Imico

Bimwe mu vyo twomenya ku ruririrmbo “Burŭndi bwacu” ruhayagiza igihugu c’Uburundi

Ururirimbo Burundi bwacu hamwe umuntu yokwibaza ko ari ururirimbo rutitawe ho bikwiye kandi ariyo ndirimbo isumba izindi. Ivyo bibonekera kuba abarundi bamwe urwo ruririmbo bataruzi neza.

Nta nkeka ko urwo ruririmbo rutari muzo dukunda kandi tuzirikana tukanumviriza kenshi mbere usanga hari n’abaruheruka bakiri kw’isomero.

Ariko rero urwo ruririmbo rurakomeye cane na none « Burŭndi bwacu » ni uruvyino ndangabuhizi rumenyesha ko Uburundi buriho kandi bwikukiye. Rugizwe n’imihezagiro abarundi bipfuriza kandi basabira icibare cabo. Urwo ruririmbo rurasamirizwa rukavyinwa mu bihe bitandukanye mu kugaragaza umutima Umurundi akunda igihugu camwibarutse, nk’uko vyandikwa n’umwanditsi MANIRAKIZA Zénon mu gitabu ciwe yise AMAHORO MU BANTU, Imico akaranga, Inkebuzo.

M.Zenon yandika ko muri urwo ruririmbo hari Agace kahindutse, nako ni akavuga ngo: “ Horana umwami n’abagabo”. Ijambo ryahindutse ni “Umwami” ryasubirijwe n’ijambo “ubumwe”, hari mu mwaka wa 1966 ku muzo w’intwaro ya Republika, intwaro ya cami ihejeje gutembagazwa.

« Burundi bwacu », ryari, na nde?

Uru ruririmbo rwahinguwe mu mwaka wa 1961 n’umurwi w’abahinga barongowe na patiri NTAHOKAJA Jean Baptiste babitumwe n’ummushikirangoma Andreya MUHIRWE. Patiri Mariko BARENGAYABO niwe yarushize mu manota, aruha ingero, umugere n’agahogo.

Uwoshaka kumenya vyinshi yokwisomera mu gitabu ca Manirakiza Zénon candikiwe muri Presse Lavigerie mu mwaka 2020 aho asigura ijambo ku rindi urwo ruririmbo rurimwo amajambo akomeye y’inkoramutima

Muri urwo rukurikirane

Urwaruka ruri hagati y’imyaka 18 na 21 rwaraye rwerekanye impano zarwo muri rya higanwa Shirukamazinda

Ruy NKEMMA

Imigani n’ibitito, vyakoreshejwe kuva kera mu kwigisha n’ugushimangira indero y’aho hambere biracafise ikibanza n’ubu, bikoreshejwe neza vyobandanya bifasha abatari bake.

Clovis NIYONKURU

Umurwi “NINDE” ni umurwi wakujije benshi mu Barundi n’ubu ukaba ukibaryohera kubera ibikino vyawo.

Ruy NKEMMA

Iyo bavuze ko umwigeme agiye mu Burundi bisigura iki, mbega hakurikira iki iyo amaze kuja mu Burundi ?

Clovis NIYONKURU

Intambo n’umurisho w’ingoma n’ivyiza Uburundi bw’irata, izi zigahurumbirwa n’abarundi ubwabo n’abanyamahanga badasigaye inyuma.

MPUNDUYERA

Christophe Matata umuririmvyi atariko arahanagurika mu mitima y’abarundi ubu vuba

Ruy NKEMMA

Leave a Comment