Ukutavyara ku bagabo bitera vyiyongera, ivyigwa vy’abahinga birerekana imvo zitanu zitera ukugabanuka kw’intanga (spermatozoïdes).
Igitigiri cari kimenyerewe c’intanga(spermatozoïdes) umugabo asohora iyo arangije imibonano mpuzabitsina, caragabanutse gushika kubice 51% mumyaka 50 iheze.
Ikinyamakuru c’abongereza BBC kivuga ko muvyigwa vyakozwe n’abahinga bo kuri kaminuza Hebrew University y’i Yeruzaremu muri Israel bafatanije n’abo kw’ishure ry’ubuvuzi Mont Sinaï ryo muri Amerika, basanze mumyaka ya 1970 abagabo bashobora kugira igitigire c’imbuto zigera mumiliyoni ijana n’imwe muri mililitiro imwe gusa y’intanga, ariko ico gitigiri ubu kikaba caramanutse gushika kumiliyoni 49.
Iri gabanuka riri muri bimwe bituma ukugumbaha kubagabo kwiyongera. Umushakashatsi Moacir Rafael Radaelli akavuga ko iyo ubushobozi bw’imbuto ngabo bugabanutse ugutera inda bigabanuka.
Umushakashatsi Eduardo Miranda avuga iri gabanuka riri mubintu bibaraje ishinga, kandi batabona aho bizohagarira.
Imvo zitanu zikurikira, nizo zivugwa n’aba bahinga ko zishobora kuba ziriko zituma imbuto z’abagabo zibangamirwa.
Imvo yambere: Ukuvyibuha cane.
Ukuvyibuha cane aba bahinga bavuga ko bituma igice c’umubiri kibika ibinure giheza kikaba intandaro y’iyononekara ry’igice testosterone gisanzwe kiri mubikuru bikora intanga.
Imvo ya kabiri: Ibiyayuramutwe
Inzoga, itabi, shisha, urumogi, cocaïne n’ibindi biyayuramutwe birimwo mubigira ingaruka mbi kumbuto z’abagabo.
Imvo ya gatatu: Ingwara nzandugwa biciye muguhuza ibitsina
Ingwara zitari nke aha twovuga nka gonorrhoea na chlamydia zifise udukoko twa bacterie duturira igihimba kizwi nka epididyme kirimwo imbuto ngabo.
Imvo ya Kane: Ugushira imashine(ordinateur) kubibero
Benshi barakunze gushira iki cuma kumaguru iyo bariko barakora bicaye.
iki gikoresho(ordinateur) gishobora guturira udufuko dukora intanga.
Imvo ya gatanu: Ubumara
Abashakashatsi baravuga ko umurwi w’ibintu vy’uburozi bita endocrine disruptors biba muvyuka bisukwa mukirere, canke ibikoresho vya Plastique n’imiti yica udukoko pesticides, biri mubibangamiye ubuzima ndoragitsina kubantu b’abagabo.
Inkomoko: https://www.bbc.com/gahuza
