Hari ku musi wa hirya y’ejo ku wa gatatu(28/01/2026) aho abagize Inama Nshingamateka y’Abafaransa batora itegeko ryiyamiriza guhatirwa imibonano mpuzabitsina (violences sexuelles) gushika no mu ngo zubatse.
Ni mu gihe mu ntango z’umwaka twaraye turangije abacamanza ba Sentare ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu y’ibihugu vy’Ubumwe bwa Buraya (Cour européenne des droits de l’homme) ishinze ingingo ihana Republika y’Ubufaransa kuko yarenganije umugore mu rubanza rwo kwahukana n’umugabo wiwe, uwo mugabo nawe akaba yamwagirije ko atabashije kumuronsa ivyo ategerezwa vyerekeye amabanga y’abubatse mu kiringo c’imyaka ishika cumi.
Niho inyuma y’imburano zose zitegekanijwe mu masentare y’Ubufaransa gushika muri Gasamburamanza umugore yatsinzwe aca yitwara muri iyo sentare yo ku rwego rwa Buraya. Nayo yaramwejeje igirako ihana igihugu c’Ubufaransa kuko carenze ku masezerano cateyeko umukono yerekeye ukwubahiriza agateka ka zina muntu mu bihugu bigize umuryango w’Ubumwe bwa Buraya. Twari muri Nzero 2025.
Inyuma y’uru rubanza igihugu c’ubufaransa cavyifashemwo gute?
Inama Nshingamateka yahavuye ica ifata ico kibazo mu ntoke kugira havanweho igipfungu gikikuje amategeko agenga ingo n’imiryango (Code civil). Tubibutse ko twari twabayagiye kw’ico kibazo mu nkuru yaciye kw’uyu muhora (https://ki.nagaciro.com/hoba-hari-itegeko-ribwiriza-abubakanye-kurangura-amabanga-mpuzabitsina/) Nta tegeko nyezina ryahoraho ribwiriza abubakanye kurangura amabanga mpuzabitsina (devoir conjugal). Yamara rero, iyo umwe mu bagize urugo atabishatse hari ingingo y’uko uwundi abimukoresheje ku gahato aba amufashe ku nguvu. Ivyo navyo bihanwa n’amategeko mu caha citwa “viol conjugal”.
Ico Inama Nshingamateka rero yemeje ni uko mu ngingo za sentare hatosubira kuvugwa “devoir conjugal” isigura ko abubakanye bategerezwa guhuza ibitsina nk’uko vyari bihasanzwe. Mwomenya ko iryo jambo ryahora rikoreshwa ryamuka muri “jurisprudence” y’abacamanza bo mu Bufaransa.
Jurisprudence ni iki?
Mu mvugo y’amategeko, icitwa “jurisprudence” ni uburyo bwisungwa mu gufata ingingo ya sentare ku bintu amategeko adatomora neza. Umucamanza mu mwuga wiwe asanze urubanza ahamagariwe guca ata tegeko na rimwe ryanditswe rimumenyesha uko yoruca ararekuriwe kwihweza uko izindi manza ben’izo zagiye ziracibwa imbere yiwe, maze nawe agaheza akisunga izo manza z’ibanze mu guca urumushikiriye. Amaze gufata ingingo aratomora ko yarusomye yisunze .
N’ubwo rero ata canditse cari bwaboneke, abacamanza bamye bafata ko amabanga mpuzabitsina mu rugo ari ngombwa ku buryo atawurekuriwe kuyankira uwundi.
Abashingamateka b’Abafaransa bashatse kuvavanura n’ico ciyumviro mentalité mu kwemeza iryo tegeko rishasha, kuko kubwabo cahohotera agateka k’umuntu canecane ak’abakenyezi.