Umurwi “Seka Music Live Band” umenyerewe mu guteramisha abantu mu bunywero butandukanye hamwe no mu manza, ni umurwi w’abaririmvyi bakiri bato basanzwe bamenyereye akazi k’umuziki.
“Seka Music Live Band” igizwe n’abacuraranzi bakora umuziki w’ikibiriraho ivyo bita mu kinofunofu Live Music.
None uyu murwi watanguye ryari?
Uyu murwi watanguye mu mwaka wa 2021 mu kwezi kwa kabiri, ubu ukaba ugizwe n’abaririmvyi batandatu hamwe n’abacuraranzi batandatu, ukaba usanzwe ukora ivyo guteramisha mu manza zaba iz’ubugeni, iz’uguhimbaza isabukuru ry’amavuka ndetse n’izindi manza zose zikenera ko haba abateramisha mu gucuraranga no mu kuririmba hakoreshejwe umuziki w ikibiriraho.
Ikinyamakuru Nagaciro caransanze aba banyempano ku murimo, aho bariko barabica bigacika.
N’iki uyu murwi wipfuza gushikako mu mwuga wabo
Fabrice Iradukunda asanzwe arongoye uyu murwi, avuga ko kimwe mu ntumbero zabo ari uguteramisha abantu bakoresheje impano zabo, ibiheza mbere nabo bikabasahiriza mu buryo bwo kwikenura muri twa nkenerwa two mu buzima busanzwe.
Uyu murwi ugizwe n’imisore n’inkumi z’imiyabaga ikiri mito, ufise ishaka rinini ryo kugera kure. Bamwe muri bo basanzwe baririmba mumirwi y’abaririmbiramana(chorale) ibi ndetse bikaba ari no muri bimwe bisigura ukuntu baririmba neza mu biteramo vyabo


