Amagara

Ingwara y’inzara Onychomycose ifata abantu bari hagati y’ibice 7 na 10 kw’ijana vy’abantu baba mw’isi yoba ari ingwara bwoko ki?

Ushobora kuba urwaye canke umaze kubona uwurwaye ingwara y’inzara zitekera zigahindura ibara zikanavunguka. None iterwa n’iki igakira gute? canke ho twoyikingira gute.?

Mu kiganiro ikinyamakuru c’abongereza BBC cagiranye n’umuganga(docteur) Joaquin Dominguez Ouvinaz umuhinga mu kuvura ingwara zo mu birenge uwo bita umu podologue, iki kinyamakuru gitangura kivuga ko ingwara y’inzara onychomycose ari ingwara itazwi cane ariko itera ibibazo vyo guhindura ubwiza umuntu yari afise kumubiri, ibi bikaba vyibonekeza mu bantu bari hagati y’ibice 7 na 10 kw’ijana ku mubumbe.

Ibimenyetso vy’iyi ngwara vyoba ari ibihe?

Bimwe mu bimenyetso vyerekana iyi ngwara y’inzara hariho: ukumanyuka kw’inzara, inzara zihindura imero, inzara zivunguka zikaba ifu, inzara zirahindura ibara canke mbere ukabura n’urwara.

Inzara zo ku maguru iki kinyamakuru canditse kivuga ko arizo zibangamirwa cane kurusha izo ku maboko, umuganga Joaquin Dominguez akavuga ko iyi ngwara ikarira cane abantu bakuze be n’abantu bakora ivyo kwinonora imitsi(sport) akavuga ko aba babira ivyuya vyinshi bigatuma udukoko ntabonwa turya inzara tumererwa neza mumaguru igihe hakanye.

Uyu muganga avuga ko ibimenyetso vya mbere ari ihinduka ry’ibara ry’urwara, agahanura ko uwubibonye yonyarukira kubaza umuganga w’umuhinga mu kuvura ingwara z’ibirenge “Podologue” ariko akavuga ko n’abaganga basanzwe abo bita aba généraliste bashobora gufasha.

Iyi ngwara bavuga ko ataco yica mu buzima bwa muntu ariko ko ishobora gutera ukwishira hasi, ukwigaya kubera ata pose umuntu aba agifise.

Iyi ngwara muganga avuga ko iva mu dukoko ntabonwa twinjira mumubiri tukarya igice c’urwara bita kératine. Aravuga kandi ko iyi ngwara ari gake ikira yikijije ahubwo uyiretse avuga ko yongereza ubukari cane.

Umuti wayo uyu muganga avuga ko utangwa mugihe bagupimye bakamenya urugero iyo ngwara iba iriko, kandi agashimika ko ari umuti ufatwa mu kiringo c’amezi 3 gushika kumezi 6, ivyo akabihagararako cane kubere uburebure bwa kino kiringo butuma benshi badakira kuko baca bahagarika umuti iyo babonye umuti utanguye kubakiza ikiringo kitarahera, ibiheza bigatuma basubira kurwara bidatevye.

None iyo ngwara umuntu yoyikingira gute?

Muganga avuga ko ikintu ca mbere umuntu yokora ari ukwama yoza neza ibirenge vyiwe, ndetse akavuga ko isuku ry’ibirato hamwe n’amashesheti ari ngombwa mu kuvura canke mu kwikingira iyi ngwara.

Arahanura kandi ko umuntu yokwirinda kugenda n’ibirenge gusa.

Muri urwo rukurikirane

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Clovis NIYONKURU

1 comment

Clovis NIYONKURU June 14, 2025 at 10:45 pm

Neza cane

Reply

Leave a Comment