ImicoUburimyi n'Ubworozi

Akamaro k’inka y’aho hambere mu mice yose

Ubworozi bw’inka mu Burŭndi, inka igitungwa ibikigize nka vyose bifise akamaro kandi ata na kimwe gitabwa kidakoreshejwe.

Abarundi bamye ari abakozi. Bimwe mu vyo bakora harimwo ubworozi. Muri ico gisata c’ubworozi dusanga inka ariyo yatwara ibindi vyororwa kuko uwuyitunze yaba yubashwe. Inka rero iboneka ku kamaro kayo aho mbere Uwufise inka mu Burundi aba atunze vyinshi, Inka ni mazeyose: urayirya, ukayinywa, ukayambara, ukayituma utwô ukenyé twose, vyôngeye ikagusanisha n’abandi.

Ibigize inka n’akamaro kavyo

Ntahokaja Yohani Batista yandika mu gitabu ciwe yise Imigenzo y’ikirundi ko inka iribwa kwinshi kuko ata kiva ku nka gipfa ubusa. Duhere ku mata, ku nyama, ku maraso arico kiremve, ku mase n’amaganga, amahembe n’ubwoya, urusato n’ibindi.

Amata,amavuta, inyama, ikiremve n’ukwunga ubucuti.

Umwana w’Umurundi aho hambere hoho yarerwa n’inkongoro. N’ubu abana benshi barahabwa amata  N’aho hoba mu mapfa uwifitiye inka ntabura ico yiha n’ico agaburira umwana. Amakamano n’indya ishitse ishobora gutunga umuntu yonyene akirirwa neza, barayanywa imfufyu, barayanywa urubu, barayanywa akuye. Amavuta y’inkâ yisigwa imbere n’inyuma, imbere kuko bayarungisha ivy’ukurya agatera akabiri gatotahaye, inyuma kuko bayisiga umubiri ukayagayaga kandi ukanonoka. Turetse n’amata n’amavuta inka barayirya igihagaze. Barayirasa ikiremve ikaguma igênda ukamengo nta cigeze. Ikitavuzwe co ni inyama y’inka ari imboneka rimwe ku batari bake.

Inka irasanisha, ituma abantu bunga ubucuti. Hambere hahise iminsi ikiri imyêro uwagusaba inka yaba agusavye ubucuti. Umugabire ni ukuvuga uwagabiwe inka yaba yinjiye mu muryango wa shebuja, iyo nka ikabungira ubumwe. Hari ho n’inka y’ubutore uha umugenzi atagushikaniye kandi atâ gikorwa umutuma. Cane cane inka isanisha mu basabana abageni. Inka muntu iguzwa inka y’amaguru ané. Mugabe n’âho tuvuzé kuguza si ikiguzi ni ukunyuranya.

Amase, amaganga, ihembe, urusato bifise akamaro ntangere

Amase y’inka aratabira imirima indya zikaza ku bwinshi. Ni ivyo tuzi twese ko imirima itagira intabire itituka n’ingoga. Uwo ubikije inka uba umugabuririye imirima. Amasé y’inka ntatera ishishi, aho hambere barayahomesha imbuga y’ukwanikira ubumera igahéra ubunogonogo, barayahoma mu myenge y’intaro, barayapfundikiza inkono itetse amateke umwuka ugahera imbere agasha nêza. Mu bukene bw’inkwi , ibishêshe (amase yumye) vyaracânirizwa inaga.

Amaganga nayo nyene ni hamwe n’amase mu kuryôhera agataka ariko kandi igisogororo c’inyana ni intabizo imerêsha neza imirima. Hambere hahise amaganga yarogeshwa ivyansi n’ibikuyano kandi yaranyobwa nk’umuti w’inyonko nk’uko Ntahokaja abandanya avyandika.

Ihembe ry’inka barariha umwana w’ikimena ni ukuvuga umwana akunda kumena ibivomesho ngo arivomeshe; bararikura mwo indunduke ari yo nkondo y’ukubika mwo agatabi ko mu mazuru. Ni ryo bakoramwo imangu y’ugukoma impuzu z’ibiti. Urusato rw’inka narwo n’ubu rurakana ingoma, rurambarwa nk’impuzu, rurakorwa mwo inkweto nabwo ubushenza bwarazingwamwo inyerere.

Inka nk’uko tubibonye, yamye ari igitungwa c’akamaro katagereranywa. Nico gituma yari yubashwe kandi yari ikimenyetso c’icubahiro n’itunga. Inka yararirimbwa ikanagira n’agaciro gahakwa gushikira ak’umuntu.

Muri urwo rukurikirane

Bimwe mu vyo twomenya ku ruririrmbo “Burŭndi bwacu” ruhayagiza igihugu c’Uburundi

Clovis NIYONKURU

Urwaruka ruri hagati y’imyaka 18 na 21 rwaraye rwerekanye impano zarwo muri rya higanwa Shirukamazinda

Ruy NKEMMA

Ibihano vyahabwa uwishe umuntu n’igihe vyashika uwishe n’uwiciwe bagasubiza hamwe.

Clovis NIYONKURU

Imigani n’ibitito, vyakoreshejwe kuva kera mu kwigisha n’ugushimangira indero y’aho hambere biracafise ikibanza n’ubu, bikoreshejwe neza vyobandanya bifasha abatari bake.

Clovis NIYONKURU

Ubworozi bw’inka  aho hambere. Umwitwariko wakorerwa igitungwa c’inka imbere yo kuziturutsa mu gatondo.

Clovis NIYONKURU

Iyo bavuze ko umwigeme agiye mu Burundi bisigura iki, mbega hakurikira iki iyo amaze kuja mu Burundi ?

Clovis NIYONKURU

Leave a Comment