“Umutangakori atanga incuro zibiri. Ukariha OBR ugaca usubira ukariha ikomine!”
Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, yabishikirije kuri uyu wa 12.02.2026 ayo yerekana ko kwegereza ubutegetsi abanyagihugu vyari kujana no kubegereza amafaranga.
PARCEM ibona umenga harimwo ihiganwa rya OBR n’amakomine muvyo gutoza amakori kandi abatangakori ari bamwe.
Ibijanye na “decentralisation” (ukwegereza intwaro abanyagihugu) ngo baravye uko biriko biravugwa ubu , muri PARCEM babona ko n’ivyo amafaranga vyova hejuru bikaja ku rwego rwo hasi (mu makomine).
Faustin Ndikumana avuga ko muri ico gihe haca haba amatagisi aca atozwa na komine n’ayatozwa ku rwego rw’igihugu (OBR). Uwo arongoye ishirahamwe PARCEM ashikiriza ko ababijejwe bategerezwa guca berekana urugero rw’ayatozwa n’ikomine n’ayatozwa na OBR. Aributsa ko hari n’amafaranga yategerezwa kuva k’urwego rw’igihugu akaja mu makomine.
Nayo amategeko agenga amakori, ngo aha mu Burundi agenda arahindagurika. Faustin Ndikumana avuga ko ivyo bituma abatangakori baguma mu ngorane. Muri PARCEM bavuga ko ivyo bigaruka bikagora n’abayatoza kuko amategeko baba bamenyereye aba yahindutse. OBR ifise amategeko yo kwegeranya amakori, itegeko nshikiranganji amategeko n’amakomine akagira amategeko. Ngo ivyo biba biriko biratera akajagari.
Ku bijanye n’ububare n’ama “restaurant” mw’isubirwamwo ry’amafaranga Reta ikoresha n’itegeko nshikiranganji biboneka ko amatagisi atozwa na OBR, ariko amakomine nayo ngo akaguma ayatoza. Faustin Ndikumana ati: “OBR irakwandikira, ikomine nayo ikandika. Ico gihugu amategeko yaco yoba ameze gute?” Kubwiwe ngo iyi poritike yo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu igira itangure nabi.
#Nagaciro
Photo: ©UBM News
