Amagara

Amwe mu mabanga yinyegeje muco twita « Ubusugi »

Ukuba umuntu atarakora imibonano mpuzabitsina canke ukuba umuntu akiri « isugi » ni kimwe mu bintu bibitse amabanga, benshi badatahura kumwe ndetse bamwe bakaba batanemera ko nk’umwigeme batamupimira ku nce mu kumenya ko amaze kurangura amabanga y’abubatse. Abandi yamara nabo bakavyemera. Abatari bake kandi ntibazi kumbure uko ukuba utarakora amabanga y’abubatse ku bahungu canke ukubikora ubwa mbere amabanga yihishijemwo. Nivyo tugira ngo tuyage.

Mu misi iheze twarabayagiye ku kibazo c’ubusugi. Iyo nkuru murashobora kuyisoma hano: https://ki.nagaciro.com/uko-benshi-bibaza-ubusugi-bwigitsina-gore-nuko-biri-vyukuri/

Kuri iyi ncuro naho tuyaga ku bintu bishobora kuba vyibazwako na benshi bijanye no guhuza ibitsina ubwa mbere arico bita « gutakaza ubusugi » (dévierger).

Mu ntango tubibutse ko umuntu (umuhungu canke umukobwa) yitwa isugi (vierge) mu gihe atarakora imibonano mpuzabitsina n’umusi n’umwe.
Iyo amaze guhuza ibitsina n’uwundi muntu ntaba aciswe iryo zina, aba yaratakaje ubusugi.

None uwo musi wa mbere wo kubikora biba bimeze gute?

Ubwa mbere ku mpande zompi harigaragaza ubwoba bwo kwinjira mu bintu biba bitamenyereye. Ubwo bwoba bukaba bufatiye ku kuntu igikorwa kiba kigira gikorwe aba ari gishasha, nk’uko abarundi bayamaze bati: « umuhini mushasha utera amabavu ».

Yamara ubwoba ntibwategerezwa kuhaba kuko atari ibanga riremereye. Mbere abahinga baravuga ko ubwoba buri mu bituma ico gihe gishobora kutagenda neza kuko umuntu aba yishizemwo ivyiyumviro rimwe na rimwe bitari vyo (mythes et tabous). Umuntu yokwinjira mw’iryo banga afise umutima utuje kandi utekanye.

Ubwa kabiri mwomenya ko incuro ya mbere itama ibabaza nk’uko benshi bavyibaza. Ububabare bwumvikana mu gihe umugore yahahamutse (stress) bigatuma imitsi y’igitsina ciwe itiyagura bikwiye maze uruja n’uruza rw’igitsina c’umugabo ntirworohe hagaheza hakaba ukubabara.
Ikindi bamwe bibaza ko kibabaza ni uguca ince. Ariko abahinga baremeza ko ince (hymen) zidafise ubushobozi bwo kwumvisha ububabare ndetse n’uburyohe. Bavuga ko ziri « insensible » ibisigura ko atari zo zitanga ubwiyumve bwo kubabara canke kunezerwa.

Ubwa gatatu hari abiyumvira ko bahuje ibitsina n’umuntu, uno babikoranye ashobora kumenya ko ari ku ncuro ya mbere. Haba namba! Yaba umugabo yaba umugore nta na kimwe cerekana ko amaze gukora imibonano mpuzabitsina (mushobora kuraba mu nkuru twanditse ubuheruka ku busugi ku muhora twatanze uri hejuru). Abibaza ko yobibona ku buryo umuntu arangura iryo banga (icitwa expérience) si vyo na gato kuko ubumenyi bw’ingene umuntu yitwara muri ryo ntibuva ku kuba yarabikoze nk’uko kutifata neza bidasigura ko atavyo yigeze.

N’abibaza ko ku mugore vyoroshe kubw’agace k’umubiri kitwa ince (hymen) barahebuzwa n’abahinga. Ni mu gihe bo bemeza ko iyo hymen ishobora kudacika ku musi wa mbere umugore aranguye imibonano mpuzabitsina mbere ko hari n’igihe bishika uko gucika kwayo kudaherekezwa no guseseka kw’amaraso.
Aha rero abigeme n’abasore borema ntibateshwe umutwe no kwiyumvira ko kahise kabo kagiye kumenyekana, bisaba ikiyago n’uwo mugiye kurushinga.

Ubwa kane tubamenyesha ko umuntu ashobora gutera canke gusama imbanyi umusi wa mbere wo kurangura amabanga mpuzabitsina. Iciyumviro ca bamwebamwe c’uko atosama canke ko atotera inda ku ncuro yiwe ya mbere ni ububeshi bweruye. Igihe cose imbuto z’irondoka (cellules reproductrices) z’umugabo n’umugore zihuye zikomeye harashobora kuvamwo icamwa c’umwana mu gitereko c’umugore. Iyo nkebuzo yerekeye kandi indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka. Nazo nyene umuntu arashobora kuzandura ku ncuro yiwe ya mbere yo guhuza ibitsina atikingiye.

Ubwa gatanu mwomenya ko ukwabirana atari bwo buryo bwonyene bwo gutakaza ubusugi. Umuntu arashobora gutakaza ubusugi mu buryo butandukanye nka: gukoresha iminwe (masturbation et doigter), gukoresha iminwa (sexe oral) canke ndetse nabakora imibonano mu bundi buryo mu gucisha aho bitagenewe, nabo baba batakaje ubusugi . Ivyo vyose rero biratesha ubusugi kuko vyinjira mu nsiguro y’imibonano mpuzabitsina.

Duhereze ku bugira gatandatu ari bwo bwa nyuma dushatse kuvugako ni uko ata myaka myiza (âge idéal) yo gutakaza ubusugi ihari. Yaba ku myaka cumi n’itanu canke mirongo itatu, igikuru ni uko ata wumva ko afashwe ku nguvu. Umuntu yumvise ko yageze, mu mwidegemvyo wiwe arafata ingingo yo gutera iyo ntambwe n’uwundi yipfuza ko bayikorana, ariko tukibuka ko imyaka yemewe n’amategeko yo kwubaka ari 18 ku mukobwa na 21 ku muhungu.

Twohereza kubabwira ko ata mvo n’imwe yo kwihuta gutakaza ubusugi iriho kuko si ibanga ry’abiruka n’umwanya, ahubwo ni ibintu vyo kwitondera kugira umuntu ntasange yatwawe n’ibishobisho bimara umwanya urume rumara. Birazwi ko uwo musi wa mbere bompi ubagumamwo nk’umusi w’intibagirwa (mu vyiza no mu bibi). Rero ni kuwutora uzi neza ico wemeye.

Muri urwo rukurikirane

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Clovis NIYONKURU

Ubundi bwoko bw’ihohoterwa rifatiye ku gitsina abigeme bagendana ubumuga bagirirwa

Yves RUSERUKANINEZA

Uko benshi bibaza ubusugi bw’igitsina gore n’uko biri vy’ukuri.

Davy IRACADUKUNDA

Ukurangiza vuba bishikira igitsina gabo vyoba ari ibiki?

Davy IRACADUKUNDA

Ingwara y’inzara Onychomycose ifata abantu bari hagati y’ibice 7 na 10 kw’ijana vy’abantu baba mw’isi yoba ari ingwara bwoko ki?

Ruy NKEMMA

Leave a Comment