku mbuga ngurukanabumenyi, ku buryo uwimwesha aba ashaka kumenyekana ku mbuga ngurukanabumenyi gutyo agahitamwo guca kwimwesha kwa Martins, nawe agaheza agacisha iyo sanamu ku mbuga ziwe.
