“Ugutongoza ni kimwe mu binyorohera.. eka mbere nk’ubu ndiko ndakuraba gutya ga wa mwigeme nokuramwo igikino” ayo ni amajambo ya Déo HAKIZIMANA azwi nka kireko mu kiyago kuri uyu wa gatandatu uheze.
Ku wa gatandatu uheze igenekerezo rya 05/07/2025, ishirahamwe Gisabo Tours rikorera mu gisata c’ingenzi ryagize urugendo aho ryatembereza urwaruka mu co iri shirahamwe ryise “Youth_Summer_Tour “ uku gutembera kukaba kwabaye ku ncuro ya kabiri aho kwaheruka mu ci riheze.
Mu Bibanza bitandukanye iri shirahamwe ryatemberejemwo urwaruka, turibanda kuri kimwe muri ibi, iki naco akaba ari ikibanza c’abagize umurwi wa NINDE igikino cakujije benshi kikanabaryohera caca kuri radio na televiziyo y’igihugu n’ubu kikiriko.
Abagize umurwi baguma batanga inyigisho no mu rwaruka rwa none mu biyago hamwe no mu biteramo
Mu kiyago kiryoshe Bernadette NGENDAKUMANA bahoze batazira “Ntasoni” mu gikino hamwe na Déo HAKIZIMANA batazira Kireko bagiriraniye n’uru rwaruka, baraganiriye ibitari bike aho bamenyesheje ko igikino NINDE catanguye mu mwaka wa 1981 kandi bakaba baratanguranye na co.
Baraganiriye uru rwaruka uko iki gikino cagiye gihanura abantu benshi ndetse kibera akarorero abandi. Déo HAKIZIMANA batazira kireko yongeye avuga ko hari n’abanyamafuti bakorwako kubera ibikinywe bagasanga hariko havurwa amafuti bakora bagahekenya imisaya eka mbere bamwe n’iradiyo bagahakwa kuyizimya mu gihe haba hariko hacako igikino NINDE kibakebura.
Urwaruka rwagendanye na Gisabo Tours rwarabajije ico iryo zina NINDE barikuyeko, iki kikaba cishuwe na Kireko aho yavuze ko ari akantu nyene biyumviriye ko guha agapfindo abariko bumviriza kugira nabo baheze igikino “Uwumviriza igikino niwe aheza agaheraheza twe turakina namwe mugaheza aho tubaza tuti ‘uyo yoba ari nde yoba ari jewe ga yemwe’ ” bivuga Kireko.

Mbega bakoresha ubuhinga ubuhe mu murwi NINDE?
Bernadette NGENDAKUMANA asanzwe ari nawe aserukira imbere y’amategeko umurwi NINDE yabwiye uru rwaruko ko bo mugukina badasoma ivyanditse ahubwo basanzwe bafise ingabire aho umwe wese bamubwira ivyo aza gukina(sujet) we nyene akaca amenya uko abijana mu gikino.”
” Nka kireko muramaze kubona ko ivyo gutongoza abikora neza tumubwira uwo aza kuresha mu gikino ntabindi tumubwira we aca amenya uko abijana kuko amenyereye kubikina neza usanga bimeze neza.” ni Bernadette NGENDAKUMANA avyigana.
Kuri iki, Kireko yaciye amwunganira agira ati: “”Ugutongoza ni kimwe mu binyorohera barampa uwo nza gutereta maze nkaraba uko igikino kigenda nkamuresha gushika yemeye.”
Ibi Kireko yabivuze ariko araba inkumi imwe muzari zagendanye na Gisabo Tours araheza ayibwira ati: “Eka mbere nk’ubu ndiko ndakuraba gutya ga wa mwigeme nokuramwo igikino ndavye uko wifashe ngashobora kumenya nti nobigenza uku.”
Ni igiki bibukira ku muhisi Adrienne umwe mubari barakunzwe mu Burundi bwose atakiri muzima?
Muri iki kiyago ntibibagiye kuyagira uru rwaruka uko umuhisi Adrienne yavyitwaramwo, uyu benshi bakaba bamuzi ku matazirano menshi yahabwa kubera ugukina neza, amatazirano akomoka ku majambo yahora akoresha mu gukina, amajambo nka “Bikira Mariya Mawe” “Ntunkoroge” n’ayandi majambo akunze gusubirwamwo kenshi n’urwaruka mu Burundi.
Bernadette yamenyesheje ko umuhisi Adrienne ari umuntu mu gihe c’imyimenyerezo y’igikino(répetition) atavuga n’ijambo na rimwe, yaguma yihoreye akavuga make mbere bagaheba bakamubaza uko avyiyumvira nawe akamwenyura akavuga ijambo rimwe gusa ati” Oya je mbona ari uko nyene” ariko hageze mu gikino nyezina, agakina bikaryoha bagatangara ukabura n’uko abigenza ngo biryohe ukuraho kandi vyayarwa yitekerereje.