Amagara

Muganga Catherine Solano avuga iki kuvyerekeye ingaruka zo kwikinisha?

Ku wa15/11/2025 ku rubuga rwiwe rwa Facebook, muganga Catherine Solano yashimye kwishura ku kabazo yabajijwe n’uwitwa Samba kagira kati:

« Ni izihe ngaruka z’ukwikinisha? » (Quelles sont les conséquences de la masturbation?). Ngiyi inyishu yatanze:

« Ngira mvuge ingaruka z’ukwikinisha mu gihe bigirwa umuntu atariko arorera amasanamu y’ibiterasoni (images pornographiques) mugabo yiyumvira ko ari mu gikorwa co guhuza ibitsina (pensées érotiques).

Imwe rero mu ngaruka z’ukwikinisha mw’ico gihe ni uko mwiga kumenya umubiri wanyu. Muramenya ibihimba bikabura ivyipfuzo ndoragitsina (zones érogènes) ku mubiri wanyu, n’aho umuntu yoshobora gukora kugira muduze uburyohe bw’amabanga mpuzabitsina.

Kandi mu gihe mubikoze mwitonze mudashaka gushika ku vyishimo vyuzuye(orgasme) mu kanya gato, ukwikinisha birafasha kubakingira ugusohora imbuto ningoga (éjaculation précoce).

Ingaruka mbi z’ukwikinisha ziboneka mu gihe muraba amareresi y’ibiterasoni (pornographie) kuko ivyo bituma ubwonko bwanyu bumenyera kwumva ubushake bw’uguhuza ibitsina ari uko muravye amasanamu, gurtyo bigatesha ubushake hagati y’abantu babiri (moins bonnes érections).

Ikindi naco ni uko mu gihe mumenyereye kwikinisha mwipfuza kuryoherwa vyihuse muba muriko mumenyereza umubiri gusohora intanga wihuse.

Iyindi ngaruka mbi iva ku kwikinisha ni uko bishobora gutera ikibazo urushato rw’igihimba c’irondoka c’abagabo, umubiri ugakomereka, mu gihe mubikora kenshi cane. Ntimutwenge, ivyo birabaho!

Ikindi kiboneka ku bantu bamaze kwikinisha ku rugero rw’aho umengo barozwe canke baborewe (addiction) ni uko bibabuza kwipfuza guhuza ibitsina n’umuntu ntibanagire n’icipfuzo co kuba mu rukundo. Ariko sivyo biboneka kenshi. »

Ikigaragara mw’iyo nyishu ya Catherine ni uko kwikinisha bitagabanya ubushobozi bw’umuntu mu bijanye n’irondoka, iki abaganga b’abahinga mu bijanye n’amagara y’ubuzima ndoragitsina (sexologues) bakaba bagihurizako. <Non, la masturbation ne cause pas la stérilité!>

Tubibutse ko muganga Catherine Solano ari umuhinga w’ubuzima ndoragitsina yahoze akorana n’iradiyo y’abafaransa RFI mu kiganiro Priorité santé.

Turangize tubibutsa kandi ko ikinyamakuru Nagaciro, mu nkuru yaco kitahengamiye ku mico iyi canke iriya nk’iyijanye n’ukwemera kw’abantu ariko catanze inkuru z’ivyigwa bikorwa n’abahinga (tabous religieux VS études scientifiques).

Inkomoko : Page Facebook Dr Catherine Solano

Photo: ©rfi

Muri urwo rukurikirane

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Clovis NIYONKURU

Ukurangiza vuba bishikira igitsina gabo vyoba ari ibiki?

Davy IRACADUKUNDA

Ingwara y’inzara Onychomycose ifata abantu bari hagati y’ibice 7 na 10 kw’ijana vy’abantu baba mw’isi yoba ari ingwara bwoko ki?

Ruy NKEMMA

Uko benshi bibaza ubusugi bw’igitsina gore n’uko biri vy’ukuri.

Davy IRACADUKUNDA

Ubundi bwoko bw’ihohoterwa rifatiye ku gitsina abigeme bagendana ubumuga bagirirwa

Yves RUSERUKANINEZA

Amwe mu mabanga yinyegeje muco twita « Ubusugi »

Davy IRACADUKUNDA

Leave a Comment