Bamwe bakita bary’incuti, abandi bakagafata nk’akabanki kababikira uduhera ngendanwa, abandi bakabura n’ico bagakoza. Ako ni agafuko gato kari ku mufuko w’ipantalo y’ijinisi (Jeans).
None koba kabayeho kubw’intumbero nyabaki?
Vyose vyatanguye mu kinja ca 19 bivuye mumasezerano yagizwe hagati y’umutayeri w’umunyamerika yari akomeye kw’isi azwi ku mazina ya Jacob Davis hamwe n’umurwizatunga Levi Strauss aho bumvikana gukora ipantalon y’ikoboyi (jeans) mu mwaka wa 1873 gutyo rero i jinisi iba iravutse.
Aka gafuko kari rero i buryo hejuru ku mufuko w’ipantalon yose y’ikoboyi (Jeans), abatari bake bakaba bakiyumvira kwinshi bigatuma bibaza ico gakora.
Benshi bagaha amazina atandukanye kugira bishure ibibazo vyinshi bafise, aho bamwe bakita ka barya incuti kuko gashobora kunyegeza amahera uri kumwe n’incuti maze ntiheze ngo ibice n’ikanda ko wagendanye amahera, abandi bakagafata nk’akabanki gato ko kuziganya uduhera twabo.
Uko aka gafuko kabayeho bitandukanye cane n’uko benshi bakibaza.
Muri ayo masezerano yabaye hagati ya Jacob Davis hamwe n’umurwizatunga Levi Strauss, humvikanyweko ko ijinisi izoba ipantalon ikomeye ifise ibipfungo bikoze mu butare bita cuivre biri ku mifuko, imashini, igicapo gitukura ku mufuko w’inyuma(étiquette) hamwe n’imifuko itanu.
Aka gafuko ka gatanu nako ubu gasanzwe kibazwako vyinshi, muri ico kinjana kari gafise akamaro gakomeye. Bagakoze kugira gafasha abatari bake kubikamwo agasaha gato kakoreshwa muri ivyo bihe bita ”Gousset” arico gituma mbere ako gafuko bakita “poche gousset”
Agasaha Gousset si ko konyene kahavuye kaba kagenewe gushirwa muri ako gafuko mw’iyo myaka yamara vyarahindutse aka gafuko kararonka n’akandi kazi
Mu kinjana ca 20 niho hatanguye kubaho amasaha bambara ku kuboko aza asubirira ka gasaha gato ”Gousset” batwara mu mufuko, bica bituma ka gafuko kabura akazi ariko benshi baca bagaha akandi kazi ko gutwara ikibiriti bita ”briquet zippo” na cane cane ku basomyi b’agatabi.
Muri ino myaka, ubu aka gafuko ngo koba gasa n’uko ata kazi kakagenewe gafise ari naco gituma umuntu wese agakoresha ico yishakiye, abandi bakabura n’ico bagakoza.
Mw’itangazo bise ”pub Levi’s” ryasohotse mu mwaka wa 1995 riva mubegereye ibikorwa vya Levi Strauss umwe mubatanguje iyi pantalon, ryo risa nirihanura abakoresha iyi pantalon y’ijinisi ko kubera aka gafuko kakiriko batobura ico bagakoza kuko gashobora kubafasha gutwara ibingorongoro, ikibiriti canke udufuko (condom)