Mu migenzo y’uburundi, indero y’umwana camye ari ikintu citwararikwa cane hagera ku mwigeme hoho bikaba ibindi kubera umwigeme agize indero nke vyaba ari ivumwe ku bavyeyi kuko caba ari nk’igitutsi ku muryango wose.
Aho hambere hoho abana barerwa ugutandukanye bivanye n’uko umwana ari umuhungu canke ari umwigeme. Indero y’umuhungu yitabwaho cane na se akamwigisha imyuga n’ibikorwa rugabo, uyu nawe akama amwihweza iyo aragira, agisha, ahumbira, asobanya, ahiga, ahangana n’inyamaswa canke aho arwanira igihugu kanatsinda nawe ivyo vyaba bimuraririye niyakura.
Umwana w’umukobwa we, nk’uko yitwa kandi umunyakigo, umunyaruhimbi canke umuzezwanzu indero yiwe yitabwaho na nyina wiwe, akamwigisha udukorwa tw’i muhira nko gukinjika, guteka, kuvoma, gukubura, gukora isuku n’ibindi kugira ngo bize bimufashe niyamara gushika mu bigero nawe agashinga urwiwe gutyo akazoshobora kurutunganya neza.
Kuja mu Burundi vyari ibiki bisigura iki?
Umuvyeyi akaba n’umunyakaranga Kirisina Nzeyimana, yatanze ikiganiro ku ndero y’umwana, hari mu giteramo Rinjora, uwu yavuze ko iyo babonye ko umwana w’umwigeme ageze mu bigero, hageze ko asabwa; abavyeyi, ababanyi, incuti bose bamurabira mu bikorwa akora bakabona ko uwo mwigeme ageze kwubaka urugo maze bakazana inkwano bakamusaba, imiryango ikicara hamwe ikayaga bakamukosha.
Ntitwokwibagira ariko kandi ko hariho n’abasabwa kare kubera ubwiza canke igihagararo c’umuryango wabo, maze bagasiga inka zo gufatisha kugira ntibaze bamutware. Iyo rero umwana w’umwigeme agiye kwubaka urugo, ukuja mu rugo gushinga urwiwe; kuko yaba avuye mu rugo rwa se na nyina akaja mu rundi rugo, uyu yaba agiye mu Burŭndi, maze murundi atari se atari nyina akakira akabandanya akarera. N’ibi rero bita “kuja mu Burundi”
Ni iki cakurikira kuja mu Burundi kw’umwigeme.
Uko Ndayizeye Kirisina abandanya abiyaga “Hageze, umwigeme agiye kwubaka urwiwe, ina senge yaramukubita ingwiza mu mugongo, akamubwira ati : Genda were iyo ugiye! Twibukanye ko aho hambere inasenge w’umuntu ni ukuvuga mushiki wa se wa muntu yari afise igikorwa gihambaye ku musengezana wiwe, niwe yagira igikorwa nk’ica “marraine w’ubu”
Iyo umwana yamaze kuja mu Burŭndi maze akagirirwa ibakwe, Imana igacana agasama, yaraheza rero akavyara akavyagiza akarwira, gutyo rero yaba yeze, yeze urugo, yereye Uburundi kuko atanze ivyamwa arivyo bibondo.