Umuririmvyi umwe niwe yaririmvye ati : “Uwutamenye iyo ava ntamenya iyo aja.” Mu kwandika iki gisomwa twakozwe ku mutima n’igikorwa umwigeme Irakoze Gretta Flora yakoze aho yasubiyemwo igitito twakuze twumva citwa ‘Rusararubenga’. Irakoze, yacanditse mu gitabu mu ndimi zitatu kugira imico yacu isamirane mu mashinga.
Indangura kintu y’igitito n’itandukaniro n’umugani muremure.
Igitito n’umugani benshi baravyitiranya kanatsinda nta tandukaniro rinini riri hagati y’ibi bibiri. Vyose n’inkuru z’ubwenge n’ubwitonzi zivugwamwo abantu, ibintu, ibikoko zikaba ndende canke ngufi ariko zikagira ico zigomba kwigisha uwuzibwirwa. Muri izi nkuru, ibikoko, ibiti barabiha ishusho n’ubushobozi bw’abantu kugira bikore canke bivuge. Itandukaniro ry’izi nkuru ni uko rero mu gitito hajamwo agahogo, akavyino bahibongoza bakaririmba. Ariko mu mugani muremure nta kavyino kajamwo urinda uhera ari inkuru. Uko izi nkuru zishikirizwa gutandukanye n’ugutera inkuru bisanzwe haba harimwo ubwitonzi kugira uwuyibwirwa imunyure kandi imushike ku mutima.
Mbega Batita ryari ?
Muri kahise, mbere n’ubu, batita kuva ku mugoroba. Haziko canke ku gicaniro, se rugo na inarugo baratita, bagacira imigani abana babo. Carazira rero gutita ku mutaga kuko umutaga wagenewe ibikorwa, abantu bari kudeha bishinga amajambo gusa.
Ibitito bitari bike vyaba biteye ubwoba ku buryo abana baca bagirako basinzira bagatinya n’ugusohoka hanze mw’ijoro kuko bibaza ko bohava bahura n’ivyo babwiwe. Mu bitito, aho ibisizimwe, ibisamamajonjo, n’ibindi vyashobora kurotsa abana bigenjenje nabi, vyarigisha bigatuma mbere umwana agira ico yubaha n’ico atinya, hari n’aho mu bitito ibi bisizimwe abana bato bato bashobora kubitsinda, vyarigisha ko igikenye n’ingimba kubitsinda bidasaba ijunja….
Igitito Rusararubenga n’Inyigisho dusangamwo
Iki n’igitito camenyekanye kuva kera ku nsamirizi y’igihugu c’uburundi aho umupfasoni Sirivana Majanyanga yagitise mu murya w’inanga uryoshe cane. Kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2025 naho umwigeme Irakoze Gretta Flora nawe akaba yaragishize mu gikino ico gitito akagiherekeresha umurya w’inanga yavugijwe n’umwigeme Epi d’Or.
Muti iki gitito kivugwamwo ibiki? N’igitito cigisha cane ku ngeso mbi y’ubwibone n’ubwishime. Muri iki gitito umwigeme Rusararubenga yari mwiza cane, akama yibona ubwiza, akiyitaho mukwica amaga, mu gusokoza uruhanika. Abantu bose baraje ku musaba, bagasanga yibereye kw’isoko kwica amaga maze murumunawe Inamahiribongo akamwakura kugira aze kuraba abashitsi bamurondera.
Ni uko abatware, abaganwa kugeza ku mwami, baraza kumuresha ariko aranka bose arabagaya arababenga ngo ntibakwiranye. Ariko ikibabaje yaruhiye kwemera igisizimwe caje cambaye neza cihinduye gutyo aba aruguyemwo. Iyo ataza kuhakurwa n’umupfumu ngo amuhe agati ko kwica urwo rusizimwe yari arubonye. Ni uko sije nohahera hohera uwo mukobwa w’ubwibone.
N’uko rero, naho kumbure ubuhinga bwo kwigisha ubu niho hageze ko twivyukiranya , n’igihe co kugaruka i wacu, mu vyacu vyaranze abasokuru na ba nyokuru maze tubikwirakwize ahashoboka, tubihe isura bisubire bifashe