Ingaruka zitandukanye zo gutwara inda mu gihe ukiri muto

“Umwana w’imyaka cumi n’itanu avyara uwundi mwana ni ingorane, ni ingorane ikomeye cane.” Ni kuri ayo majambo y’umuhisi yahoze arongoye igihugu cacu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA dushimye gutangurirako iyi nkuru. Dushaka kurabira hamwe ingaruka zishikira abigeme bavyara batarashika mu bigero. Turi mu ndwi duhimbazamwo umusi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abakenyezi (kw’itariki 8 Ntwarante). Kaze rero tubiyage ido n’ido.

Umuvyeyi akiri muto canke imbanyi yihuse bisigura iki?

Mu mico n’imigenzo y’ibihugu bitari bike harimwo n’Uburundi, umwigeme agera kwibungenga (gusama imbanyi) agiye kwubaka urwiwe. Mu gihe bishitse akarangura imibonano mpuzabitsina atari mu rugo maze bikavamwo imbanyi, uwo mwigeme aba aguye mu kaga, atawe mu rudubi. Igihugu c’Uburundi cashinze ko umukobwa yemererwa kwubaka ashikanye imyaka cumi n’umunani. Niyo myaka rero aba ashobora gutwara imbanyi biciye mu mategeko. Atari uko, imbanyi yose atwara ifatwa ko ari iyihuse, nawe agafatwa nk’umuvyeyi akiri muto.

Ni ibiki bituma umukobwa aba umuvyeyi akiri muto?

Haribonekeza cane mu mashure matomato n’ayisumbuye mbere no mu kibano abigeme bava kw’ishure batwaye inda z’ishushu. Ahantu vyarinze bihagurutsa umukuru w’igihugu akagira ico abivuzeko ni uko vyari vyakomeye. Turondeye gutohoza ku mvo zibituma dusanga hari abaja mu guhuza ibitsina batavyiteguriye. Ngizi rero zimwe mu mvo zitangwa n’urubuga rwa Plan International (twagerageje kubiroresha ku biba mu Burundi):

  • Ubuzima bwo mu kibano na canecane bufatiye ku mikoro make y’imiryango : abigeme bataja kw’ishure nibo kenshi bahura n’ikibazo co kuvyara bakiri bato, abandi bamwebamwe ni ku mvo y’ubukene babona mu muryango bavukamwo. Birashika bagahendwa ko ubuzima bwabo bwokwisununura mu gihe bemeye guhuza ibitsina n’abagabo batunze.
    • Kutaronka inyigisho zihagije kandi zizewe zerekeye ubuzima ndoragitsina : akenshi usanga urwaruka rudahabwa indero y’uko rwokwitwara mu vyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza. Haraho rutamenya ingorane zikwirikira uwusamye inda atarakwiza imyaka cumi n’umunani abandi nabo ntibigishwe uburyo bubereye bwo kwikingira imbanyi zitipfujwe.
    • Guhatirwa kuja mu rugo hataragera : haraho umukobwa akwegwakwegwa kuja kwubaka atarakwiza imyaka yo kurushinga ku mvo zitandukanye bigatuma atagira amahitamwo cane. Arinze yubaka rero aca akora icamujanye, gutyo n’imbanyi zigakwirikira.
    • Gufatwa ku nguvu : igice kinini c’urwaruka rutwara imbanyi yihuse ni urufatwa ku nguvu. Gufatwa ku nguvu mu muryango, kw’ishure, ku kazi (naho aha bataba babirekuriwe kuko amategeko mpuzamakungu ahana abakoresha abana) n’ahandi biratuma harwira abigeme basama batari bwagere.
    • Imiziro n’ibihishije vyo mu migenzo y’abantu : umuco w’Abarundi uraziririza kuyagira hejuru ivyerekeye ubuzima ndoragitsina, n’indahiro zitari nke zibufatirako. Niho rero bitera isoni abantu bose bagatinya kubivugako.
    • Amategeko : ikindi gituma inda z’ishushu zibonekeza ku bwinshi ni amategeko atarekurira abagore gukorora inda n’amadini yigisha abuza abantu kwikingira imbanyi mu gukoresha uburyo bwo gutandukanya imvyaro.

    Ingaruka zavyo ni izihe?

    Burya rero gusama inda ukiri muto birafise ingaruka mbi zikaze ku buzima bw’umuvyeyi yibungenze, ubw’umwana yiteguriye kuvyara no ku bw’igihugu.

    • Amagara arahungabana: ibiharuro birerekana ko abigeme bashika 194 bapfa ku musi bahitanywe n’imbanyi zihuse. Inkwirikizi zo gutwara inda no kuvyara ziza mu kibanza ca kabiri kw’isi c’impamvu zituma abakobwa b’imyaka iri hagati ya cumi n’itanu na cumi n’icenda bitaba Imana. Akenshi izo mpfu zituruka ku kubura ikwirikiranwa ry’imbanyi mw’iyo myaka iba isanzwe igoye be no kubura uburyo bwo gushikira abaganga.
      • Guheba ishure: umukobwa atwaye inda akiri muto aca ahagarika ishure kandi gusubirayo biramugora. Bamwebamwe bihutira guca baja kwubaka.  
      • Gukumirwa mu kibano: mu migenzo y’abarundi, ubusugi bw’umukobwa ni iteka ry’umuryango. Uwubutakaje agasama inda ataraja mu rugo arakumirwa agacika igitabwa. N’umuryango uramwihakana nta wumuha nirwere, maze akarangiza ahungabanye mu magara y’umutwe, ivyo bita kuyinga.
      • Gukandamiza igitsina gore no kugwiza ubukene: gusama imbanyi ukiri muto birakomeza iciyumviro c’uko abagabo baruta abagore, ko uburenganzira bw’abagabo ataho buhuriye n’ubw’abagore, kandi bituma abagore badaharanira iterambere ryabo ku giti kimwe n’igitsina gabo. Ubukene bukomeza kwiyongera muri abo bavyeyi ku buryo bemera kuba ibikoresho vy’abagabo kugira barabe ko boronka utwo kugaburira umwana.
      • Gufata ingingo yo kwubaka hataragera: gutwara inda utarubaka bitera agakengerwe ku buryo usanga umukobwa yihuse kuja mu rugo atarashishoza neza ivyerekeye iryo banga. Ni nk’uko kandi ashobora guhatirwa kwubakana n’uwo atahisemwo ku mvo y’uko yamuteye inda.

      Umusozo

      Mu gusozera, turabona ko ingaruka mbi zitabuze ku bakobwa bose bishikira

      bakibungenga bakiri bato. Ben’izo mbanyi zirakenera gukwirikiranwa bihagije kuko zirahanzwe rwose. Aho ni mu gihe n’umubiri w’umukobwa (mu gitereko) utaba uragera gukomerera imbanyi.

      Related posts

      Bujumbura: Ibitaro Prince Régent Charles biramutswa umuyobozi mushasha

      “Césarienne” canke “Ukubaga umugore mu kwibaruka” vyoba vyatanguye ryari, ni inde yabigerageje ubwa mbere?

      Abahinga bavuga ko urukundo rwoba rutarenza imyaka itatu ahubwo riho ngo rurarangira rukagenda