Intunganyo y’imibano aho hambere
Abarundi barayamaze bati : “Ntazibana zidakomanya amahembe”, ahandi naho ngo “ahari abantu hama uruntu runtu”. Muri kahise k’uburundi, vyamye bishika ko abantu bacanamwo, bakoreranira amakosa mbere gushika no kwiciranira abantu. Muri iki gisomwa tuza kurabira hamwe igihano cahabwa uwishe umuntu n’ingene vyagenda ngo abantu basubize hamwe.
Ibihano vyahabwa uwishe umuntu.
Nk’uko Dénis Bukuru, Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi akaba n’umuhinga mu vy’imibano yabitwiganiye, hari ku wa 10 Ndamukiza 2025 mu kiyago cari catunganijwe n’ishirahamwe Share-Net Burundi, ngo uwishe umuntu yaratanga indishi. N’ivyo yabwirizwa gutanga kugira agabanirize agashavu abiciwe kuko ivyabaye vyaba vyabaye, uwapfuye ntiyari bugaruke. Ni uko rero uwishe umuntu « Ashitse imbere y’intahe yahanishwa inka indwi incuro zibiri ni kuvuga 14 hamwe n’ishuri y’icimbaguzo. Muri ico gihe ntibasubira kwihora yaba arishe. Izo nka yazihabwa n’umuryango aho wakorana ukazegeranya, vyanse n’aho yaracibwa mu muryango ».
Igihe vyashika imiryango ikumvikana gusubiza hamwe n’imigirwa ikomeye.
Hari aho imiryango y’abiciwe n’abishe yiyunga ikongera ikarekuriranira kandi igasubiza hamwe. Muti vyagenda gute ?
Muri ico gihe abiciwe umuntu barenga inzoga bakazana igicuga (ituzuye), abishe bakazana inzoga yuzuye, mu ntumbero yo kwiyunga. Abagabo bose baba bafise amacumu hama bakamanuka bose ku mwonga. Denis Bukuru abandanya avuga ingene izo nzoga zanyobwa n’aho bazinywera ati : “Bamanukana intama y’umwero amacumu bakayashinga i musozi bakagenda biramvye ingwa yera bose mu maso. Baba bafise uwitwa umuheza ari we nyene yatanga inkuka ya yantama. Bashitse ku ruzi yafata ya ntama akayica ugutwi bose bakayikarabako, amaraso yayo agatembana n’uruzi. Bakavuga amajambo bagira bati: “Nk’uko aya maraso y’intama y’umwero atwawe n’uruzi niko natwe dukize ubwandu bw’iceyi, kuva uyu munsi turiyunze.”
Vyaca bibandanya bite?
Bahejeje baca bataha bagacanga za zonga, iyari igicuga ikuzura bose bagaca bayinywako Ntivyaherera aho kuko bahejeje gusangira inzoga baca bahana abageni. Umuhungu agatwara umukobwa wo mu muryango w’aho biciwe umuntu, n’umuhungu w’aho biciwe umuntu agatwara umukobwa w’aho bishe umuntu gutyo ubumwe bukaba bwiganje, ihorihori rikaba riratujijwe. Muri make, turabona ko aho hambere eka mbere n’ubu ikibi camye kiba ariko hamye hariho umugenzo mwiza w’uko abantu bashima gutsindisha ikibi iciza kuko nyene bavuga ko ihorihori rihonya umuryango. Mbega umugenzo wo kurekura ubu woba ukiriho canke? Ni aho umwe wese kwiraba.