Ibidukikije

Igiti c’umurinzi n’ibitangaza cakoze mu barundi b’aho hambere

Ibidukikije nivyo vyadukujije. Muri ivyo, ibiti vyari bifise akamaro kadasanzwe mbere harimwo n’ivyari vyubashwe cane.

Umurinzi, umumanda, umurama, umuko, n’ibindi, n’ibiti bikiriho ariko biri ku rushi. Aho hambere vyari ibiti vyubashwe cane kanatsinda aho hambere ibidukikije vyari bifise insiguro idasanzwe, ba sokuru bacu bari bazi gukoresha neza ibiti mu kwivura, mu kubihingura, mu kwubaka n’ibindi n’ibindi. Muri iki candiko ntituza kuvuga ku biti vyose, twahisemwo kubayagira ku kamaro k’igiti c’umurinzi, kimwe mubiti bita ivy’Imana.

Umurinzi igiti c’Imana

Aho hambere imbere y’umuzo wa ba kavamahanga, hari ibiti vyari vyubashwe. Vyari ibiti biranga Imana imaniye Uburundi nk’uko tubikesha umuhinga muri kahise Denis Bukuru. Ibi biti wumva ivyinshi muri vyo ntanuko vyacanwa carazira kikaziririzwa. Muri ivyo biti rero harimwo Umurinzi.

Nk’uko F.M.Rodegem avyandika mu gitabu ca Kazinduzi yanditse, iri zina “umurinzi” riva mu rivuga ‘kurinda’. Umurinzi ni ‘uwurereka, uwurinda kugira ntihagire igishikira uwo arinze ngo kimutere canke kimugirire nabi’. Turaza kwishimikiza kandi n’ivyo Manirakiza Zeno inararibonye mu mico n’akaranga yatuyagiye.

Akamaro n’ibihingurwa mu murinzi

Uwu mukurambere Manirakiza yadusiguriye ko igiti c’umurinzi, igiti c’Imana irinze Uburundi cahindagura amazina bivanye n’imigirwa gikoreshwamwo. Baracita Umuko w’Imana ikoye Uburundi canke Umugumya ari naco cavamwo intahe.  Ikindi twomenya ni uko igiti c’umurinzi cari igiti gihwahutse ariko gikomeye cane.

Igiti c’umurinzi cakorwamwo imibêhé. Umubehe ni udusahani bafungurirako kera twaba tubajwe mu giti c’umurinzi. Igiti c’umurinzi kandi nico bakoramwo ivyansi, ivyakunze, hari n’inzato zaba zikozwe muri iki giti. Urwato bakora mu murinzi barwita urubaya.

Umurinzi mu buvuzi kama

Igiti c’umurinzi carakoreshwa mu buvuzi bw’aho hambere. Ni uko rero, amababi y’umurinzi barayotsa bakayanunuza akavura agahiri. Kandi n’iyo Umupfumu ariko araragura yakoresha umukama w’amababi y’umurinzi mu gutota imiti n’amazi abo aragurira. Ikindi twomenya ni uko uruvange rutetswe hamwe rw’amababi y’umurinzi, ay’umugombe hamwe n’ikiremve kirashwe ku mukurira w’inka vyafungurwa ku musi wo kuganduka.

Ibindi vyaranze igiti c’umurinzi

Ni vyinshi ariko tuvuge bike muri vyo.

Amashami y’umurinzi barayakoramwo ibiheko Bambara kanatsinda igiti c’umurinzi cari igiti c’Imana irinze Uburundi. Baragitera mu rugo kugira gikingire umuryango. Umurinzi ukoreshejwe nk’umuvutero (umwugariro w’ishimikiro) bawita ururengeko. Carazira kurukorakora. Ikindi naco ni uko, Mu gitabo, aho bambariza imana y’uburundi mu Kubandwa haba hatewe igiti c’umurinzi.

Ikindi twomenya ni uko umurinzi ariwo wavamwo inkinzo, igitembe Bambara ku kukuboko ngo bikingire uruvuto rw’umuheto, urusabiko arirwo ruti rukwikira icumu, n’intahe yakoreshwa n’abashingantahe mu guca imanza. Musi y’iki giti c’umurinzi kandi  niho Kiranga yapfiriye arico canatumye umuntu ageze musi y’igiti c’umurinzi n’aho yaba ariko arahunga abansi bashaka kumugirira nabi ngo yaba arokotse, eka mbere n’abahigi ntibicira igikoko musi y’umurinzi.

Muri urwo rukurikirane

Ubutwari bwa Sebastião Ribeiro Salgado 

Ruy NKEMMA

Leave a Comment