Umuyobozi ajejwe uburaro muri kaminuza y’Uburundi avuga ko abarekuriwe kuba mu bigo vya kaminuza y’Uburundi ko ari bo babibamwo?
“Vyarabonetse ko hari igitigiri kinini c’ababa mu bigo vya kaminuza batabifitiye uburenganzira”. Biri mw’itangazo ryo kuwa 03 Ruhuhuma 2026 ryashizweko umukono na Melchior Nankwahomba, umuyobozi ajejwe uburaro muri kaminuza y’Uburundi.
Mw’itangazo ry’uyu muyobozi, baratangaje ko ibigo vya kaminuza y’Uburundi birekuriwe kubamwo abiga mu gice ca mbere c’amashure ya kaminuza. Ni itangazo berekanye ko umunyeshure afashwe abayo atabirekuriwe azoriha hisunzwe umwanya amazeyo (barerekanye uko bizoharurwa). Aha amafaranga 7000 ku kwezi akaba ariyo azorihwa.
Ni itangazo ryibukije kandi ko uwuzofatwa aba muri ivyo bigo atari umunyeshure, azoca ahanwa hisunzwe amategeko y’igihugu.
Ivyo biri uko mu gihe igenekerezo rya 12/9/2025, uwujejwe umutekano mu kigo ca kaminuza col p Gaston Uwimana yari yatangaje ko abanyeshure baba muri ico kigo batabifitiye uburenganzira ko bovayo. Aha yareremenyeshe ko ico kibazo canse gutora inyishu, aho ngo vyerekanwa n’amakuru yaboneka buri munsi.
Inkware zisezerana mu masesa!
Iryo tangazo rikaba rimenyesha ko amasuzumwa (fouilles) azoguma ariko araba abafashwe nabo bakariha amahadabu hisunzwe amategeko agenga uburaro no kuba mu bigo vya kaminuza.
Iryo tangazo rikaba ryaraba abanyeshure bariko barasozera igice ca mbere, abiga mu gice cakabiri ca kaminuza hamwe n’ingenzi zigendera ahaba abanyeshure (campus) baba muri kaminuza.
#Nagaciro
photo: ©Jimbere Magazine
