AmagaraUtuntu n'utundi

Aheruka kwibaruka ku myaka 91 ibiriko bitangaza abatari bake

Ku myaka mirongo icenda n’umwe(91) yiwe yaraye yibarutse umwana agira indwi avuga ati “Sinshaje nk’uko muvyibaza”

Pierre Sablé uwahoze ari umurimyi w’umufaransa aba mu gice bita Pyrénées-Orientales aheruka kuba se w’abana ku ncuro igira iy’indwi afise imyaka 91, ikinyamakuru 20Minutes kikaba kivuga ko ivyo bibaye mu gihe mu gihugu c’ubufaransa ibiharuro vy’abana bavuka bitera bigabanuka cane ibitari bwaboneka kuva intambara y’isi ya kabiri irangira(la baisse record de la natalité en France (644.000 naissances en 2025, nombre le plus faible depuis la fin de la Seconde Guerre mondiale))

Haciye amezi make Pierre Sablé asubiye kwibaruka akaba yibarutse mu gihe umwana mukuru wiwe akwije imyaka 60, uyu mbere yerekanye n’umunezero mwinshi akigeme kiwe k’amezi atandatu akereka abanyamakuru bari baje kumugendera.

None ubuzima bw’uyu musaza bwifashe gute?

Ikinyamakuru L’Indépendant cagendeye uyu mutama kivuga ko Pierre Sablé ashira imbere ikarashishi. Nayo ikinyamakuru 20 Minutes kivuga ko ari ibintu bitangaje n’ubwo uyu mutama we abifata ibisanzwe akaba agira ati: “Sinshaje nk’uko muvyibaza”
Uyu mutama akuye ku mwanya wa mbere umufaransa yahora ari mu bambere bavyaye bashaje azwi nka Robert De Niro yavyaye ku ncuro y’indwi afise imyaka 80

Pierre Sablé mu gusigura ukuramba kwiwe avuga ko ari ukubera gukunda ikarashishi( Sport) ndetse akaba yaragiye no mu mahiganwa yo kwiruka””Marathon” y’abakuze yabereye i New York, ayo yitavye afise imyaka 81 eka mbere akaba yaratwaye imidare tandukanye mu rwego rw’amahiganwa y’abarenza imyaka 80

Muri uru rukundo rw’ikarashishi rwiwe niho yahwaniye n’umukunzi wiwe yaraye amuvyariye. ” Nariko ngira ikarashishi rya snowboard niho nahura n’uyu mupfasoni ubu afise imyaka 39 none raba vyaraye bibaye.” ni Pierre avyigana.

Uyu mugore Pierre Sablé yavyayeko avuga ko uyu mutama ari n’umuvyeyi mwiza(très bon papa) akaba yavyiganiye abamenyeshamakuru avuga ati: “N’ivyukuri bishobora gutangaza umuntu ariko ndanezerewe cane” uyu mukenyezi avuga ko Pierre ari umu papa mwiza kandi ari umukunzi w’ukuri.

#Nagaciro

Photo: ©Le Parisien

Muri urwo rukurikirane

Menya vyinshi ku gafuko gato kari ku mufuko w’ipantalon y’ijinisi

Ruy NKEMMA

Ibimenyetso icumi biranga umuntu w’incabwenge

Yves RUSERUKANINEZA

Ico urwaruka rwo muri kaminuza ULT rwibaza ku kuganira ku buzima ndoragitsina

Davy IRACADUKUNDA

Ubutwari bwa Sebastião Ribeiro Salgado 

Ruy NKEMMA

Imbonakazoza y’Uburundi(2040-2060) itunganije gute?

Davy IRACADUKUNDA

Ingendo zishika kuri 9 umuntu yogira umuziro akiri muto kugira azosaze ahimbawe

Clovis NIYONKURU

Leave a Comment