Senegal yahanywe bikomeye kubera amakosa yakoze mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’umupira w’amaguru ca Afrika eka na Maroc bahiganywe nayo yaronse ibihano bimwe bimwe.
Inyuma y’inama ikomeye yo gufata ingingo ku makosa y’abaye mu rukino rw’umupira w’amaguru rwa nyuma ruhuza ibihugu vya Afrika, ishirahamwe rijejwe ivy’umupira w’amaguru muri Afrika CAF(Confédération africaine de football) ryasohoye ibihano ruhasha, bamwe mu bakinyi bakaba bahanywe ku mirwi yose, umumenyereza hamwe n’igihugu nabo nyene barahanwa.
Mu rukino rwanyuma rwahuje imirwi ya Senegal na Maroc harabonetse ibintu bimwe bimwe bitamenyerewe, aha tukavuga nk’ikosa ryakorewe umukinyi Diaz wa Maroc umuhagarikizi w’urukino amaze gutohoza asanga nivyo ryakozwe atanga igihano ca penalty Senegal iravyanka mbere umumenyereza wayo asaba abakinyi gusohoka bamwe barava mu kibuga, haribonekeje n’ibindi nk’ingwano y’inyuma y’ikibuga aho hibonekeje ugupfa igitambara co kwihanagura icuye n’ibindi n’ibindi.
CAF yahanye bikomeye umumenyereza wa Senegal Pape Thiaw imwaka ubububasha bwo kugira ico akoze mu nkino zitanu ziri imbere, akaba yaciye n’ihadabu ry’ibihumbi ijana vy’amafaranga y’amadorare (100 000 dollars) uyu akaba yahanywe kubera yagumuye abakinyi biwe ngo basohoke bave mu kibuga bahejeje kwanka igihano c’umuhagarikizi.
N’ubwo yasa n’uwasavye imbabazi urukino rurangiye, uyu mumenyereza asanzwe azonaheza amasezerano yiwe n’umurwi wa Senegal mu kwezi kwa kabiri italiki 28 CAF ntiyamwihanganiye na gato, iri shirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika rikamwagiriza ko yakoze ibidakorwa, ivyacafuje umupira w’amaguru.
Ikinyamakuru c’abafaransa Rfi kivuga ko umurwi nserukiragihugu wa Senegal usa n’uwutorohewe kubona umumenyereza wabo bamuhanisha kumwaka ububasha bwo kugira icakoze mu nkino zitanu ziri imbere, ariko iki kinyamakuru congerako ko ibi bihano biterekeye inkino z’igikombe c’isi uyu murwi “Lions de la Téranga” usanzwe uzojamwo.
Abakinyi ba Senegal Ilimane Ndiaye na Ismaïla Sarr nabo bahanywe, aba bakaba batarekuriwe gukina inkino zibiri zo muri CAF Senegal izokinamwo. Ndiaye yahowe ko yatutse umuhagarikizi w’urukino amubwira ko yariye igiturire, nayo Ismaila Sarr nawe akaba yahowe ko yerekanye inyifato itabereye mu rukino rw’umupira w’amaguru ibi akaba yabikoreye nawe nyene umuhagarikizi.
Ibihumbi icumi na bitanu vy’amadolare(15 000 dollars) nivyo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Senegal(Fédération) naryo ryaciwe nk’ihadabu kukuba abakinyi b’umurwi wa Senegal berekanye indero nke mu rukino. Abakinyi batanu nabo batavuzwe bakaba bagabishijwe.
Ntivyagarukiye aho, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Senegal ryahanishijwe kandi gutanga ihadabu ry’amafaranga y’amadolare ashi ibihumbi amajana atatu(300 000 dollars) kubera uwurirongoye Abdoulaye Fall yifashe ukutariko yerekeza kuri CAF. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Senegal ryahanishijwe gutanga n’irindi hadabu ry’amafaranga y’amadolare ashika ibihumbi amajana atatu(300 000 dollars) aya nayo akaba ari uko abakunzi (abafana) b’umurwi wa Senegal bigenjeje nabi mu kibuga, tukabibutsa ko abashika 17 bakiri mw’ibohero muri Maroc barindirye gucirwa urubanza.
Muri ivyo bihano igihugu ca Maroc naco nticasigaye inyuma
Ishirahamwe rijejwe ivy’umupira w’amaguru muri Afrika CAF(Confédération africaine de football) ryahanye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Maroc (Fédération marocaine) iri rikabwirizwa gutanga ama hadabu atandukanye, yose hamwe akaba ashika ibihumbi amajana atatu na cumi na bitanu vy’amadolare(315 000 dollars) ku makosa nk’ukuntu abatora imipira ku ruhande rwabo bigenjeje, eka n’ukuntu binjiye bukwi na bukwi mu kibanza kirimwo ubuhinga ntasobwa bwo kuraba ivyabaye(VAR) hamwe n’ibimuri vyo mu bwoko bwa laser vyakoreshejwe n’abakunzi b’uyo murwi.
Abakinyi ba Maroc Achraf Hakimi na Ismael Saibari nabo bahanywe kubera kimwe mu bintu vyatangaje abaravye urukino, aho haguma harwanirwa igitambara co kwihanaguza c’umunyezamu w’igoli rya Senegal uwuzwi nka Edouard Mendy aba bakaba bahanishijwe ukudakina inkino zibiri hamwe n’izindi zitatu kubera berekanye inyifato itabereye mu rukino, kuri iki gihano ca kabiri bakazotanga n’ihadabu ry’amafaranga y’amadolare ashika ibihumbi ijana (100 000 dollars)
N’ubwo biri uko CAF yarahiye irarengwa ko idahagarika instinzi nk’uko vyasabwa na Maroc
Ico umurwi wa Maroc washikirije nk’ikirego aho wasaba ko kubera Senegal yasohotse ikibuga bategerezwa kuvuga ko yatsinzwe ibisigura ko yokwakwa igikombe. Ibi CAF yavyanse.
Photo: ©rfi&bbc