Umutunzi wa mbere kw’isi Elon Musk aratanguye kwemera ko Imana ibaho inyuma y’igihe kinini ari mu murwi w’abatemera Imana abo bita aba athée.
Mu kiganiro umunyamafaranga wa mbere kw’isi (Elon Musk) aheruka kugirana n’umumenyeshamakuru Katie Miller kw’italiki icenda z’uku kwezi kw’icumi na kabiri turimwo(2025), ikiganiro camaze hafi isaha yose, Elon yarishuye ku bintu bitandukanye, araheza atanga mbere inyishu zitangaje atahora atanga, ivyatumye ikiganiro gisanzara kw’isi abatari bake bakaba bavuze ko Musk yishuye atekanye kurusha(avec du serieux)
Kukibazo ca mbere c’uko abona vyagenze igihe yari mubutegetsi bwa Donald Trump aho yahavuye atanga imihoho abanyamerika batanguye guturira imiduga baguze mw’ishirahamwe ryiwe Tesla kubera agashavu mbere bahagarika no kugura iyo miduga, Elon Musk avuga ko we igikorwa ciwe yagikoze, aho yari ayoboye urwego ruraba isesagurwa ry’ubutunzi bw’igihugu DOGE, uyu akavuga ko yashoboye kwifatira mugahanga ba kaboko n’abandi bari basayangana mubiro vyabo kubw’inyungu zabo atari iz’igihugu.
Elon Musk yaremeje ariko ko yaba yosubije igihe inyuma atari kuja mu butegetsi bwa Trump. Aragira ati: ” Nohitamwo kwikwirikiranira inganda zanje, gutyo, nk’ubu imiduga ya Tesla ntiyari guturirwa.”
Nayo kukibazo c’ubuhinga bw’ubwenge bukorano (IA) buriko burasanzara hose kw’isi, Musk avuga ko bisa n’ibimuteye akoba, aho avuga ko aguma agira indoto mbi zerekeye ibi bintu, akavuga ko ubu buhinga buriko buragirira nabi isi. Aragira ati: ” Naragize indoto mbi nyinshi(cauchemars) zerekeye ubwenge bukoranp(intelligence artificielle)…iyaba nobishoboye nohagaritse ugutera imbere kwa IA ariko muvy’ukuri ntavyo nshoboye”
Elon Musk abona ko Intelligence Artificielle ari nk’imbugita y’uburyi bubiri(Il perçoit l’IA comme une arme à double tranchant) aho avuga ko ego ari ivy’ukuri ubwenge bukorano buriho gufasha abantu ariko ku rundi ruhande bukaba igisasu gikomeye gishobora guturika umwanya n’umwanya.
Kuvyerekeye ukwemera kwiwe Elon Musk yaratangaje abantu kurusha uko bavyibaza.
Ngaha Katier Miller yamubajije ico akunda kurusha ibindi, aca aratekana abanza gukirurutsa umutima ivyo ikinyamakuru Vision Times kivuga ko yabanje mbere no guhagarika kwa gutebura kwiwe araheza afata ubu seriye(serieux) bwinshi avuga ati : “Umuremyi ” ahejeje kwishura ko akunda Umuremyi Katie ntiyihanganye yaciye amubaza uko yibaza Imana nawe Musk yishura ati: “Imana n’Umuremyi” kukibazo c’uko yemera Imana naho, Elon Musk yishuye ati : ” Ndibaza(je crois) ko ikirere n’ibikiriko(univers) bifise uwabiremye. Abantu bamwita amazina atandukanye.”
Ibi uyu mugabo yabivuze inyuma y’igihe kinini ari mubatemera ko Imana ibaho, ikinyamakuru Vision Times kikavuga ko ariko ngaha yishuye ashimitse ivyatumye abantu benshi bavugavuga kw’isi bamwe bakibaza ukuntu umuntu wa mbere kw’isi mu buhinga no mu bwenge afatanya ubwenge bwiwe n’ukwizera ko Imana ibaho.
Muvyo akunda kandi mu buzima bwiwe Musk yavuze ko ibihe yumva yogarukana mu buzima bwiwe ari amavuka y’abana biwe, igihe ca mbere ishirahamwe ryiwe ry’ibigendajuru Space X ryashobora guhunja ikirere ubwambere, akavuga kandi ko yishimira uko imodoka zo mw’ishirahamwe ryiwe Tesla zikora neza kw’isi, tukabamenyesha ko iri shirahamwe rizwi cane kw’isi mu gutanga imiduga ikoresha umuyagankuba.
Ikindi gitangaje uyu munyamafaranga yavuze muri iki kiganiro, Elon Musk avuga ko ukuza kw’utu video duto duto kw’isi, utu video dutembera ku mbuga ngurukanabumenyi turiko turica bihanitse ubwenge bw’abantu. Yarongeye aranebagura ibintu bimwe bimwe abantu bashira ku mbuga ngurukanabumenyi mbere bikarabwa n’amamiriyoni y’abantu(contenus viraux) ko vyinshi ari ibintu bitanakenewe.