ImicoUmuzikiUtugenegene

Christophe Matata umuririmvyi atariko arahanagurika mu mitima y’abarundi ubu vuba

Christophe Matata ni umwe mu baririmvyi b’abarundi bakoze bigashimwa aho hambere ibituma n’ubu mu muziki w’uburundi imyaka ya 1970 canke 1980 iguma igaruka mu biteramo bitandukanye hamwe no mu maradiyo.

None uyu muririmvyi ninde? n’ibiki vyamuranze?
Ikinyamakuru Nagaciro Kirabafasha guca irya n’ino ivyaranze uyu muririmvyi.

Jean Christophe Matata ni umuririmvyi yamenyekanye cane mu gihugu c’uburundi no mu micungararo yaco. Yavukiye i Bujumbura mu Kinama kw’igenekerezo rya 20 gitugutu umwaka wa 1960, ashengera kw’igenekerezo rya 3 Nzero mu mwaka wa 2011. Uyu muririmvyi yakoze indirimbo nyinshi zakunzwe cane mu myaka irangiye, ndetse n’ubu urwaruka rukaba rukiziryoherererwa, bamwe mbere bakazivuza no mu biteramo.

Christophe Matata yaravuzwe cane ko mu ndirimbo ziwe zitari nke yaririmba arwanira agateka k’abagore, aho yaririmba yishize mu kibanza c’umugore, aho twovuga nko mu ndirimbo ” Mukobwa ndagowe” aho yigana inkuru y’umugabo yakundwakaza umwigeme akimuresha ariko aza kumurira mu nzu bamaza kwubaka.

Mu ndirimbo ”Kwubaka biragoye” naho Matata aririmba ari mu kibanza c’umugore aririwe mu nzu ariko yiganira umugore w’umubanyi ayo agowe, tukabona kandi indirimbo ”Umpora iki” aho Christophe aririmba ari umukenyezi aganira n’umukeba wiwe.Izi zose n’indirimbo ziryoshe kwumviriza cane cane ku bumviriza amajambo, zikaba zubatse neza ndetse zimwe zikanavuga ivy’amahoro.

Christophe Matata yavutse ku muvyeyi (se) aturuka mu gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo(RDC) nyina nawe akaba yari umunyarwandakazi.

Yinjiye muvyo kuririmba akiri muto afise imyaka 18, ubwa mbere mu murwi wo mu gihugu, munyuma muri 1979 akorana n’uwitwa Mihingo, hanyuma n’umurwi ukomeye mu gihugu c’urwanda witwa Africa Nil Band kuva mu mwaka wa 1984 aho bateramisha abantu mw’ihoteli ikomeye ”Sky Hotel de Kigali”.

Hagati y’umwaka wa 1984 na 1986 niho yaja i Kigali mu gihugu c’Urwanda aho yasohoreye urukurikirane rwiwe rwambere yataziriye ”Amaso akunda Ntabona neza” urwaciye rukundwa cane kuva rugisohoka muri 1987 mu nyuma akurikiza izindi nka “Ihorere Ntusarare” na “Umpora iki”

Mu mwaka wa 1989 yararonse ikibanza ciza mw’ihiganwa ”Prix Découvertes rfi” ritunganywa n’iradiyo mpuzamakungu y’abafaransa RFI. Yagarutse mu burundi mu mwakwa wa 1990 mu ntango y’ibitero vya mbere vyumuhari ”Front patriotique rwandais” mugihugu c’urwanda.

Yaciye aririmba indirimbo “Twese turi bamwe” indirimbo yahamagarira ukuba mu bumwe, umuvukano n’amahoro ari kumwe n’abaririmvyi bandi bakomeye b’abarundi nka : Canjo Amissi, Ngabo Léonce, Bouddy Magloire, Africa Nova, Rose Marie Twagirayezu, Bigirimana Lambert, Sadi, Leonard n’abandi.

Yahavuye aca aja kuba mu gihugu c’ububiligi kuva mu mwaka wa 1991, aho yabandanije umwuga wo kuririmba ndetse n’uwo guhinyanyura indirimbo, araheza agaruka mu gihugu c’uburundi hagati yumwaka wa 2007 na 2009. Urupfu rwiwe rwashitse italiki 3 nzero 2011 amaze amezi abiri mu biteramo mu gihugu ca Afrika yepfo.

Mu nkuru ikinyamakuru BBC canditse ku rupfu rwiwe kivuga ko Christophe yari amaze iminsi avuga ko yumva amagara yiwe atameze neza, aho abaganga basanze ihaha ryiwe ry’ibubamfu rigwaye bimaze kugera kure, arahava asandaba haciye akanya gato ashitse mu bitaro i Cap town.

Jean Christophe Matata yashengeye afise imyaka 50 ari mumyiteguro yo kwubaka urwiwe aho mbere yari yamaze no gutanga inkwano.N’ubwo atari bwubake yasize abana babiri bakuze, akaba yahambwe kw’igenekerezi rya 13 Nzero 2011 ahabwa n’iteka rikomeye n’igihugu c’uburundi.

Mu muziki yakoze ubuzima bwose, Christphe Matata yarasohoye indirimbo zirenga 200 mu kirundi ikinyarwanda, igishwahili, igifaransa n’icongereza.

Muri urwo rukurikirane

Intambo n’umurisho w’ingoma n’ivyiza Uburundi bw’irata, izi zigahurumbirwa n’abarundi ubwabo n’abanyamahanga badasigaye inyuma.

MPUNDUYERA

Umurwi “NINDE” ni umurwi wakujije benshi mu Barundi n’ubu ukaba ukibaryohera kubera ibikino vyawo.

Ruy NKEMMA

Bimwe mu vyo twomenya ku ruririrmbo “Burŭndi bwacu” ruhayagiza igihugu c’Uburundi

Clovis NIYONKURU

Imigani n’ibitito, vyakoreshejwe kuva kera mu kwigisha n’ugushimangira indero y’aho hambere biracafise ikibanza n’ubu, bikoreshejwe neza vyobandanya bifasha abatari bake.

Clovis NIYONKURU

Akamaro k’inka y’aho hambere mu mice yose

Clovis NIYONKURU

Seka Music Live umurwi w’abakiri bato bateramisha abantu mu bunywero.

Ruy NKEMMA

Leave a Comment