Ni inkuru ndende twashimye kubasesangurira y’inkomoko y’ubuhinga bwamaze gutera imbere bwo kubaga abagore mu kwibaruka buzwi nka “Césarienne”. Ijambo ‘cézarienne’ rikaba rikomoka mu rurimi rw’ikilatini «caedere » rigasigura igikorwa co guhimbura canke gucacura canke uguca. Hari n’abandi benshi bavuga ko iryo jambo ryoba ryakomotse ku mwami Jules César bivugwa ko nawe yoba yavutse muri ubwo buryo n’ubwo ataho vyemezwa.
Muti none vyatanguye ryari ukubaga abakenyezi bashaka kwibaruka? Ico twomenya co, ni uko kuva kera na rindi mu myaka y’imbere y’ivuka rya Yezu Kirisu hamye haba ukugerageza kubaga abakenyezi vyanse ko bibaruka kugira bakize umwana canke nyina wiwe canke bompi. Ariko rero mu mico itari mike, ntibavyemera ahubwo umukenyezi vyanse rwose ko yibaruka mu buryo kama abo kenshi barahasiga ubuzima ariko mu kwemera kw’abantu batandukanye, ngo bategerezwa kubaga umugore yapfanye ikibondo mu nda kugira umwana na nyina bahambwe ugutandukanye.
Nk’uko tubisoma ku rubuga #National_Library_of_Medicine rwegukira Leta zunze ubumwe za Amerika, mu mwaka w’ 234 imbere y’ivuka rya Yezu niho hashobora kuvuka umwana wa mbere ku mugore abazwe ariko uwo mugore we ntiyashoboye kuharokoka. Ubwo buhinga bwakozwe muri Afrika aho umwana Scipion Umunya afrika (Scipion l’Africain) yashobora kuvuka .
Ni uko rero, inyandiko za mbere zamenyekanye zerekana ko umuvyeyi hamwe n’umwana barokotse igikorwa co kubagwa vyabaye mu myaka y’ 1500, mu gihugu c’Ubuswise. Umugabo yitwa Jacob Nufer, Umworozi karuhariwe w’ibitungwa ni we yakoze ico gikorwa ku mugore wiwe bwite.
Inyuma y’iminsi myinshi umugore ari mu marushwa y’ibise bitari bushikane ku kwibaruka, abakirizi barenga cumi na batatu b’abahinga b’ivy’ukwibaruka bakagerageza kumufasha bikaba ubusa; ntiyashobora kwibaruka bisanzwe, uwu mugabo, yihebuye cane, yabonye umugore wiwe agira amuce mu myanya y’intoki, aca asaba uruhusha rudasanzwe mu ntwaro rwo kugerageza kumubaga nk’uko yari asanzwe abikora ku bitungwa akaba yari yaranavyize, n’ubwo ico gihe itegeko ryabuza kubaga abagore nk’uko babaga ibitungwa.
Jacob Nufer, yarashize amanga, amaze kuronka uruhusha, arigerezako abaga uwo bagira bavyarane n’ubundi yari yamaze kubona ko agira apfakare. Ikinezereye rero ni uko uwo mugore yaharokotse, avyara umwana akomeye, mbere yongera kwibaruka abana batanu, harimwo amahasa kandi aba bakwirikiye yabibarutse neza atarinze kubagwa, nawe uwu mwana yavutse kuri sezariyene yamaze imyaka 77 ari muzima.
Iyi nkuru yagiye kwandikwa inyuma y’ imyaka 82 bibaye, bituma abahinga n’abashakashatsi batangura gukora kugira barabe ko ico gikorwa cobandanya gitezwa imbere gutyo Jacob Nufer aba yuguruye icese igihe gishasha c’iterambere mu vy’ubuvuzi.