Utuntu n'utundi

Terry fox umunya Canada yiguze abarwayi ba kansere yo mu kuguru n’ubu aribukwa mu mice myinshi y’isi

Umunya Canada Terry fox ntiyibagirwa kuco yakoze mukwiruka amahanga n’ukuguru kumwe yari asigaranye arondera gufasha abandi.


Terry Fox yavukiye i Winnipeg mugihugu ca Canada akura akunda ivyo kwinonora imitsi nko muvyo kwoga yatanguriyemwo, akurira no mumuryango umukunda cane.
Kumyaka 18, yagize isanganya n’umuduga wiwe ariko asohoka atuma inkungugu nubwo imodoka yiwe yari yononekaye cane. kw’ivi ryiwe niho haboneka agakomere gato ataco kavuze arakavura ariko inyuma y’ukwezi karagaruka abona ataco kamutwaye, ahitamwo kwibandaniriza amahiganwa yari arimwo y’urukino rwa basket.
Mu nyuma vyahavuye bikomera atera ababara cane arahava aja kwivuza, inyuma y’umwaka, abaganga bamutora ingwara ya Kansere ikunda gufata abari hagati yimyaka 10 na 25 ifatira mw’ivi.
Umuti wari uhari wonyene kwari ukumuca ukuguru ivyo bahavuye banakora.
Nuko Terry rero atangura gutambukira ku kuguru kwugukorano, mbere kubera gukunda ivyinkino no kwinonora imitsi, aca aja mumurwi w’abakina basket y’ibimuga.
Terry Fox yahavuye agira iciyumviro co gufasha kurondera uburyo bwo gushigikira abahinga biga ivy’iyo ngwara ya cancer.


Kw’italiki 12 z’ukwa kane 1980, Terry Fox niho yatangura urugendo rw’amezi 18 n’ukuguru kumwe ivyo yise ” Marathon de l’espoir ” urugendo yagenda aregeranya amafaranga abantu batari bake bamenye umugambi wiwe bagenda baratanga kugira bafashe muvy’ingwara ya Kansere.
Terry yiruka n’ukuguru kumwe ukundi kukaba ukwicuma, araheza aca mu ntara nyishi, biza kwanka ageze mu ntara yitwa Ontario, bamupimye basanga kansere yiwe igeze mumahaha.
Mu kwezi kw’indwi umwaka wa 1981 niho Terry yasandaba afise imyaka 23, akaba yashengeye amaze kwegeranya amafaranga atari make angana imiliyoni 22 z’amadolare.
Gushika ubu Terry Fox yama yibukwa muturere tutari duke tw’isi cane cane mu gihugu ca Canada aho banamwubakiye ivyibutso bitari bike, banitirira izina ryiwe ishure yaronkeyeko urupapuro rw’umutsindo (Terry Fox Secondary School)
Ubuzima bwiwe n’ibikorwa yakoze vyanezereje abatari bake, biranakinwa no mumareresi yamenyekanye cane nka ”The Terry Fox Story” canke ”Terry”
Terry yashinguranywe iteka ryinshi igihugu kimuha iteka rikwiriye ndetse n’amaziko yiwe yacishijwe ikibiriraho kumboneshakure.

Muri urwo rukurikirane

Ingwara y’ivumbuka ry’urugero rw’inzoga (alcool) mu mubiri ituma uborerwa utanyoye n’ingwara nki?

Clovis NIYONKURU

Ubutwari bwa Sebastião Ribeiro Salgado 

Ruy NKEMMA

Wari uzi ko igihugu ca Costa Rica kitagira igisirikare?

Ruy NKEMMA

Leave a Comment