Hoba hari itegeko ribwiriza abubakanye kurangura amabanga mpuzabitsina?

Burya vyoba ari vyo ko hari itegeko ribwiriza abubakanye kurangura amabanga mpuzabitsina? Reka tuvyihweze muri ino nkuru.

KURANGURA AMABANGA Y’ABUBATSE BIVA MU KWUMVIKANA


Aho hambere umusore ageze mu bigero yarashinga urugo akubakana n’inkumi. Ubugeni bwumvikanwa hagati y’imiryango, si abageni bishimanira. Ubu intambwe ikomeye yaratewe, abubakana ni bo bashimana kugira bagire umugambi wo gusangira ubuzima bwose. Nta mategeko agenga umubano mu ngo yari ariho, ariko imico n’imigenzo ni vyo vyaringaniza ingo n’imiryango. Mw’iyo migenzo tuvuga, harimwo uwategereza abubakanye kurondera ibibondo biciye mu mibonano mpuzabitsina. Kuko aba kera biyumvira ko ihangiro nyamukuru ry’urugo ari ukurondoka. Gurtyo ni ko gushinga icahavuye citwa “devoir conjugal” isigura ko abubakanye bategerezwa guhuza ibitsina. Ariko uwo muco ntiwigeze wandikwa mu gitabu c’amategeko agenga ingo n’imiryango.

Ingingo ya “devoir conjugal” ifise inkomoko mu mategeko y’Ekleziya Gatorika, kuko iryo shengero ryamye ryigisha ko umuryango wabayeho kugira harwire abantu kw’isi ryisunze ijambo ryo muri Bibiliya aho Imana ihejeje kurema yabwirije umugabo n’umugore iti: “Ni murondoke, murwire mwuzure isi” (Amamuko 1,28). Abubakana rero bigishwa ko ata kindi cobatuma bipfuza kubana kuruta icipfuzo c’ukurondoka.

Ivyo vyatanguye guhinduka igihe amareta y’ibihugu yarondera kwiganzura ku mategeko y’amadini bihereye mu Bufaransa (révolution française). Ubugeni buca bugengwa n’amategeko ya leta “état civil”. Muri ayo rero ntibigeze binjizamwo ibwirizwa ryo kurondoka biciye mu mibonano mpuzabitsina. Umwami Napoléon yayashinze mu mwaka w’1804. Yagiye arahinyanyurwa gushika n’ubu ariko ico kugira imibonano mpuzabitsina mu rugo nk’itegeko nticigeze kibamwo, n’aho abenshi bakunze gusaba kwahukana kubw’iyo mvo ko bayihakaniwe n’uwo bubakanye.

Mu mategeko y’Uburundi ho vyifashe gute?

No mu gihugu c’Uburundi, amategeko ntavuga ko abubatse babwirizwa kurangura amabanga mpuzabitsina. Nk’uko tubisoma mu gitabu c’amategeko agenga umuryango, ukwubaka kw’umugabo n’umugore kubategereza ibi bikurikira: gusangira ubuzima (communauté de vie) bigaragara mu kubana (cohabitation), kudahemukirana (fidélité), gutabarana (secours), gushigikirana (assistance), kwitwararikira hamwe indero y’abana bavyaranye, hamwe n’ivyerekeye gufungura (obligation alimentaire). Ivyo vyose biri mu ngingo za 121-123 na 134 mu gitabo c’amategeko “Code des personnes et de la famille” yateweko umukono muri 1993.

Igituma bizwi nk’itegeko n’ubwo bitanditse ni iki?

Twabonye ko amabanga mpuzabitsina mu rugo atari ibwirizwa. Gusa bibonwa nkaryo kubera iryo bwirizwa ryo gusangira ubuzima (communauté de vie, cohabitation) ryasiguwe nk’isangira ry’uburiri (communauté de lit) rituma haba imibonano mpuzabitsina (kuryamana).

Abubatse badashima kuryamana barakwirikiranwa n’ubutungane?

Mu ncamake twokwishura duti “oya” kuko ubuzima ndoragitsina bw’abubakanye buraba bo nyene, kiretse mu gihe ivyo bihungabanya umubano wabo. Aho rero uwumva aremerewe arashobora kwitwara kugira bamutunganirize.

Amabi afatiye ku gitsina arumvikana mu bubakanye?

Igenekerezo rya 22 Nyakanga mu mwaka w’2016, Uburundi bwarashizeho itegeko ryerekeye ugukinga amabi afatiye ku gitsina. Iryo tegeko mu ngingo yaryo ya 2 agace i) riratomora ko hari amabi afatiye ku gitsina akorerwa mu ngo zubatse: “Ugufatwa ku nguvu mu rugo bishika mu gihe umwe mu bubakanye ahase uwundi ngo bahuze ibitsina”. Ico caha (viol conjugal) gihanishwa umunyororo w’imisi 15 kugeza ku misi 30 be n’ihadabu y’amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi cumi n’ibihumbi mirongo itanu, canke kimwe mw’ivyo bihano conyene (ingingo ya 27). Ukurangura amabanga mpuzabitsina mu rugo bibwirizwa kuva mu mwumvikano (consentement) w’abubakanye. Si umugabo si umugore, bose bararekuriwe kuvyanka.

None niko bishirwa mu ngiro?

Abarundi benshi baracagendera mu ndinganizo y’umuco ugira uti “niko zubakwa”. Ku mugore yakowe hoho umengo nta jambo abifisemwo, abwirizwa guha umugabo ivyo yipfuza mw’iryo banga. Aha umuntu arashobora kwibaza nyimba inkwano ari ikiguzi gituma umukenyezi acika igikoresho c’umunega wiwe.

Umunyamategeko yitwa Marie-Ange KEZIMANA akora mu kigo Seruka gifasha abagore bakorerwa amabi afatiye ku gitsina niwe yiganiriye ikinyamakuru Iwacu agira ati: “Ingorane yindi ikomeye ni ugufatwa ku nguvu mu ngo. Ni ikintu gihishije “tabou” kitavugirwa hejuru kuko bamwe mu babigirirwa bacitiranya n’ibwirizwa ryo mu rugo. Ndabona kandi n’abacamanza batabona neza umugore abituye yagiriza umugabo wiwe ko amuhata gukora imibonano mpuzabitsina. Mu bwenge bwabo ntibategera ingene umugore yokwima uwo bubakanye, gurtyo bigatuma bafata minenerwe ben’ivyo birego. Kukaba nkako biragoye ko umuntu abironkera ivyemezo biboneka kiretse iyo habaye sodomie” Asozera asaba ko mu citwa “devoir conjugal” amategeko yoshimika cane ku mwumvikano ubwirizwa kuhaba hagati y’abubakanye.


Related posts

Inama Nshingamateka y’Ubufaransa yemeje itegeko rikura ibwirizwa ry’imibonano mpuzabitsina mu rugo

Ukurwana mu nda bifise akamaro kanini ku mubiri

Uko ukwita amazina iminsi igize iyinga (indwi) vyatanguye